IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alexis Sinduhije na Serge Nibizi ntibashoye kuyaga bahuza muri (...)

Alexis Sinduhije na Serge Nibizi ntibashoye kuyaga bahuza muri ’’Kabizi’’

vendredi 13 Kigarama 2013

Mu kiganiro kabizi gica kuri RPA Ijwi ry’abanyagihugu, ntivyoroshe hagati y’umutumire muri ico kiganiro kiba minsi yose kuva igihe c’isaha zine hamwe n’uwukigirisha.

Ibibazo vyinshi bikaba vyabajijwe uwari yatumiwe. Alexis Sinduhije asanzwe arongoye umugambwe MSD, yari yaserukiye umukuru w’urunani rutavuga rumwe na Reta ADC Ikibiri, aho Leonce Ngendakumana, umukuru w’urwo runani yari yitavye muri sentare gushigikira icegera c’umukuru w’umugambwe Frodebu, Frederic Bamvuginyumvira yari mu butungane, aho amaze iminsi apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Ikiganiro kabizi rero kikaba catanguye bimeze neza, Sinduhije yishura neza ku bibazo yariko arabazwa n’abanyagihugu, ku bijanye n’imyiyerekano yariko arabazwa ukwo itunganijwe, abandi nabo bafise amakenga ku kuntu iyo myiyerekano izoba. Ikiganiro kiriko kirarangira, hakaba habaye ukutumvikana hagati ya Serge Nibizi asanzwe aremesha ico kiganiro n’umutumire wiwe Alexis Sinduhije.

Serge Nibizi akaba yasaba Alexis Sinduhije ko yishura ku bibazo yabajijwe n’abanyagihugu bariko barakura, canke ikiganiro kigahagarara. Kuva ubwo, hakaba haciye haguma ukutumvikana muri studio za RPA Ijwi ry’abanyagihugu, hagati y’umukuru w’umugambwe MSD n’umumenyeshamakuru aremesha Kabizi, Serge Nibizi. Ico kiganiro kikaba uyu munsi carangiye ibintu bitifashe neza hagati y’umutumire n’uwutunganya ico kiganiro, kuko umumenyeshamakuru yakirangije, ibibazo vyabajijwe Alexis Sinduhije bidashoboye kwishurwa, mu gihe yagirije umukuru w’umugambwe MSD Kuba atariko yishura ibibazo yabajijwe n’abanyagihugu.


IGIHE

Messages

  • Hhahahaahaa Sinduhije umenga yasaze!! muraraba ko akomeye

  • mbe aho avuga uko yibazako twese twomukurikira?

  • kuki Alexis atishuye ku bibazo !!Baramuhe umusi wiwe yyivugire kuri RPA na kare niwe yayivukishije.Nibizi nawe si imashini kuko ababaza benshi batumwa n aba dd cane nka Kaburundu ,un petit gars avuga ivya ba dd gusa..

  • kuki Alexis atishuye ku bibazo !!Baramuhe umusi wiwe yyivugire kuri RPA na kare niwe yayivukishije.Nibizi nawe si imashini kuko ababaza benshi batumwa n aba dd cane nka Kaburundu ,un petit gars avuga ivya ba dd gusa..

  • mubisanzwe sinduhije niba ari ishavu dyishi arakwiye kurigabanya kuko sinzi neza ko imvugo yiwe harico ishobora kumushikanako.. hanyuma iciza nuko ivyiyumviro bishikirizwa n’Abanyagihugu vyose vyokwishugwa kuko ntidukeneye kumva oposition yonyene nkuko tudakeneye kumva aba DD bonyene igihugu nicatwese tuzomenya abanyamanyanga nabandi bavuga gusa kugira bashikire ubutegetsi ataco bomarira igihugu hasigaye amezi make ngo duhembe abakoze neza canke tubasezerere... abashi muri mwebwe mwirigwa musemerera turazi background yanyu I m sorry

  • Sinduhije ntiyorongora igihugu,tres emotionnel,agressif,....sarkozi igihe yatsinda les emotions zuwo bahiganwa zaramufashije,nahebe politique si iyiwe!

