IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Aborozi borema ku bijanye n’ikiza c’indwara y’ingurube biketse

Aborozi borema ku bijanye n’ikiza c’indwara y’ingurube biketse

vendredi 31 Nzero 2014

Mu gisata kijejwe amagara y’ibitungwa barahumuriza ku bimaze iminsi bivugwa n’abarorozi bo mu ntara za Bubanza, Kirundo na Muyinga ko hari ikiza c’indwara gitera ingurube "peste porcine africaine" coba cashitse mu Burundi.

Mu kiganiro n’abanyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 30 Nzero 2014, umuyobozi w’igisata kijejwe amagara y’ibitungwa Déogratias Nsanganiyumwami yasavye aborozi ko bohumura kuko ata kiza c’indwara y’ingurube gihari nk’uko vyiketswe, ivyo akavyemeza yisunze amatohoza akomeye yakozwe muri komine Busoni, Bugabira mu ntara ya Kirundo, komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, hamwe na komine Musigati mu ntara ya Bubanza.
Déogratias Nsanganiyumwami asaba aborozi bose ko mu gihe cose bokwikeka iyo ndwara ko boca babimenyesha kare kugira bazitire bataronerwa.
Ariko rero naho biri uko, Déogratias Nsanganiyumwami, umuyobozi w’igisata kijejwe amagara y’ibitungwa yibutsa ko ingurube zishobora guterwa n’izindi ndwara atari ico kiza gusa kiriko kiravurwa, ari naco gituma asaba aborozi kwama barikanuye, mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, igisata kijejwe amagara y’ibitungwa bakamenyeska ko bitunganije, bafise ibikoresho vyo gupima indwara zikunda gutera ibitungwa.

Tubibutse ko hari indwara zifata ibikoko zishobora no gufata abantu nk’igituntu c’inka, hamwe n’imbanyi zishobora gukoroka kuko umuvyeyi yanyoye amata y’inka irwaye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.