IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka basabwe kwitondera integuro y’amafaranga ya Reta

Abashingamateka basabwe kwitondera integuro y’amafaranga ya Reta

lundi 21 Mukakaro 2014

Abashingamateka n’abakenguzamateka bahamagariwe kutazotora integuro y’itegeko isubiramwo ingene amafaranga ya Reta y’umwaka w’2014 azokoreshwa kuko zimwe mu ngingo z’iyo nteguro zijanye n’iduzwa ry’ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa ku banyagihugu, n’amafaranga avuye muri iryo duzwa akaba ategekanijwe gukoreshwa mu bisata bitazanira umwimbu abanyagihugu.

Mu nteguro isubiwemwo y’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2014, ibice 2,2 kw’ijana nivyo vyiyongereyeko muyari ategekanijwe gukoreshwa. Muri ayo mafaranga yongerejwe, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyongewe imiriyaridi icenda, ku miriyaridi 20 bategerezwa gukoresha, mw’ishirahamwe OLUCOME bakabona ko iyo ngingo yo kwongereza amafaranga ibiro vy’umukuru w’igihugu bikoresha itandukanye n’umugambi Reta yama ivuga wo gutubika umukanda, ari naco gituma basaba abashingamateka n’abakenguzamateka kutazotora iyo nteguro iko imeze, mbere muri OLUCOME bakerekana zimwe ngingo ziri muri iyo nteguro zigiye kunigira mu menshi abanyagihugu, mu kuduza ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa, kugira ayo mafaranga ashobore kuboneka. Muri iyo nteguro y’amafaranga Reta izokoresha, ingingo ya 41, 42 hamwe na 44 ivuga ingene amakori azoduzwa ku bidandazwa vya nkenerwa ku munyagihugu nk’isukari, ifarini, amavuta, ibinyobwa vya BRARUDI, ibitambara, n’ibindi. Iryo duzwa ry’amakori rikazotuma n’ibiciro vy’ivyo bidandazwa biduzwa ku munyagihugu asanzwe ari mu bukene butagira izina nk’uko bishikirizwa na Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME.

JPEG - 57.9 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Kubwa Gabriel RUFYIRI, kuba amafaranga Reta izokoresha yokwongerezwa, bagaheza bakayarondera ku munyagihugu akenye, bisa nk’ugukama inka itahawe ivyo ifungura, ivyo navyo bikamera kandi nk’ugushaka kwomora umunyagihugu akenye, amafaranga nayo avuye muri iryo duzwa ry’amakori agakoreshwa mu gufata neza bamwe mu bakozi ba Reta, aho yokoreshejwe mu bisata birwiza umwimbu w’igihugu kugira inzara ituzwe mu gihugu.

Mu gihe bitegekanijwe ko muri iyi ndwi twatanguye iyo nteguro y’amafaranga izokwirwa n’abaserukira abanyagihugu, Gabriel RUFYIRI ahamagarira abashingamateka n’abakenguzamateka kutazokwemeza iyo nteguro uko imeze, ahubwo batoze amakori ku butunzi bw’abantu, hako hoduzwa amakori y’ibidandazwa vya nkenerwa ku banyagihugu ba nyarucari.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ewe Rufyiri wavuga ariko ikibabaje ni uko abo ba nyarucari uvuga bo ataco bibabwiye. Peter nibo bamutora kandi aramutse yongeye kwitoza n´aho amategeko atabimwemerera, bazongera bamutore kuko "yabateje imbere cane kubera ibikorwa rusangi vyo kuwa gatandatu" kandi agakina n´agapira hamwe na bo!

  • Uwubizi wotubwira iryotegeko iryariryo ritemerera umukuru wigihugu Nkurunziza kutazokwitoza kuri 2015? Kukosivyiza gupfakugumuririmba ngwamategeko utazi iyobihera niyobiherera, vugati itegekonumero iyi niyitamwemerera kuzokwitoza mazerugire izotugufasha ushobore gutahura.

  • wavuga nukutavura,ntihicubwoko hicintwarombi.twazatuvuga abatutsi ngo batwaranabi ntitwaribwabone,ashingamateka karamahera baronka bagahimbarwa nimiryango yabo,umunyagihu bamubabaye kwiki?nibampema zuzuye,mpemuke ndamuke.

  • Jewe umukuru wabahutu ndavye ubutuzi bwabahutu kuva ntwaye igihugu mbona ko gageze ko mutaga ama taxi meshi ???kuko nabahaye vyishi muriyimyaka ntway??reka kuviriza rero abo batutsi nabatwa batabona ??bajenjwe kutugwanya .nagire mbwire abahutu muvuge muti suma urega DD turaguhaze namacakubiri yawe ??inzara ntiraba ubwoko muti turakurindiriye 2015

  • Kazima turi mumahoro,atamasasu aturi kumugongo,canke imizigo twakorezwa nabo benewabo na RUFYIRI,bamwe twahora twita IBIIIIIII.......NWYA,tuzokora ibikogwa vyokwitezimbere,hama ivyo muvuga kobizoba bizinvye tubigure uko bizoba biri kwose,kuko tuzoba twaronse umwanya woguca agafaranga FB,ariko abazobandanya barez’amaboko ngo bizizana,abo nibo babo baguma bayogora ngwinzara ngwinzara,iyo ruguru mumugamba iyo muvuka amatongo aragaragara,ntakirimwa,namashamba,ariko ukunva ngwinzara!.kuki mutoja kuyarima,mupfume muyateramwo ivyamwa,nibiti bikingira isi,ariko ukaza wunva ngo imirima yumukuru w’igihugu nabandi bayobozi ibaraza ishinga,mukarara mudatoye itiro ngo baratunze,bategerezwa gutunga kuko barabirondera, ahantu president afata isuka akarima,ukunva abonabo ngo ngwizara,nimuje kukivi mukore,mwitezimbere!!!.

  • Basanzwe bayitondera si wewe uzoza kubibutsa ngo bayitondere!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.