  • kabizi nayikurikiranye kuva igitangura, Serge ategerezwa kuba ahengamye n umu DD c est sur muramaze kunva yatumiye ba nyababend na onesme arabareka bakavuga uko bashatse, kuberiki sinduhije

  • Uyo mugabo politike yamunaniye,mugabo na journalisme agomba gusubira muri stage kugira ayisubiremo,kuko imyifato yiwe ku aradiyo irateye isoni.umunyagihugu avuze ngo ntituzoja mw ibarabara,aca avuga ngo avuge ku gatwe kiwe,mugabo ababaza bamushigikiye bavuze ngo tuzoja mw ibarabara yabareka kandi azi ko nabo bavuga ku gatwe kabo ntawe baserukira.harakantu, abaye umutegetsi amaradiyo atamushigikiye yose yoba agowe!avant yo kwigisha le povoir dufise Respect ,azobanze nawene ayige .MY OPINION!!

  • hahhahha mbona bikaz bigez hiyo hose

  • Ikiganiro nagikurikiye ,hanyuma vyukuri vyantangaje umuntu nka Sinduhije yitwara ukuraho mw,Iradiyo yategerezwa wenyene kubaha ubwambere, icakabiri akubaha abatumiri ntabatukire kw,iradiyo, akongera kandi yarakwiye kuba uwuri kukazi come Serge Nibizi jewe ntawe nzi arikonamukundiye ukuntu ari juste. Birarabaje kubona Sinduhije atega amatwi Nakuru wiwe Rose,arikoagaha umugongoabeskope. Kwiyumvira ko azosenyura Leta ivyo nivyiwe ariko ndibaza kovyogora .
    Muncamake Serge Nibizi arakwiye ikidaric,akazikeza. Sinduhije yakubiswe n,inkuba gushika aho ata equilibre imbere y,ibibazo vya bwana Kaburungu,nkaba ntorangiza ntashimiye Kaburungu nk, umunyagihugu yabijije urwuya Sinduhije Alexis imbere ya micro.

  • Kaburungu yakoze neza kabis! Ntaze asubire kwishira hejuru

  • Serge Nibizi Urumumenyesha makuru pe!! ni wewe uzineza umwuga wawe koko,urakwiye umudari wumwakaka,Alexis Sinduhije pole sana,warahahamutse,poritike ntiyoroshe yakunaniye,kandi igihugu s’incana,ni c’abagabo.

  • Ishavu ntiryubaka kandi akarenganyo karatuma umuntu avuga ivyo atovuze! C’est vrai k Sinduhije afise colère kandi nanje ndi we nirigira kuko Serges ndamaze kumwumv kensh,arakunda kuba intéressé,motivé, ak’insista kubibazo vya opposition,vrma sois impartial natw vyodufash!

  • Ewe Burundi uragowe. Uwo niwe mutegetsi mushaka nka Sinduhije, atera ubwoba umunyamakuru ngo atavuze ivyashaka ngo ntazosubira kuvugira kuri micro. Aho ntimubonako yerekanye kagasuzuguro ki gi sans échec??? Wapi nibaba aribo BA super democrat twitezeko urukiza turacagowe nukuri.

  • Alexis Sinduhije yubahutse abwira umumenyeshamakuru wokuri radio RPA Serge Nibizi ngo ahagaritse ikiganiro nguzakubarumusi wanyuma wokuja kurimi croro kukanzikiwe kubumenyeshamakuru? niyaba Alexis yavyubahutse akabivuga ndemeyeko ikinyoma kimara umusi ariko ntikimara umwaka,Rekanibutse abarundi namakungu, Alexis siwe yavuzeko uburenganzira bwabamenyeshamakuru mu Burundi butubahirizwa? Bamenyeshamakuru biwacu Burundi muzemuririnda bamwe mubanye politique bongaho mu Burundi haryamurimubibazo mukabona bariko barabafasha gutera urwamo ntikubarukubakunda oya! bababishakira kwitereramwo iturufu ryabogusa ngomubakunde gusumvya abandi kandikumbure mumitima atahobataniye nabomuriko muragiriranira ibibazo. Rekandangize nibariza Alexis utubazo tubiri:? Mbenga Alexis Serge wabwiyeko arumusiwanyuma wogufata micro ugombumwice? canke urafisububasha bwokumukura mukazi? ariko kumukura mukazi ntibisigurako wocawitwa umusiwanyuma wogufata micro! kuko uwomumenyeshamakuru nduvarigihangange ntiyobura ahoyokora iyokazi tokumenyeshamakuru , ahubona jewendikondandika ndikondashaka gushira radio ngaho i Burundi mumwaka wa 2015 namenye kwadakora nocandamuhakuba umukuru wuruganda wiyo radio yanje Serge ndamwemeye arazi icobita democratie peee.

