Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo yashengeye afise imyaka 95 y’amavuka, yari intwari ikomeye muri Afrika ndetse no kw’isi yose, eka ndetse akaba yararonkejwe n’agashimwe kitiriwe amahoro ”Prix Nobel de la Paix”.
Akiri mu zima, hakaba hari amajambo makuru makuru yagiye avuga yabaye ntibagiranwa muri kahise, eka n’ubu ayo majambo akaba agifise agaciro. Ni amajambo 21, nayo akaba ari aya:
1.’’N’ubu ntituridegemvya, twaronse umwidegemvyo wodufasha kurondera kwidegemvya’’.
2.’’Kwiga ni (...)
Accueil > Mots-clés > IGIHE_Homepage_Management > newsletter
newsletter
Articles
-
Amajambo 21 adasanzwe yavuzwe na Nelson Mandela
6 Kigarama 2013 -
Ubumwe bw’abarundi buhimbajwe Reta idakwiye
5 Ruhuhuma 2014Umunsi mukuru wo guhimbaza ubumwe bw’abarundi wahimbajwe mu gihugu cose. Mu gisagara ca Bujumbura, uyo munsi watewe iteka n’umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, aho yahamagariye abarundi n’abanyagisagara kuwubungabunga, kugira amahoro igihugu kigezeko ntaze asubire inyuma.
Umukuru w’inama nshingamateka akaba yagarutse ku bishika aho abarundi bagomba gupfa ubusa kandi ari bamwe. Ati abasangiye ubusa bitana ibisambo, abarundi bonse rimwe, ntibari bakwiye kugira n’ikintu nakimwe co (...) -
UPRONA : Inyuma yaho bankiwe kwinjira ku Mugumya, baciye bihereza amabarabara y’igisagara
4 Ntwarante 2014Umunsi mukuru w’urwaruka mparaniramajambere rwa Rwagasore wabaye ukuri kwamye aho biginye imyaka 47 bamaze babayeho, n’aho Francis Ngaruko avugira UPRONA irongowe na Concilia Nibigira, yari yavuze ko uwo munsi utaba batabasavye uruhusha, agasaba abo ba JRR kugirira uwo munsi mukuru mu ngoro yabo iri muri komine ya Ngarara.
Mu rugendo abo ba JRR bagize mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, bari kumwe na bamwe mu bashingamateka ndetse n’uwatowe na komite nkuru y’uwo mugambwe kugira arongore (...) -
FORSC: “Ntihakagire uwuhirahira ngo akore kuvyashitsweko i Arusha”
16 Kigarama 2013Kuva aho bivugiwe ko ibwirizwa nshingiro rigiye gusubirwamwo, amashirahamwe ashika ku 519 ataho yegamiwe mu vya poritike hamwe n’amashirahamwe ashigikiye isekeza bise “ Ntihagire uwuhirahira ngo akora kuvyumvikanyweko i Arusha” yandikiye amakete abategetsi batandukanye b’igihugu na mvamakungu, nk’umunyamabanga mukuru wa ONU hamwe no bafashije mu maserano y’i Arusha mu kwiyamiriza intumbero y’abagiye kurihindura.
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, amashirahamwe nka FORSC, FOCODE, (...) -
Denis Karera yagiriza urwaruka rwo muri ADC ko rurwiza amajambo
7 Munyonyo 2013Inyuma yaho urwaruka ruhurikiye mu migambwe iri mu runani ADC Ikibiri bashikiririje urwandiko umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ikinyamakuru IGIHE cashatse kumenya ico umukuru w’urwaruka ruri ku butegetsi Denis Karera abivugako, mu gihe uwaserukiye Uprona muri iyo nama yavuze ko hari rumwe mu rwaruka rukoreshwa n’abanyepolitike ku mugaragaro nko mu ntara za Bubanza n’ahandi.
