IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare 1828 bahora kugarukana amahoro muri Somaliya batahutse

Abasirikare 1828 bahora kugarukana amahoro muri Somaliya batahutse

lundi 1er Ruheshi 2015

Abasirikare b’Uburundi 1828 baturuka mw’ibatayo ya 26 n’iya 27 bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somaliya bashimiwe ivyo bakoze,imbere yo kwambikwa imidari hanyuma baratahuka.

Nkuko amakuru ava muri AMISOM abimenyesha,ibirori vyo gusezera abo basirikare bakorera urwego AMISOM vyari birongowe na Lydia Wanyoto, icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,ari kumwe n’umukuru w’abasirikare bari kugarukana amahoro ku rwego rwa AMISOM Lt. Gen. Jonathan Rono, na Joseph Nkurunziza aserukira Uburundi muri Somaliya.

Joseph Nkurunziza aserukira Uburundi muri Somaliya,yashimiye abo basirikare ku gikorwa co kwitanga bakoze,aho yavuze ko imidari bahawe ari ikimenyetso c’uko barangije igikorwa cabo kandi ari icubahiro kuba bagarutse mu gihugu c’amavukiro.

Uwo aserukira Uburundi mu gihugu ca Somaliya yavuze ko ari ikimenyetso c’uko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bubaha agaciro k’umuntu yakoreye iryo shirahamwe.

Lydia Wanyoto, yashimiye abo basirikare ingene bitanze mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Somaliya,bakemera gutanga intererano yabo kugira umunyafrika muri rusangi aronke amhoro hamwe n’umunyasomaliya vy’umwihariko.

Umukuru w’abasirikare ba AMISOM, Lt.Gen.Jonathan Rono ku ruhande rwiwe abo basirikare kuko bihanganye imbere y’ibibazo bari bahanganye mu gikorwa cabo.

Yavuze ko mu rwego rw’ibikorwa vya gisirikare abo basirikare bakoze neza ivyo basabwa gukora mu bushobozi bwari buhari kugira ngo intumbero y’abasirikare b’abarundi mu rwego rwa AMISOM bayishikeko.

Uburundi ni igihugu ca kabiri muri bitandatu mu kurungika abasirikare babungabunga amahoro muri Somalia mu rwego rwa AMISOM.Abasirikare b’abarundi barafashije mu kugarukana umutekano mu gace ka Shabelle kari hagati mu gihugu ca Somaliya..

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.