  • Muvyukuri sivyiza gutukana.ariko namw muriko muratukana kand sivyiza rab nkuyo ariko aravug ko sinduhj arumusazi ivyo namakosa guhanurana nivyiza bituma umuntu yikebuka.mbe ko serge yagumy amutegeka ngo niyishure ivyo abajijw erga muri politic wishura uko uvyumva ntiwishura kugra ushimish uwukubaza na serge arimwo amahinyu kandi abimaranye imisi ahubwo twomusaba ko naw nyene adahinduye guhengamira kuba DD ko yokinjura murico kiganiro kigakoresha uwundi.hama sinduhje nawe nagabanye ishavu,abe yishura neza nkumunye politic ntagre ubwoba dufatanye munda iyontwaro mbi twese turayibona tuzoyisezera vuba cane murakoze.

  • Birababaje cane kabisa... . Abarundi nibo bivugiye ko izina ariryo muntu. Uyo muntu Sinduhije namwumvirije muri iyo kabizi ivugwa numva arateye imbabazi vyukuri. Kubwira umumenyeshamakuru ngo: « Gisozere (ikiganiro ca kabizi) tuze turabe ko uzosubira kuvugira kuri iyi micro niwaba uri umugabo ». Mbega ubube gitooo !!! Uyo mu journaliste Serge Nibizi ni umuntu w’intwari (n’ubwo ntamuzi namba); yihagazeko n’ubwo vyogenda ukwo bishaka. Turiyamirije iryo terabwoba ku bamenyeshamakuru. Nizere ko n’abandi ba journalistes bagenziwe bamanifesta bakamushigikira. Urabona ?!!

  • Uyo mugabo ahjj kwishura aratukanye kuberiki avuz kwarumusazi iyo ngendo siyo,numumenyesha makuru yiyerekanye aho ahagaze.ikindi naco sumumenyesha makuru ajejwe kwemeza uwatumiw koyishuye ibitarivyo,umemenyesha makuru arabaza gusa ntakindi.serge naw yiyerekanye nubwo twahora tumukenguruka mumwuga wiwe,arahindura vuba ahandiho bigy kumugora

  • Uyo mugabo ahjj kwishura aratukanye kuberiki avuz kwarumusazi iyo ngendo siyo,numumenyesha makuru yiyerekanye aho ahagaze.ikindi naco sumumenyesha makuru ajejwe kwemeza uwatumiw koyishuye ibitarivyo,umemenyesha makuru arabaza gusa ntakindi.serge naw yiyerekanye nubwo twahora tumukenguruka mumwuga wiwe,arahindura vuba ahandiho bigy kumugora

  • Ahubwo biratangaje?????

  • Yaba umushingantahe Alexis Sinduhije, yaba Serges Nibizi bose bakoze amakosa. Bose batwawe n’agashavu bararengeranira akarimbi.
    1. Serges ntashobora gutegeka umutumire ivyo yishurako. Ndi hano muri Amerika ariko nama mbona iyo umunyamakuru abajije ikibazo, canke abanyagihugu bakabaza, Umunyamakuru atanga micro. Ashobora kwibutsa ivyo babajije ariko ntategeka uwishura ngo utegerezwa kwishura ibi bibazo ngo wanes ikiganiro kirangire. Umutumire afise agateka kiwe. Kuko kuba aba yahagaritse imirim ye akitaba akiganiro, ntiwoca umukangisha ngo urugara ikiganiro umwanya Waco utarahera.

    2. Sinduhije nawe niko kw’uko. Ishavu ryamurushije inkomezei, aca apfa ivyo avuze. Ntabwo ari vyiza kuvuga ngo cugare maze ndabe ko uzosubira kuvugira kuri no micro. Nacumvirije ndatangara cane. Biraboneka ko yacumiswe niryo jambo rya Serges aca ananirwa kwigumya.

