Accueil > Amakuru > u Burundi > Abubaka hejuru y’imiserege n’imiringoti baragabishwa
Abubaka hejuru y’imiserege n’imiringoti baragabishwa
mardi 26 Munyonyo 2013
Abantu bubaka hejuru ku mifurege, ku ntsinga za Regideso hamwe no ku miringoti itwara amazi baragabishwa ko hagiye gufatwa ingingo zikomeye nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, amatongo, hamwe no gutunganya ibisagara.
Ubushikiranganji bw’amazi, gukingira ibidukikije, amatongo no gutunganya ibisagara buragabisha abo bose bubaka yaba ku mifurege, ku ntsinga za Regideso hamwe n’abahindura amabarabara ubunywero na cane cane ku masaha yo ku mugoroba. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko igihe co ku bahimiriza gisa n’icarangiye, hageze igihe co guhana abo bose barenga kuri izo ngingo.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibidukikije amazi n’amatongo aravunira akagohe amakaritiye amwe amwe, akarorero ka komine bwiza aho ingeso yo gufata amabarabara bakayagira ubunywero yabaye ndanse, abahamagarira guheba iyo ngendo kuko urugamba rw’isuku ari ubwa buri mu nyagihugu wese.
Floxella Karire