IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasintanteri bakwiye kuba bafise urupapuro rw’umutsindo

Abasintanteri bakwiye kuba bafise urupapuro rw’umutsindo

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Bujumbura ,igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2013, urunani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike mw’ itegurwa ry’ amatora (COSOME) yateguye muri aka gatondo, uruganda rw’ uguterera mu nteguro y’ amategeko agenga ama komine.

Ihangiro ry’ urwo ruganda ,kwari ukwegeranya ivyiyumviro mw’ inagurwa ry’ amategeko agenga amatora y’umwaka w’ 2015.

Kubw’umushingwamanza Pasitori Nzinahora yatanze inyigisho , igitigiri c’amakomine cogabanurwa kubera muri iki gihe dufise ama komine 129 mu gihugu cose. Ku bwiwe hamwe twofatanya ama Komine amwe amwe hoshobora kwegeranywa uburyo butari buke mu bisata vy’ ubutunzi.Yongeye avuga ko Leta yoharonkera igitigiri kitari gito c’abarongozi babushitse,boteteza imbere igihugu mu bisata bitandukanye.

JPEG - 44.8 ko

Umushingwamanza Pasitori Nzinahora aratanga akarorero ko hamwe amakomine nk’atatu yofatanywa, yoheza akagira akarere kamwe, igitigiri c’ayo makomine cogabanuka kuva kuri 50 gushika kuri 40. Arongera akavuga kandi ko hakenewe ba musitanteri bafise urupapuro rw’umutsindo rw’ igice ca nyuma c’amashure yisumbuye bakaba boshobora guhangana n’ingorane zihanze amakomine mu bisata bitandukanye kuko biribonekeza k’abasitanteri bamwe bafise amashure make.

Kubw’umuhinga, amakomine yorongorwa n’abasitanteri bafashijwe n’inama mpanuzwajambo ya komine. Amakomine ari mu gisagara ca Bujumbura yotegekanya uburyo bwo gufashisha abakozi boba barungitswe gukora mu bisata bimwe vy’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura.
Aheraheza avuga ko igisagara ca Bujumbura cotegekanya uburyo bwo gufashisha amakomine yaco.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.