IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abashingwamanza batatu bituye sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Abashingwamanza batatu bituye sentare mpuzamakungu mpanavyaha

samedi 26 Ntwarante 2016, par egide

Urunani rw’abashingwamanza babatu bituye sentare mpuzamakungu mpanavyaha hamwe n’umukuru w’igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Haut commissaire de l’ONU aux droits de l’Homme), bakaba bituye ubutungane mu guserukira imiryango y’ababuriye ababo mu bwicanyi ndengerabutungane, basaba ko abakoze ubwo bwicanyi boshengezwa.

Mw’itangazo ryasohowe n’abashingwamanza batatu bituye ubutungane aribo Armel Niyongere umukuru wa ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture), Léon Lef Forster wo mu Bufaransa hamwe na Bernard Maingain wo mu Bubirigi, bamenyesheje ko abajejwe intwaro bagandaguye abanyagihugu, ari naco gituma imiryango igera kuri 60 yabituye kugira bayiserukire mu kwitura ubutungane. Armel NIYONGERE amenyesha ko iyo miryango 60 ariyo imaze gushika ibirego vyayo, n’abandi babaka bakibitororokanya kugira bishikirizwe ubutungane.

Iyo miryango ivuga ko yituye ubutungane kugira irwanye ukudahana ivyaha, kandi iharanire ko umunsi n’umunsi abakoze ubwo bwicanyi borengutswa imbere y’ubutungane, bataravye igihagararo bafise mu butegetsi.

Uburundi buri mu ntureka yadutsemwo n’ubwicanyi kuva mu kwezi kwa kane 2015, abantu bagera ku 400 akaba aribo bamaze kwicwa, abarenga 250000 nabo bateshwa izabo, nk’uko biharuro vya ONU n’ivy’amashirahamwe aaharanira agateka ka zina muntu avyerekana.


IGIHE

Messages

  • None abaturiye abantu bakoresheje amapine y’imodoka, bakongera bakicisha amagerenade inzirakarengane, bobo ko mutarabashengeza mur’izo sentare zanyu mwageneye abirabure. Canke kubera ari abaja banyu nico gituma bobo mutabashengeza? Hakushengeza abo baja banyu mugashengeza abivunye aba terrorists birigwa basasika inganda. Ba Pacifique, Maggy, Kiramvu na Buyoya ko mutabashengeza kandi aribo bagumuye imisore y’abatutsi ngo niyice canke iturire ibintu. None ko Buyoya yishe Ndadaye mutaramushengeza muri iyo Sentare yagenewe Abahutu, mugabo nditsinze, nako ni iyagenewe abatutsi. None nimba bidashoboka nimwugurure iy’abatutsi nabo hanyuma mubone kubashengeza nabo. Mbe igihe Abakomagu n’aba sanzesheke (SANS ECHEC) batigije inganda igihe bagandaguye Ndadaye ko mutarabashengeza? Uwishe Ntaryamira none ntazwi? Ko mutaramushengeza? Ahubwo Abahutu nibahaguruke biyamirize iyo Sentare bagenewe. Ninde atazi ko mu Burundi habaye Ihonyabwoko bw’Abahutu m’umwaka w’i 1972? None ko mutarabafata kandi mubazi? Erega ntimwibaze ko Umuhutu akiri wa wundi mwari musanzwe muzi kuriya gihe!

  • ehe.. murabeneza muherekumuziwavyose manda < 3 > uwayizany arazwi mwarimwaratevye

  • irwe igutwara intama ikagutanga kuraka, hagati yabahutu nabatutsi uwukwiye kwitwarirwa nide? muribagiye ibi vyejobundi mu 1993 aho mwasasika abahutu muhereye kuri ndadaye kugezanaho atamuhutu yajabuka ngo agiye muri vile yacagandugurwa bunyamaswa abandi bagaturirirwa mumapine.....uyo mubirigi azobakwegera akarambaraye. ubu vyose turiko turavyibuka....nanyina wuundi yovyarumuhungu. e shishikara basha,

  • mumanze muhere 1972 gushika uyumwakawa 2016 abishe gwagasore ndadaye ntarerugamba nabandi barundi isinzi baramaze kurusoma mbe baciyeuruki?Ntaryamira mbegawewe baciye ugwahe kubakoroyeindege

  • barya bishikanye bazobivuga vyose ahubwo abarega bashobora kuzaba ari batabwa mugihome canke amacuti yabo.