Muri urwo rwandiko rwashikirijwe umurwi ujejwe amahoro n’umutekano muri ONU, urwaruka (...) -
Lydia Nsekera yarushijwe mu matora y’umukuru wa FFB
17 Munyonyo 2013Abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi bazindutse barindiranye igishika ibiva mu matora y’uwugiye kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Ayo matora yahuje umupfasoni Lydia Nsekera n’umukenguzamateka Réverien NDIKURIYO yabaye kuri iyu w’Imana igenekerezo rya 17 Munyonyo 2013. Umupfasoni Lydia Nsekera yarushijwe n’umukenguzamateka Réverien NDIKURIYO ku majwi 31 kuri 25, ubu akaba ariwe agiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’imyaka ine.
Kuva kuri uwu w’Imana, ishirahamwe (...) -
Bujumbura: Igihaganwa ry’umupira w’amaboko « Basket 3x3»
30 Munyonyo 2013Mu ntumbero y’umunsi mukuru mpuzamakungu wo kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida uzohimbazwa ku w’Imana igenekerezo rya 1 Kigarama, harateguwe urukino rw’umupira w’amaboko Basketball, rukinwa n’abakinyi batatu « Basket 3x3 ».
Nk’uko Jaad Chris ari mu bateguye ayo mahiganwa abimenyesha, habanza urukino rw’intangamarara ruza kuba kibuga ca Parquet citwa « Terrain Sprite », amahiganwa ya nyuma azoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 1 Kigarama. Aho hazotana mu mitwe imirwi izoba yarushije iyindi mu nkino (...) -
Isamirizi Humuriza igiye gusamirana no muzindi ntara
22 Kigarama 2013Isamirizi Humuriza isamirana mu ntara munani z’Uburundi, bariko bongereza ivyuma ubuhinga n’ubumenyi kugira na ntaryo abarundi bose bakwirikirane ibiganiro ishikiriza, inyuma y’amezi ashika ane irekuriwe gukora k’umugaragaro.
Mu kiganiro yagiranye n’Ikinyamakuru IGIHE, Gateka Saxe Perry azwi kw’ izina rya Gasape, amenyeshako isamirizi yavuye mu ngabirano y’ubwenge Imana yamuhaye, igiye gukora nk’ayandi masamirizi yose yo mu gihugu. Igihe twamusanga ku cicaro c’isamirizi Humuriza iri mu gisagara (...) -
Amasezerano y’i Arusha ntarashirwa mu ngiro yose
6 Ruhuhuma 2014Amasezerano y’amahoro n’ugusubiza hamwe hagati y’abarundi yateweko umukono ku genekerezo rya 28 Myandagaro umwaka w’2000 mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, yatumye intambara ihagarara, abanyagihugu bo mu bwoko bwavuga ko bucinyizwa baraserukirwa mu nzego z’igihugu, umwumvikano n’amahoro navyo biragaruka. N’aho Arusha yashoboye gukemura bimwe mu bibazo vyacanishamwo abarundi, haracakenewe ko ibikorwa bikomeye vyumvikanywe i Arusha bishirwa mu ngiro, nk’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri (...)
-
Aba JRR bipfuza kwiginira imyaka 47 babayeho mu ngoro yabo mu gihe yugarijwe n’igiporisi
3 Ntwarante 2014Umuhari Mparaniramajambere wa Rwagasore JRR urarumije imyaka 47 ubayeho mu Burundi. Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w’uyo muhari ukomoka ku mugambwe wa Rwagasore , umushingwamanza Patrick Nitegeka avuga ko ibirori buca bihimbarizwa ku Mugumya inyuma y’amasaha y’akazi.
Umushingwamanza Nitegeka rero akaba akeza Abadasigana bose baciye muri uyo muhari, eka ndetse agakeza n’aba JRR bose banaguye uyo muhari. Amenyesha ko ibirori vyo kwigina imyaka 47 uyo muhari wabo ubayeho, bizokwiginwa ku (...)