IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundikazi batatu bikekwa ko bagiye gucuruzwa bafatiwe mu (...)

Abarundikazi batatu bikekwa ko bagiye gucuruzwa bafatiwe mu Rwanda

lundi 25 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Urwanda cerekanye Abarundikazi batatu bafatiwe ku rubibe ruhuza Urwanda n’Uburundi, abo bafashwe bakaba bikekwa ko bari bajanwe kudandazwa muri Arabia Saudite.

Abo bagore bafashwe kuri uwu wa gatandatu, bakavuga ko bari babwiwe ko baronkewe akazi muri Arabia Saudite, bongera barondererwa ivyangombwa vyose vy’inzira.

Aba bafashwe bavuga ko babitewe n’ubukene bari babayemwo mu Burundi, ari naco gituma bavuga ko bari bagiye kurondera ubuzima, inyuma y’aho baburijwe akazi bakora, aho bakavuga ko bahora batembereza ibadandazwa mu gisagara ca Bujumbura, igiporisi kikaba giheruka kubirukana mu bibanza bakoreramwo.

JPEG - 71.1 ko
Abarundikazi batatu bafatiwe mu mupaka uhuza Urwanda n’Uburundi, bakaba bikekwa ko bari bajanwe kudandazwa muri Arabia Saudite

Abo bagore bavuga ko babwiwe ko baronkewe akazi, baca bibwira ko bagiye gutangura ubuzima bwiza, kuko bari babwiwe ko mu kazi baronse bazohora bahembwa ibihumbi amajana atanu vy’amarundi ku kwezi.

Mu nzira bari gufata kugira bashikanwe muri Arabia Saoudite, abo bagore babwiwe ko bazobanza guca mu Rwanda bagahura n’umuntu abajana baciye muri Uganda, bakerekeza muri Kenya, ari naho bari gufatira indege berekeza muri Arabia Saudite.

N’aho bari bafise impapuro z’inzira zanditseko ko bagiye muri Arabia Saudite, bageze ku rubibe Urwanda ruhana n’Uburundi (Ku Kanyaru) bavuze ko bagiye i Dubai kurangura ibicuruzwa, ariko inzego zijejwe kugenzura abinjira n’abasohoka mu Rwanda zirabikeka inyuma yo gusuzuma ivyangombwa vyabo.

Mu nyuma igiporisi c’Urwanda cabandanije kubabaza ibibazo, bahava bahindura bavuga ko bagiye mu Rwanda, kandi ubwa mbere bari bavuze ko bagiye i Dubai.

Umunyakenya yari kumwe nabo ku ruhande, yitwa Macharia Asman Wachira, ari nawe yategerezwa kubajana, yaciye atangura kubafasha kwisigura, abandikira agapapuro, abasaba kuvuga ko bagiye muri Uganda mu kazi, ariko babanza guca ku muntu ari mu Rwanda akabajanayo.

Ayo mayeri ntiyaborohereje, kuko yaba uwavuze ko agiye mu Rwanda bamubajije agace agiyemwo abura na hamwe yovuga, kuko aribwo bwa mbere yari agihonyoza ikirenge ku butaka bw’Urwanda, atazi n’agace kamwe kagize ico gihugu.

Uwo munyakenya Macharia Asman Wachira amaze kumenyekana ko ariwe ari kumwe nabo, nawe yaciye atabwa muri yompi, ariko yiregura avuga ko afise ishirahamwe (Firdaus Agency) rifasha abantu kurondera akazi hamwe na "Visa" muri Arabia Saudite, akavuga ko yari agiye mu Burundi kuraba uburyo ishirahamwe ryiwe ryokorera muri ico gihugu mu gufasha abakeneye kuja gukorera mu mahanga, akavuga ko iryo shirahamwe arongoye ryemewe n’amategeko.

JPEG - 78.7 ko
Macharia Asman Wachira avuga ko afise ishirahamwe (Firdaus Agency) rifasha abantu kurondera akazi hamwe na "Visa" muri Arabia Saudite

Yisiguye agira ati : "Abagore muriko muvuga bariko bagenda ariko batazi iyo bagiye. Ikindi, iyo uja gucuruza umuntu utegerezwa kuba umuzi, nawe akuzi. Ariko jewe sindabazi nabo ntibanzi, nta n’aho twahuriye. Ni gute wombwira ko hari aho mpuriye n’aba bagore?"

Yamara abo bagore bavuze ko ariwe yababwiye ivyo bavuga, ndetse bakavuga ko ari nawe yabaguriye n’ivyo bafungura, nk’uko bari babisezeranijwe.

Umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda, ACP Celestin Twahirwa, amenyesha ko uwo munyakenya akibazwa ubwa mbere yabanje kwemera ko ari abantu ajanye muri Kenya, kuko afise ishirahamwe rironderera akazi abantu muri Arabia Saudite.

ACP Twahirwa yasobanuye ko ingingo zikomeye zafashwe ku buryo kugira umuntu ajabutse umupaka ava mu Rwanda aja mu kindi gihugu biba bisaba ko harabwa namba agiye vyemewe n’amategeko, akavuga ko uwoshaka kubikorera mu Rwanda canke uwushaka gukoresha Urwanda nk’inzira z’abajanwa mu bikorwa bitemewe n’amategeko bitazomworohera.

JPEG - 56.5 ko
ACP Celestin Twahirwa, umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda

Abo barundikazi uko ari batatu n’Umunyakenya umwe bari mu minwe y’igiporisi c’Urwanda, muri ico giporisi bakavuga ko bazosubizwa iwabo [abagore], ariko imbere y’ukurungika uwo munyakenya iwabo, igiporisi c’Urwanda kikazobanza gukorana n’ica Kenya gukira babanze basuzume namba vy’ukuri iryo shirahamwe Firdaus Agency rirongowe na Macharia Asman Wachira ribaho, kandi ko ryemewe n’amategeko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.