IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka bose bumvikanye ku nteguro y’itegeko rigenga (...)

Abashingamateka bose bumvikanye ku nteguro y’itegeko rigenga amatora

samedi 26 Ndamukiza 2014

Imirwi yose y’abagize inama nshingamateka irashimishwa n’integuro y’itegeko rigenga amatora yo mu mwaka w’2015 yemejwe n’abashingamateka ku munsi w’ejo kuwa gatanu. Ivyari vyumvikanwe mu biganiro vyahuje abanyeporitike mu Kayanza vyafatiweko muri iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’abaserukira abanyagihugu.

Mu bikorwa vy’inama nshingamateka vyo ku munsi w’ejo kuwa gatanu, vyari bitegekanijwe ko biga integuro y’itegeko rigenga amatora yo mu mwaka w’2015. Ibikorwa vyari gutangura mu gatondo vyashizwe ku muhingamo kubera abashingamateka batari bwashikirizwe icegeranyo. Nk’igihe c’isaha icenda, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yari atanguye gusigurira abashingamateka impinyanyuro zohinduka mw’itegeko nimero 1/22 ryo kuwa 18 Nyakanga 2009 ryagenga amatora yo mu mwaka w’2010. Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko bisunze ivyavuye mu biganiro abanyeporitike bagiranye mu Kayanza muri izo mpinyanyuro.

JPEG - 2.6 Mo
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mu nteguro y’iryo tegeko yemejwe n’abashingamateka, bumvikanye ko abazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu batosabwa ko boba bafise urupapuro rw’umutsindo rw’amashure ya Kaminuza, kuko bitubahiriza ibwirizwwa shingiro. Mu matora yo mu mwaka w’2015, hazokora ikarata imwe (bulletin unique), amatora abiri ayo muri komine n’ay’abashingamateka akazobera ku munsi umwe, ayandi nayo akurikire. Umwanya w’itora warongerejweko isaha imwe, abazohagarikira amatora nabo bakazotegerezwa guhabwa bose icegeranyo (procès verbal) c’ingene amatora yagenze, ivyo navyo bikazofasha ko ivyavuye mu matora biba ku mugaragaro kugira ntihazogire ubusuma bwibonekeza.

Imirwi yose y’imigambwe iserukiwe mu nama nshingamateka yarashimye iyo nteguro yubahirije ivyumvikanweko n’abanyeporitike bose mu Kayanza. N’abadaharanira ivyicaro vya poritike bamenyesha ko baheruka kera kubona abashingamateka bahuriza ku mpinyanyuro zimwe zisunze umwumvikano wa bose, ku neza y’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ntubona rero,uko niko vyose vyari bikwiye kugenda no kuyandi mategeko kugira ngo mwihesheicubahiro.za murasumaurusaku mubindi bihugu ni vyaba bibagora.

  • Ikiryoahe muri vyose nuko Eduard Nduwimana yagerageje gusigura ko uwudafise urupapuro gumutsindo gwa Licence atokwitoza kumwanya w’umukuru wigihugu hama Charles Nditije akamubera ifuro ryigiti yamurahiye ararengwa Nduwimana aramaramara kuko icamadipolome bagikuyemwo ubu hakazokwitoza umuntu batabanje kuraba impapuro zumutsindo .

    Tukiri kurivyo vyimpapuro zumutsindo mwomenya ko muri cndd fdd hari aba candidat benshi kuko na Adolphe Nshimirimana arashaka kwitoza akaba ahanganye na Bunyoni bosi naba General kandi banganya ama pete nama hera ubu rero nico gituma aba Cndd Fdd baciye bashigikira ivyo gukuramwo ivyo vyama diplôme kuko harimwo benshi bashigikiye Adolphe Nshimirimana .Rwasa yaciye ahatorera akoyoko kuko agiye kuzokwitoza kugiti ciwe

    Kigufa (WASHINGTON-DC) umunamarimwe wa Rwasa

  • Turashimiye abashingamateka kuba bahuriye kumugambi umwe

  • Turaryohewe cane kukungene aba shingamateka bateye ko umuntu yokwitoza kugiti cumukuru wi Igihugu yoba afise Diplome ya licence;;Nkaba nvuga ati mutama Rwasa ugume kumavi Imana dusenga vyose izobikora

