IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abunguruza abantu ku mapikipiki bibukijwe amategeko agenga umwuga

Abunguruza abantu ku mapikipiki bibukijwe amategeko agenga umwuga

jeudi 2 Nzero 2014

Mu ntumbero yo kugabanya impanuka mu mabarabara n’uruhagarara rw’abagendesha amapikipiki mu kwirinda ibihononekarira, ishirahamwe ry’abagendesha amapikipiki, AJTB (Association des Jeunes Transporteurs au Burundi) ryasohoye itangazo ku bagendesha amapikipiki mu mabarabara, aho babibutsa amategeko ngenderwako agenga uwo mwuga.

Nk’uko vyashikirijwe n’icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe AJTB, Elvis Kwizera, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Nzero 2014, iryo shirahamwe rimenyesha ko ryibukije umuntu wese yunguruza abantu ku mapikipiki ko bibujijwe n’amategeko agenga uwo mwuga kwinjira muri uwo mwuga udakwije ibi bikurikira :

Kuba afise uruhusha rwo kugendesha imuduga canke ipikipiki mw’ibarabara "Permis de conduire" ruciye mu mategeko, kugira ipikibiki ifise impapuro zose zitegekanijwe n’amategeko (ducuments) kugire ikore uwo mwuga wo kwunguruza abantu, kwama yibangikanije igihe cose inkofero zibiri zikingira umutwe (casques), kandi zisukuye neza.

Uwugendesha ipikipiki yunguruza abantu, ategerezwa kuraba ko iyo pikipiki yiwe isize irangi ryategekanijwe muri uwo mwuga. Bisabwe kandi kwubahiriza imbibe zo gukoreramwo umwuga wabo zitegekanijwe, kwubahiriza amasaha yo gukora yashinzwe, bongere banitwararike n’isuku ryabo mu kwububahiriza abo bunguruza.

Ishirahamwe AJTB rikaba ryahamagariye abo bose bari mu mwuga wo kwunguruza abantu ku mapikipiki kwubahiriza ivyashinzwe n’amategeko, kugira barinde impanuka zihitana ibitari bike, hamwe no mu guha agaciro umwuga barimwo, mu guterera agacumu k’ubumwe mw’iterambere ry’igihugu.

Twobibutsa ko ishirahamwe AJTB rigira kabiri mu mashirahamwe yo mu Burundi, ahurikiyemwo abatwara amapikipiki, inyuma y’iryari risanzwe rihari AMOTABU ( Association des Motard Taximen du Burundi). Abagendesha amapikipiki mu Burundi bakaba barenga ibihumbi 16, muribo abarenga ibihumbi bine bakaba bakorera mu gisagara ca Bujunbura.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.