    Bose rero ntibifashe neza. Bibagire biherere aho. Na Mandela ntaco yagize abamufunze 27 years.

  • afise agashavu kenshi gusa ubundi arakomeye.Ndashimiye Serges ingene yavyifashemwo kandi arazi kwihangana n’iyo abantu batukanye arabumviriza akabahanura!
    Kandi hamwe hogira ikiba kuri Serges,RPA noca ndayikurako amaboko kuko yoba ihengamye naho ndayikunda ndayumviriza ndi mu Mahanga!Imana ifashe uburundi

  • ntibitangaje na gato.uwutari bwumv akava muriw nakumv.mbe umunt atibanga umukuru wigihugu yokangwa numumenyashamakuru.je sinduhije ndabona umenga ariko arakura indero yahaw iramaz Imana imufash ntihagire umwana we azoyitorana kuko kuba mubarundi bizomugora.kiramvu ati ni AKAMUNA.nze numva umumenyeshamakuru wa RPA asohora ururimi kurivyo atari igihangange Serges NIBIZI.

  • Ups! Ntushobora kuvuga ko uzosenyura inzego, munyuma naho ko umenyesha makuru atakuretse ngo uvuge ayo ushaka uvugengo azoba asezeye micro. Too much emotional. Sinduhije narekere poritike abandi. Sinkunda Polirike ariko ico kiganiro cari tres interessant. Mubihugu biteye imbere Serges yategerezwa kwitwara Alexis akamusigurira ikintu agiye kumugira. Mais.... Ingorane n’uko ama Radio yose afitaniye isano n’imigambwe selon icobayakoresha.

  • Biratangaje cane kubona ikiganiro caheze umanya waco utaraherakubera ukutumvikana hagati ya sinduhije na serges!umutumire ntushobora kumutegeka ngo ishuri ibi ngo canke nugare!urumva uba uri kuri mission!ariko sinduhije nawe agashavu kamutwaye aca avuga ivyo atarakwiye kuvugira kwiradiyo.serges mugabo arakiye kwihanurakuko jewe nama numva ingene aremesha ikoganiro harigihe ahengamacane cane kubutegetsi.

  • Jewe narababwiye ko uwo mugabo Sinduhije anywa ikimogi hamwe nibindi biyayuramutwe muraharira! None ntimuvyiboneye? Akataraza kari mu nyuma. Mbega uwo mugangabutsi niwe agomba igihugu? Nateshwe ate. Turakeje Serges Niyibizi. Uri umugabo!

  • Ico kiganiro nacumvirij cose.Serge ndamwemera cane,mbere nkeka atawundi mujournalist tuzoronka vuba amwababa.Sinduhije yibaza ko politiq yoroshe?Nayirekere abayishoboye,wewe vyamutaye kuwamazi.Ntama émotions muri politique!

  • nukuri sinduhije arashoboye kumukura mukuzi mugabo yobayimaramaj kandi nawe ndamuzi avuga nabi niba ashakigihugu yige kugwany ishavu nokuvuga amajambo asosa!!!

  • nukuri sinduhije arashoboye kumukura mukuzi mugabo yobayimaramaj kandi nawe ndamuzi avuga nabi niba ashakigihugu yige kugwany ishavu nokuvuga amajambo asosa!!!

  • nukuri sinduhije arashoboye kumukura mukuzi mugabo yobayimaramaj kandi nawe ndamuzi avuga nabi niba ashakigihugu yige kugwany ishavu nokuvuga amajambo asosa!!!

  • nukuri sinduhije arashoboye kumukura mukuzi mugabo yobayimaramaj kandi nawe ndamuzi avuga nabi niba ashakigihugu yige kugwany ishavu nokuvuga amajambo asosa!!!

  • nukuri sinduhije arashoboye kumukura mukuzi mugabo yobayimaramaj kandi nawe ndamuzi avuga nabi niba ashakigihugu yige kugwany ishavu nokuvuga amajambo asosa!!!

  • nukuri sinduhije arashoboye kumukura mukuzi mugabo yobayimaramaj kandi nawe ndamuzi avuga nabi niba ashakigihugu yige kugwany ishavu nokuvuga amajambo asosa!!!