  • BARUNDI BENEWACU NDABAKEJE KUKUNTU MWARAYE MWUMVIKANYE KURIZO NGINGO KUKO NTIVYUMVIKANA ABANTU BAVUGA URURIMI RUMWE KOBIBANANIRA KWUMVIKANA GUSA ABATANGA IVYIYUMVIRO BARANDIKMAJAMBO YOGUTERANYA KANDI YOGUTUKANA NKUWU YIYITA NGO KIGUFA AYOMAJAMBO YANDITSE ARAYAFITIYE ICEMEZA KO BUNYONI NA ADOLPHE BAZITOZA ICONOSABA NUKWUMVIKANA MURIVYOSE MUMAHORO NUMUTEKANO KUGIRA URWRUKA BURUNDI BWEJO BIGE BAKURE BAZE BATEZIMBERE IGIHUGU CACU NATWEBWE TURIHANZE DUKENEYE GUTAHA KWUBAKA IGIHUGU CACU NDUMURUNDI MBA AFRIKA YEPFO

  • Ariko biratangaje!bivugako na Maman atize ubu ashobora kwitoza atakibazo c’amashure kimubajijwe?
    mugabo je ndibaza yahinyanyuwe kuberako ubwa mbere bibazako iyo ngingo y’amashure yofata Rwasa none bakaba basanze yaragikemuye

  • Ariko biratangaje!bivugako na Maman atize ubu ashobora kwitoza atakibazo c’amashure kimubajijwe?
    mugabo je ndibaza yahinyanyuwe kuberako ubwa mbere bibazako iyo ngingo y’amashure yofata Rwasa none bakaba basanze yaragikemuye

  • Ni vyiza cane ko abo bashingamateka bokwama biyambika agahuzu,mugutora ivyo abanyagihugu babatumye,bakareka kwisunga ivya CNDD-FDD.
    Abo bashingamateka,nibagondoze abaDD,bo muri muntwaro,basubize imigambwe bene yo. Bareke beneyo baje ku kiviiiiiiiiii. Ivya BUNYONI na ADOLPHE, navyo,baraza bitoze turabe ivyabo.

  • Ni vyiza cane ko abo bashingamateka bokwama biyambika agahuzu,mugutora ivyo abanyagihugu babatumye,bakareka kwisunga ivya CNDD-FDD.
    Abo bashingamateka,nibagondoze abaDD,bo muri muntwaro,basubize imigambwe bene yo. Bareke beneyo baje ku kiviiiiiiiiii. Ivya BUNYONI na ADOLPHE, navyo,baraza bitoze turabe ivyabo.

  • Rwasa Agathon suwejo muri Politique. Abanamarimwe harageze Yuko twipanga maze Mutama Rwasa tumumeneko amajwi maze dushikane isezerano. Bavyejwe na Bunyoni kuko ariwe ategerezwa gusubirira Nkurunziza. Amatwi adusumira akaba atagira na Yagamukama.

  • Turakeje inama nshingamateka y, Uburundi na cane cane abaserukiye imigambwe itari ku butegetsi.

  • Rwose nshimishyijwe nibyabarundi bakoze, njye ubundi uburundu buranezera kuko iyo ugiyeyo waburumuhutu cankumututsi numutwa,urisanzuramo mukuganira nabandi ntacowinona, ntabyingengasi, ntavyokwibaza ngobakwumvirize ngokowobufise ibitekerezo bishigikira FDLR canke RNC nibindi murirusangi uburundi nigihgu ubwokobwose tugezemo twisanzura bikwiye rwose, harurabavuga ko arumutima wa Afrika rwose nibyo.

  • ITANGAZO: -CNDD-FDD irahejeje gutsinda amatora yomu 2015 kumugaragaro,amakungu arorera,izuba ryaka!!.ntamunya politique numwe azokwitwaza ibi nabiriya ngwahave ngo yikure mumatora.indoto zanje CNDD-FDD izotsinda kumajwi96,987%.ibi ntangaje ndabasavye ntihagire umunywanyi w’ikinyamakuru IGIHE vyoturimutsa.

