IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira abatwa biyamiriza ababiyitirira mu mirwi itegura (...)

Abaserukira abatwa biyamiriza ababiyitirira mu mirwi itegura amatora

mercredi 15 Gitugutu 2014

Ishirahamwe UNIPROBA riharanira iterambere ry’abatwa ririyamiriza abantu bashizwe mu mirwi itegura amatora mu ntara (CEPI) biyitirira abatwa. Muri UNIPROBA bavuga ko abo bantu baserukiye ubundi bwoko atari ubw’abatwa.

Umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI) yari yamenyesheje ko mu bashizwe mu mirwi y’intara ijejwe gutegura amatora CEPI (Commission Electorale Nationale Indépendante) bashizemwo abatwa babiri baserukira abandi. Mw’ishirahamwe UNIPROBA bavuga ko bakiranye umunezero ivyo vyavuzwe, kuko bavuga ko yari intango yo kwemera ko abo mu bwoko bw’abatwa bohabwa uburenganzira nk’ubw’abandi barundi bose bo mu yandi moko.

Umukenguzamateka Vital Bambanze, kw’izina ry’amashirahamwe aharanira iterambere ry’abatwa amenyesha ko baguye mu gahundwe basanze abo mu murwi CENI bavuga ko baserukiye abatwa ari abo mu yandi moko, abo nabo akaba ari Léonard NIZIGIYIMANA umututsi yashizwe muri CEPI Ngozi, hamwe na Arthémon MUNTUNUTWE umuhutu yashizwe muri CEPI Kayanza.

Umukenguzamateka Vital Bambanze

Egide Nduwimana

Messages

  • Karabaye nonehoaba Tutsi sugukunda inda barataye nu bwoko. Ewe agasuzuguro mwagira noneho harageze Yuko mwiyita abatwa. Batutsi mugeze habi kabisa. Ntakuntu mwoba abatwa kabisa. Iyambike umutamana.

  • si abatutsi i umuntu ba utandukanya ibintu !!Mbe abatutsi dufise agsuzuguro akahe atari ukwikengera kw abantu ..Nubu demovratie ntaho igeza abantu ..Si ukwisuzugura ni amagabura nyama yasaze..None umuhutu avuze ko ari umututsi canke uwundi wese abeshe yoba amenje erega hari inzara ...!!!Tous les moyens sont bons

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.