  • Ewe Burundi waragoye abantu bose bigira abakuru. Jewe Sinduhije naraye nkuyeko amaboko ahubwo n’abantu bose bari inyuma yiwe nibave inyuma y’abantu batazi politike.

    Narekere Abatama bakera bazi ico bakora. Nagende abaze Abo muri Uprona ibicocoro muri Politike Bamwigishe.

  • Ewe Burundi waragoye abantu bose bigira abakuru. Jewe Sinduhije naraye nkuyeko amaboko ahubwo n’abantu bose bari inyuma yiwe nibave inyuma y’abantu batazi politike.

    Narekere Abatama bakera bazi ico bakora. Nagende abaze Abo muri Uprona ibicocoro muri Politike Bamwigishe.

  • Abo bariko bavuga ko serges afise ikosa sinzi ico bishimikije.Serges yariko akora akazi kiwe,ikiganiro kirafise ingene gitunganijwe. Hariho umwanya aha umutumire akavuga ivyiwe vyose abazwa n’umumenyeshamakuru gusa. Hakaba n’uwundi mwanya abanyagihugu babaza umutumire kugira abishure. SINDUHIJE rero yari yabajijwn n’abanyagihugu kugira abishure na canecane ko umwanya wariko urarangira,aca atangura kuvuga ivyo atabajijwe. None mwashaka serges ace amureka akore ivyo ishaka? SINDUHIJE arazi icatumye yikura kuri RTNB none nivyo akorere kw’iradiyo yahoze arongoye. Serges yakoze umwuga wiwe kandi ni umumenyeshamakuru abushitse. akora akazi atankunzi abantu nka serges nibo twabuze muri kino gihugu cacu.SINDUHIJE:" Sozera nimba ur’umugabo urabe ko uzosubira kuvugira kuri iyo micro." SERGES:" Nihano noneho kino kiganiro kigarukiye..." courage serges uri UMUGABO.

  • Burundi iracakeneye abanya poritike kweri kuvyo n’iyumviye kwagatano mr alex yamaramaje umugambwe wiwe mr serge uri umugabo wihagararako ndakwemeye

  • Serge Nibizi,Arakwiye kuregurubanza akabaza ijambo Sinduhije yamubwiye ngo ahagaritse ikiganiro ngo uzakubarumusiwiwe wanyuma wogufata micro kugira Sinduhije asigurire umuryango wa Nibizi,abarundi namakungu ukobizogenda kugira Serge Nibizi ubumusiwanyuma wokuja kuri micro. Ntimubikitatishe kugerubu abarundinkabose bararindiriye kumenya ijambo ngo numusiwanyumawokuja kuri micro, Sinduhije uhirwe Serge ntatsitare! kanditagire ikibazonakimwe kukazikiwe ubabarundi nkatwese dushinzijisho kumumenyeshamakuru Serge Nibizi.

  • Sinduhije Alexis n’umuhinga mu mikomo gusa bibonekako atandero agira, kandi mumenyeko asanzwe ari umunwarumogi, mutohoze neza murabe abo bigendana

  • NIBISANZWE KWIHENDA KOYASAVYE IKIGONGWE NTAMUNTU YISHE NABISHE BAGAFUNGA ABANTU NTACO BABA NKESWE UWABITEWE NISHAVU.ATERWA NABABISHA.

  • Abarundi bamwe bamwe mu vy’ukuri barafise ibibazo. Kuki bakunda agapfa? Mbe abo banyepolitike muvuga bazi kuvuga neza ni bande? Ni bamwe batuka abarundi ngo ni MUJERI? Mwikebuke. Burya Sinduhije n’ubwo ntamuzi neza, uravye ukuntu umunyamakuru yifashe imbere yiwe, hari kuvugwa n’ibisumba ivyo yavuze.
    Mbe burya muhoramufata akanya ko gukurikirana amakuru y’abandi banyepolitike bakomakomeye kw’isi? Nabo nyene karabacamwo bakavuga amajambo ataryohera ugutwi. None mweho ntubona ko hari abari kumutuka ngo ni umusazi, ngo anywa urumogi. Ikibi si ukugwa, ikibi ni ukugwa ukagumayo. Serge nawe arakwiye gusaba imbabazi kuko inyifato yiwe ntabwo yabaye nziza.