  • Kuber,iki bongeyeko isaha y,amatora?uwo mukenyuro murarabe neza amatara ntazohave acika hinjire amasandugu n,amakenga yanje muntunge

  • Ego nanje ndashimye ariko ntimubona kodufisabantu bazubwenge ariko bakisamaza bafata ibintu bidafitakamaro?jew novuga yuko bobandanya bikubitagashi nokuyandi mategeko bashinye yogukandamiza aba na bariya boyafuta hanyuma igihugu kigaterimbere kandi bareke nimigambe ikore yigenga niho tuzoterimbere ataruko ntahoturikuja
    uwuvuga kafitindoto yuko dd yotwara nibisanzwe gusha nishiribintu mumuco nohanura yuko abanyamigambwe borikanura nimba canecane kubobazorungika kubahagararira mugihe camatora bakabaronse ibintuvyose bisaba ntibasubire kuzuragirika ngobasubire kubibana amatora igiti ntigisubire kubakora mujisho iryakabiri bosanuka cabamenyamaso mugabe nubusuma

  • Biradushimishize nibakosore nayandi mategeko bemeje adafitakamaro abanyamigmbwe namwe harageze komurikanura mugirurunani rwintamenwa
    nkabari mukibiri ADC mutegerezwa kurababantubakwiye baja gucungera amatora na gahambakabo kugendabagafise kugira ntibasubire kubacamwo ngontimubona?karyanagasuzuguro kandi ntimuregarege kandi murwije inyigisho mumihana
    mufatanije nababanyeshure barimumuhira bakaminuza mwigishe nababatamakazi mufatiye kubirigukorw mugihugu
    ok uwumvaniyumve jew ntamugambwe ndimwo kimw ntimuzemusubire kumporogera iruhande nimutarikanura
    mwumvise yuko namasaha yongerezwe yimbago uryahagarariye amatora azosubiravuge koyihenze ubusabumwe murumva karagahumbi ubusa nibunini burinyuma yigiharuro oki

  • Nivyo twahora dushaka!Twanka ko karya kagwi kari kurushi karigendana mu mufuko(ibwirizwa nshingiro)!Rwasa nawe natwereke aho agejeje imyiteguro aje kukibuga bamubone!

  • au moins ca,ariko jew nibaza nta ADOLPHE yokwitoza ngo hagire ico ahanoba.nagomba gusaba imigambwe iri muri ADC ko itosubira kugira ivyo yatugiriye ikikura mumatora harya mwahaye inguvu barya ba DD nico gituma bigirira ivyo bashaka.kandi ntimushira kure umugambwe wabadasigana UPRONA kubera uramfise incabwenge nyinshi ,kiretse urya mupfasoni NIBIGIRA yaje guhemukira umugambwe.ntakeka bavukanye ako kagwi kagipfukamye munda mumisi iri mbere TURAGASEZERERA Mbaye nyakubahwa President yahora arongoye igihugu nawe nyene tukaba tugiye kumusezerera.alors bonne chance et courage mes freres

  • au moins ca,ariko jew nibaza nta ADOLPHE yokwitoza ngo hagire ico ahanoba.nagomba gusaba imigambwe iri muri ADC ko itosubira kugira ivyo yatugiriye ikikura mumatora harya mwahaye inguvu barya ba DD nico gituma bigirira ivyo bashaka.kandi ntimushira kure umugambwe wabadasigana UPRONA kubera uramfise incabwenge nyinshi ,kiretse urya mupfasoni NIBIGIRA yaje guhemukira umugambwe.ntakeka bavukanye ako kagwi kagipfukamye munda mumisi iri mbere TURAGASEZERERA Mbaye nyakubahwa President yahora arongoye igihugu nawe nyene tukaba tugiye kumusezerera.alors bonne chance et courage mes freres

  • Naje mbirampimbaye kubona bikubisagashi bagakoraneza
    abanyamigambwi harageze komurikanura Mutam Rwasa nimburihamwe na ADC nyaragase mwumvikane uwuzobarongora mumatora canke werekane ahuhagaze abanamarimwe namwe mufitakazikenshikogutanginyigisho mufatanije na nabanyeshure bakaminuza nuswara imitumbayose mwigishe babatam nabatamakazi

  • Emwe ba DD muranteye ikigongwe nimureke guta umutwe mushinga amategeko yo gukumira bwaca mukivuguruza mwebwe nyene mukayavanahe ndashimira Mutama Agatho Rwasa kuko yahagaze nkumushingantahe kuko yarazi ukuri,Mutama komera kumuheto igiti kirakurira mubabaji,Banka bemera 2015 harageze Dutore Mutama Rwasa hama dusezerere intwaro zagahotoro,zumugambwe umwe DD

  • Arko abanyekolitike b’Uburundi bagiye gukora bisanzuye pe

  • Arko abanyekolitike b’Uburundi bagiye gukora bisanzuye pe

  • Iciyunviro Canje Ngomba Gushikiriza mutama rwasa Agatho Twagombakoyotwara Yatugiriyeso Koyaciyeabivamwo Ariko Turashimiye Jacke Bigirimana Tumwipfurije Amahirwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.