  • Ntangorane rekanamwe abatutsi mwunve umwokero wubuhungiro,hahora hahunga abahutu na batwa bonyene,nane wunwe namwe,abishe ndadaye ,Rwagasore,nabanyeshuri babahutu biga kuri zakaminuza,abatuririye abahutu mugisagara ca Bujumbura nahandi ,abo ntibari abatutsi???.nibo rero baca bitanganiza imbere ngo bagiye kwitwara.Abatutsi mufise ubwibone burenze,ngontimugatwagwe numuhutu nimwemere muyobogwe,kuko ntayindi nzira,kura akagaye nagasuzuguro,mube nkabandi barundi bose.nayahandiho tuzicana dushake duhere twese,ntamwana akirimwo,umuhutu wo65,72,88.93,2002.siwe wunomusi kabisa.TEKEREZA TUBANE.

  • Umwansi Agucira Icobo Imana Ikagucira Icanzo Hari Naho Ivyo Mugomba Atari Vyo Vyoba.

  • tweturihanga ryuhoraho abahutu naho abatutsi bogira ivyarivyo vyose twedufisagaciro nkabana ba islaël ndavyabahutu bapfuy 1972 1988 1993 muga tukaba aritwe tugwiriy par rapport yizombwa za j10 umuhutu wes ahari nashimirimana kuko turihanga rikomeye.

  • Ahubwo mwarimwaratevye nibanyarutse barungike iyo mitahe ahubwo batangure babayoragure abobicanyi basize igihugu nabavyeyi bahetse amaboko ariko ntimwibagire gutangurira kurigitera wewe watumye abarundi tuja murikanokaga kubera ubukunzi bwinda bwiwe turakebuye icc ngwinyarutse icogikorwa kukirango izonkoramaraso zishengezwe mubutungane ububiroroshe babigira kumugaragaro ntibinyegeza

  • Rusakumba,

    None ko ari akarimi gusa ni kuki mutotororokanya namwe ibirego ngo mwiture ubutungane. Nama nihweza ama messages ajanye n’ubwicanyi ndengera butungane bwakorewe Abahutu kuva Uburundi buba Uburundi, nta nahamwe ndumva ngo bituye ubutungane. bavugura aho bari nk’imivuba.Abazi fonctionnement y’ubutungane bazobukoresha kandi ibitwariwe, ndabarahiye ntibagenda batarengukijwe.
    Iture namwe ubutungane mureke kuvuza ugwamo gusa. Ngo muratwara igihugu mutazi comment défendre le droit. Aba DD mwarivye revolution Abarundi.

  • Ngirango murategera ubu ico za nteko mvamakungu zari zigamije kandi n’ubu ntibarahesha.

  • Aba DD aho gukwirikirana ibibazo nkoramutima nk’ubutungane mwishinze kwiruka inyuma y’ibihumbi umugani wanyu, ibiturire, akamwana wa mama,ibikorane ...mwagira ngo abandi barasinziriye. Reka abazi icarico le droit international babereke.

  • IMANISHIMWE KUKOBOSENTIBOBA BANIRYO HAZAHAVAMWOIMVUGAKURI NIBITARIVYOMUZOVYUMVA, TWARARUSHEBADUHENDA, NGWAMATOHOZA BIGAHERERIYO NIBIKUBITEAGASHI BAZOSIGUREUKUNTU INKOZIYIKIBIYAKWINJIRA, MWIKAMBINKOMUHIRAHAMAIGATAHA IHEJEJEGUKORIBARA HAFIMITWE IMIRIZOYABOZEKERA UKURIKUZOZAHABONA BITEBEBITEBUKE IMANIRATUBONA

  • mwarabonye kukuri abanyagihugu bakumenye ngo ni Mandat naho shwiiiiiii muga shira abantu mwibarabara ubu naho ngo mubutungane??????!!!!!

  • None mobakoreye nabi abarundi kontabonamwo abashatse gutembagaza ubutegetsi? Ibiningenga bitekerezo? Harabategetsi bakoze nabi gusumbya rwa Niyombare nabobaribafandikanije ra? Kontamubona ahangaha mwibingibi byanditse!

  • emwe!menge na luis michel birigwa basya batambaye kuko ivyobapanga vyose bica bihinyuka nkarizwa nabo a acat babacangero yoooo!murarushe!!

  • Aha....Ahubwo Bari Batevye Nibarabe Babanyarukirize Ariko Jewe Ntaba Mfite Icizere Ko Hari Nakimwe Bazoshikako Mbe Iyo Witegereje Muburundi Uhabona Gute Ryari Kuri Bbc Gahuza Bavuze Ngo Mubihugu Vyose Biri Kwisi Abarundi Ngo Nibo Batanezerwa Hama Namwe Muvuge Ukwo Je Nzobareka Nimwunvikane Mwese

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.