  • Ni kijuju tout cours!! Ni ba policien baronka akanya bagashaka kuvuga vyose nivyoatabiajijwe lero iyo ni manque ya maturite politique avec ignorance, bivanze lero nubwishime nakagaye !!! Nimab ar umuabo arashira mu ngiro menace yahaye Serge turabe!!! 2. RPA niyabantu bose, nimba muyibona kniyumurwi umwe ex Tutsi gusa , aho muri besha caaane kuko ntaho twoshika!!!

  • None ko SINDUHIJE yashavujwe n’umuntu umwe nka Serges, ubwo bishitse agashikira ubutegetsi abanyagihugu benshi bakaja mw’ibarabara nkukwo ariko arabibasaba ngo barijemwo, azoca ashavura bigeze hehe. Ko yavuga ko Serges azibonerako, abanyagihugu bobo ngira vyoba ibindi.Politique iragoye gose. Uwushaka kuyikina yobanza kwisuzuma gose akimenya ukwo ateye imbere yo gufata ingingo yo kuyijamwo.

  • Serges ni Umushingantahe, kandi yerekanye ko ari umumenyeshamakuru afise ubumenyi n’ ubutwari bwo gutunganya kirya kiganiro KABIZI. N’ akomere kumuheto.

    Nawe Sinduhije vyamunanire kunyegeza indero nke, akagaye, ubwenge buke n’ ubwishime vyiwe. Kandi ibi amenye ko Abarundi bazoguma babimuhanurako.
    Abibaza ko Serges ati akwiye kwotsa agitutu Sinduhije ngo yishure ibibazo yabajijwe barihenda.
    Muri KABIZI, uruhara rwa Serges ni uko aba magabo ngo umutumire canke abanyagihugu ata numwe atuka uwundi. Serges afise kandi uruhara rwo kuba magabo kuburyo umutumire yishura ibibazo vyabajijwe, kandi akaraba ko umutumire canke abanyagihugu batavuga ivyo yishakiye.
    Mugihe Sinduhije agaye abanyagihugu agatangura kuvuga ivyo ashaka yitwaje ngo niwe yashinze RPA, Serges yategerezwa guko akazi kiwe, kandi yabikoze aramubuza. Komera Serges.

    Nayo Sinduhije yaraye arwiciriye: « Niwe yatanguye kugaya abanyagihugu abahana n’ imbwa. Ejo niyo yaronka ubusa(0.000%) ntaze asubire kubesha ngo amatora yibwe.

    Ni ukuvuga ko, nimba Sinduhije adashoboye kugabanya uwo munwa wiwe usongoye nk’ uw’ inkomvyi, n’ ave muri politike asubire m’ ubumenyesha makuru.

  • Jewe mbona icokorwa ari ugusengera UBURUNDI bwacu kugira ntiburwe mukaga ntidusubire aho twahoze.

  • Harabantu bandika ibintu uwubisomye akumva neza ko nibeau d’analyse yabo iri hasi caaaane. Icambere Alexis SINDUHIJE yarakoze amakosa yo gushwanira kw’iradiyo akongera agashwana nuwujejwe ikiganiro. Mugabo amatwi ansumira yarabisavyeko ikigongwe kandi ntawudakosha ikibi nugukosha hama ntiwemere amakosa ngo usabe imbabazi. Mugabo intango ya vyose nibaza ko ari uwo mumenyesha makuru vyabonetse ko ahengamye mukumukarira no kumuciramwo umwanya wose yagire yishure canke ashikirize iciyumviro. Umenga yari yatumwe kuko bazi kuwundi akaza ishavu ariko ararenganywa. Gushika naho hatelefonye umuntu (Mme Rose) akamubaza igituma wewe baganiriye bahuza. Hakaba n’abandi nka KABURUNGU yahoze muri MSD atararangurwa na DD, yamubajije ibibazo amubeshera, amukarira, amuvugira ivyo atigeze avuga mugabo Serges akamureka. Serges yatanguye Kabizi ataho ahengamiye mugabo ubu birateye isoni vraiment. Biboneka ko nawenyene baza baramukoze mukiganza, ubona ko u Burundi buvurwa ko ari ubwambere mukurya ibiturire. Mbe mbaye uwuraho, aho mukarira Alexis, abise abandi za Mujeri, mwabavuzeko iki?uwabivuze yatutse abatwara, ajejwe gukorera kandi aribo bamubeshejeho. Serges nagire nkuwundi, asabe ikigongwe kandi yikosore amere nkuko yatanguye Kabizi, nayahandi bazoreka kumwitaba. Kare aba DD nka Ministre wa interieur n’abandi nibo batinya kumwitaba mugabo ubu nibo borohewe murico kiganiro kandi batahinduye uko bakora.ivyo birafise ico bisigura Mr Serges.Corrige toi nimba amazi atarenga inkombe.

