IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasuma barageramiwe mu gisagara ca Bujumbura

Abasuma barageramiwe mu gisagara ca Bujumbura

mardi 21 Nzero 2014

Ukwihanira mu gisagara ca Bujumbura kwabaye ndanse, aho abantu basigaye bihanira, ugasanga umuntu asinzikarijwe ubuzima izuba riva, ndetse ugasanga bamwe bakubitiwe imbere y’abajejwe kubakingira.

Kuri uyu wa 20 Nzero igihe c’isaha zibiri z’ijoro muri komine ya Nyakabiga, umuntu yarakubiswe n’abanyagihugu bamufatanye impuzu yivye mu nzu, gushika aho ava amaraso mu mazuru no mu matwi, abantu bashengereye, biranka ko bonatabara. Ivyo bikaba vyariko bibera mu Nyakabiga ya mbere, kw’ibarabara rya 16.

Abanyagihugu bakavuga ko iyo quartier abasuma bayigize ikirimbiriro, ndetse akaba ata n’umuntu yoba acubahuka kuja kwihagarika hanze mw’ijoro, kuko abo basuma hari aho ubasanga bari mu rugo, bagaca bagufatirako inkoho, imbugita, imipanga, amahiri n’ibindi birwanisho kugira binjire mu nzu, bihe ibiriyo bigire.

Abanyagihugu bavuganye n’ikinyamakuru IGIHE ivyo bihejeje kuba, bakamenyesha ko ubu bafashe umusuma bamwihanira, kuko ajanywe gupfungwa atamarayo na kabiri, ubu rero bakabona ko abasuma bahevye baratabura ibabi mu kwiba mu mazu y’abantu. Uwo musuma rero akaba yari yikitse inyuma y’akavura kariko kararwa, aca ahitana imipira, amakanzu y’abakenyezi n’utundi duhuzu, aratekera aragenda.

Tukaba twobamenyesha ko abanyagihugu bavuga ko abo basuma baca baja kwinyegeza muri Ntahangwa, canke bakamanukana ishure rya komine ya Nyakabiga, bakaja mu gashamba kari iruhande, bagaheza bakarindira ko bwira kugira barare barayogomvya imihana iri iruhande. Abo basuma rero bakaba ataco bagisiga, uretse ko banura impuzu, n’imfungurwa ziri kuziko barikorera nk’uko abo banyagihugu babitubariye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.