  • steven sigura ingene yoshobora kumwirukana mukazi ? budya bushingantahe yerekanye bwumviswe nigihugu cose akazi aragashoboye yoronka nakandi

  • "None kirangize, ko ur’umugabo urabe ko uzosubira kuvugira kur’iyi micro."

    Emwe mwa bantu mweeee!!,ako n’akamaramaza kur’uyu mu perezida.

    Nahora nibaza ko nzomutora mu matora ya 2015,none mbonye ko ivyivugo vy’umugambwe wiwe biguma bijoboroka."ukuri n’ubuntu". rero ntibikenewe ko ndamutora kuko mu mutwe wiwe hashuha nka phone irwaye karite-mere.

    eka mubisanzwe,umuntu ashuha mu mutwe,ntiyoshobora kurongora igihugu gisanzwe kigoye kurongora nk’uburundi.

    nagende anywe zirya mbabi z’urumogi hanyuma politiki na yo ayirekere abatuje mu mutwe.

    hanyuma ngaruke kuri Nyakubahwa Leonce Ngendakumana,
    erega mutama amazi n’umuriro ntaho bijana.

    kuko nca ntangara nkibaza nimba birya ari vyo nyakubahwa Leonce yoba yari yatumye Sinduhije.

    aho kwishura ibibazo vy’abanyagihugu,ahubwo yabatutse ko bavuga aya muhe!
    none uwo n’umukuru,canke ni umukungu?

    nsabe nyakubahwa Leonce ko iyo bimugoye agafatirwa n’ayandi mabanga ko atoza aratuma abakungu ngo bamukorere mu ngata.
    kuko Leonce we n’umutama atuje mu mutwe kandi nya we.

  • abantu tumeze kwinshi hariho abumva banezerewe kubera habaye ugucanamwo hagati ya Alexi na Serges bakaba barose aho bavugira umuntu nabi.nivyo Alexi afise ikosa kuko yakoreshejwe nishavu avuga vyinshi ariko turikwisi umuntu aravuga nabi gikuru nuko abona ko yavuze nabi hama agasaba pardon abaca baheraho bamutyoza nabari basanzwe batamushigikiye sinon abavuga nabi bama bavuze

  • Mbega umuntu nka sinduhije ubona atandukaniye he na ba radjabu? ibijuju gusa bitwagwa nishavu. Sinduhije atwaye igihugu nivyahuha bizohuhuka!
    Bravo àserges , vraiment ntaho ahengamiye !

  • Umunyepolitike wese aramutse aja kw’iradiyo, abwirizwa gutegura ivyo avuga hama akirinda kwiteranya n’abo bamutumiye/journalistes hama, cane cane, n’umunyagihugu. Ikiganiro kabizi Alexis Sinduhije yagiranye na Serges Nibizi, biragaragara ko ataciteguriye amenye n’inyifato ikwiriye ku bamwumviriza. Ego, gusaba ikigongwe ni vyiza. Ariko kuvug’amajambo mabi nko kudahwa ubutegetsi, ni ukubigir’umuziro. Ishavu ntaco rishikako atari ukononer’umuntu. Haba mu kiganiro du 15 Juin 2014 "En toute intimite" de Jabo Jean-Marie, imvugo n’insiguro vya notre frere president du Parti MSD, Alexis Sinduhije, birateye amakenga. Erega ni aho nyene qu’on evalue les differentes et futures personnalites d’un pays.Ukuri kurafis’ukuntu kuvurwa hama twese twaraciye mu bwana. Hari ibintu bitey’isoni twagiye duca mwo, ariko abarundi tugeze mu zabukuru, tutubahuka kuvuga nk’umenera inda ku rukumu. Mumbabarire... koko Alexis Sinduhije arakwiye kwiga kuvuga canke plus de stage de formation pour pouvoir poursuivre sa politique. Nayo ahandi, kuyobora igihugu c’u Burundi, biramuroka peeeeeeeee. Hasigaye ko acisha bugufi atege anitegurire neza kuja mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka. N’ico mwipfuriza kandi nta yindi mpanuro mbona imubereye mu Burundi.

  • Nukuri birateye isoni kubona Sinduhije yerekana ko ari umu voyou akwiye kandi ntaho atandukaniye na ba kagame ahubwo nasabe ikigongwe atarukwo natange imihoho muri MSD . murakoze

  • haaaaaaaaaa noneho ahiwacu uvuze nabi ck ugakora nabi niho uronka promotion ntubonako ababantu bamaze abandi aribo badutwara??? j sintangara rero iyo umuntu akoze nabi peut être abaziko agira ashikirwe ariko atishe ngira ntazoshikirwa.Donc gushavura bibaho

  • Ahubwo muraraba neza akari inyuma karahinda. Biraboneka ko uwo Mugabo Sinduhije ariko aratera ubwoba abandi bamenyesha makuru ba RPA ngo ntibashire ahabona ukuntu bariko baracinyizwa n’ uwo Mugabo Sinduhije yitwaje ngo RPA ni iyiwe.
    Ko twari tumenyereye ko iyo hagize umunyapolitike avuga nabi abamenyeshamakuru cane cane ba RPA nka Kiramvu bahora baca bihutira gukora “analyse logique†ivyo Kiramvu na RPA bita “kubica bisha na bisha†, none ko Sinduhije yaraye amenje akanya aho atema agatuka abanyagihugu hamwe n’ iradiyo yiwe RPA, ko ata gakoma? Bose bamutera amashurwe ngo ni akarorero keza.

    KIRAMVU, aho ntiworuhinda ibi bitutsi vya Sinduhije ukabica na bisha, ugasigurira abarundi ukuntu uyu mugabo Sinduhije ari umugome, ataco yubaha kandi afise indero nke nkuko wama ubigira ku bandi ba nyapolitike bitwara ukwo bishakiye?

    Ibi birerekana ko muri RPA hari umwuka w’ iterabwoba uvuye ko umumenyeshamakuru yokwihenda akavuga agacinyizo n’ iterebwoba Sinduhije agirira abamenyeshamakuru ba RPA yoca amwirukana.

    Nayo Serges we ntahendwe n’ ivyo bigongwe vya Sinduhije bitavuye ku mutima. Emwe niyimbe yigera arondere ahandi hari mikro kuko ejo canke hirya yejo azomwirukana nkuko yavyemereye abarundi.
    N’ abandi bamenyeshamakuru badakomera amashi Sinduhije bazoca bakwirikira.
    Birateye isoni kubona Sinduhije ariwe ariko arasambura iradiyo we nyene yatanguje. Niyo yaheza gusambura iradiyo yiwe RPA, azoca akwirikiza MSD. Banywanyi ba MSD muragowe kuko mwakwirikiye umusazi ataco yibanga.

    Sinduhije nasambure iyo radiyo yiwe RPA na MSD yiwe, mugabo amenye ko Abarundi tutazomwemerera ngo asambure Uburundi

  • sinduhije yavyitwayemwo nabi kubera i radio ari rwiwe

  • je sivyumv kakomorana nkinkom union fait la force uwumukunda na muhanure nimba atabizi ivyo avug ndamuvumy umuvyeyi asa nuwundi iyo radio nayo ntimutere amanyama bizomuhimyukana we gusa naruunke neza anwa rwishi ruzomwic non ubon uwmuh igihugu urumogi rworimwa nkitanga wizi

  • Nibatwugururire rpa yacugusa ibisigayevyose nibisanzwe

  • Kub sinduhij yasekwishur,kubibaz ryabanyagihug,nuk abonakoyabahenze,kubashuhurir mumabarar,naw yahunze urumv,yabony kwarukubatamurudu,niyikebuk yishu?

  • Kub sinduhij yasekwishur,kubibaz ryabanyagihug,nuk abonakoyabahenze,kubashuhurir mumabarar,naw yahunze urumv,yabony kwarukubatamurudu,niyikebuk yishu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.