IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Agatabo k’ingo kagiye kugurwa amafaranga

Agatabo k’ingo kagiye kugurwa amafaranga

jeudi 21 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Agatabo gashasha kagurwa amafaranga ibihumbi bibiri niko kagiye gusubirira ikaye y’urugo (Cahier de menage) yahora isabwa abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, ikandikwamwo ababa mu ngo.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA avuga ko ago gatabo kagenga ingo kagiye kugurwa amafaranga ibihumbi bibiri vy’amarundi, gasubiriye ikaye zahora zisabwa n’abajejwe umutekano mu bikorwa vy’ugusaka. Freddy MBONIMPA avuga ko ako gakaye kahahora kahora kuzuzwa nabi.

JPEG - 68.8 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Mu ndinganizo nshasha y’ako gatabo k’ingo. komine yose irisangije ibara, kakaba karimwo amategeko ngenderwako agenga imiryango n’ingene urugo rutunganije (nyene urugo n’ibimuranga, umukenyezi wiwe n’ibimuranga, abana, abashitsi hamwe n’abo atunze.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko abanyagihugu bose bategerezwa kuzoba baguze utwo dutabo mu kwezi kw’umunani, uwuzobirengako akazofatwa nk’umugarariji azoca ahanwa n’amategeko y’igihugu, nk’uko vyashikirijwe na Freddy MBONIMPA arongoye igisagara ca Bujumbura.

Bamwe mu banyagihugu twaganiriye baranegura ingene abajejwe intwaro babandanya gufata ingingo z’amafaranga batangishwa, kandi basanzwe bari mu bukene butagira izina.

Iyo ngingo y’ukuzogura agatabo k’ingo ifashwe inyuma y’iyindi yaheruka gufatwa mu gisagara ca Bujumbura, aho umuryango wose urihishwa amafaranga igihumbi y’amajana atanu y’amarundi ku kwezi, ayo nayo akaba ari ay’ishirahamwe rikura umwavu mu ngo. Abanyagihugu bavuga ko batagishwa inama muri mwene izo ngingo zibasaba gutanga amafaranga, aho mbere mukamenya ko n’umusore adateka atangishwa amafaranga amajana atanu ku kwezi, agahabwa ishirahamwe rikura umwavu mu ngo


IGIHE

Messages

  • Nimwihangane Bene Gihugu!Ubukene Dufise Ngo Tanga Amahera!Twavuye Muri Zana Amagi N’amasoro,none Tugeze Muri Zana Amahera Zana Amahera!

  • Nama nabivuze misiyose kwatabategetsi dufise,ahubwo dufisabakegesi.None kwaribobitoye reka babarye mbere nukubicabazobica.ahubwo nimuze twihebe twemere gupha twihamabarabara tuvyereke amakungu twiyamiriziyo leta yabamyomyo!!!

  • Toujour amahera?!!! gushika ryari?Raba ubukene nubushomeri dufise Bizohera ryari?

  • Toujour amahera?!!! gushika ryari?Raba ubukene nubushomeri dufise Bizohera ryari?

  • Mu bihugu vyose imiryango iratanga amafaranga yo gukura dechets mu bisagara. Ivyo ni ibisanzwe. Ikibazo ahubwo aho kiri: ayo mafaranga azokora koko ico gikorwa muri ba ba DD tuzi? Aho niho mwobarabira nayo kuriha amafaranga y’ico gikorwa ni ibisanzwe gose. twizere ko Bujubmura igiye kubamwo isuku. Itabandanya ari poubelle.

  • Leta y’u Burundi ubukene burayica ejo aho bukera,isigaye igurisha udukaye !!!???naragenze ndabona !!! Yanka kuja mu nama z’ibindi bihugu ngo ihakure ubwenge bwo kuronka amahera none itanguye kugurisha udukaye abanyagihugu ku nguvu !!!iyo niyo deal baronse!!?inzara ni mbi

  • Umusore adateka ariko arashobora gufungura umuhwi, arashobora kugura umugati bakawumushirira kugapapuro, arashobora kugura igikaju, arashobora guta ibipapuro yarisanzwe afise bitakimufitiye akamaro nibindi bintu ivyovyose amaherezo bihinduka umwanda.

  • Ariko kuriha amahera yo gukura umucafu mu ngo ni ibisanzwe mu migi yose itunganije neza bibaho. Mbona tudakwiye kuvyidogera kandi nubwo hari ubukene ayo bavuze si menshi. Ikibazo ahubwo n’ukumenya ko umwanda uzoba collecte. Ivy’agatabo vyovyo n’ibindi. Niba bagomba gucontrola mouvements z’abantu si twe twogonvye kubiriha kuko turatanga amakori. Leta , iibinyujije muri Ministeri kwa Bunyoni nivyihange.

  • Iyo niyo ngaruka yukwigugumiza k’ubutegetsi asha murahumba muzoteba mugita mwenyene mwiyomore sindabahenda aho mwokoresha amwe ya FALCON hamwe nay’AMAVOKA, N’AMAKAYE mutanguye kuza muraja mubanyagihugu none muduhemba angahe ko ntanayo rindira mubone,,,,,,

  • none bamwe banya mwibarabara ngo bari muri manifestatio vyasaba ko baba bateka? imicafu niyabateka gusa? mwanke ibikorwa rusangi mwanke gutanga amahera y’ugukura imicafu?ewebarundi twabaye ibigoryi!

  • Shamwaherewe Nukuri Musiga Kwakimiziha Banyoko Banyuntahobayikura

  • Naragenze nzobona Mbe bazoryabanyagihugu kugeza ryari??utwodukaye nutwiki??ako gakaye ntakonzogura ubukene nibobabuduteye nibihangane natwe turihanganye

  • Wewe Widoga Ubukene Rondera Icukora Urabeko Ubwo Bukene Urira Utabusezera’ UGume Wituniye Mumatako Yaba Ryoko Ubukene Kura Amaboko Mumpuzu

  • AHUBWO,RETAYAKENYE NABI,ABANYAGIHUGU TURIGOREWE,IBICIRO VYASAZE,TUZOYAKURA HEHE,NITUREKE

  • NAHOMUGAYA,UBUTEGETSI PITANUMUGABO NAHOMWOMURWANYA IYAKABUMVYE,NIYO NAHOMUGAYA,UBUTEGETSI PITANUMUGABO NAHOMWOMURWANYA IYAKABUMVYE,NIYO IZOKAMENA

  • Nonega Yemwe,abantubatarihagufiy’imiryangoyabo,barinzebatahaboyandikwagute?

  • nibagire ivyo babona kuko mugihe nkiki bivuira iryo bagomvy ntawubahinyuza

  • Yayayaya Ewe CNDD FDD warize ubuhinga bwokwiba abanyagihugu! jewe ntanikingorongoro nzobaryaza mwababandi mwe, mubura gukuramaboko mumpuzu ngomukore ibikorwa vyiterambere ngo nugupfatura ibikaratasi vyokutwiramwo!?, ahubwo musigaye muteyisoni, nukumaramara ntimumaramara,
    Iryo niryakori rigarutse Bagaza yari yararitujije, namye mvuga kuvakera ntimuzorabe iyireta yibisuma ivyizokwamurwamwo, none eheeeeeeee, nabamwe bahora birirwa mwibarabara ngo bariko bariyamiriza abanyaburaya nibibonereko, iyo ningaruka yokuba batakironka ya madorare
    umunyagihugu niwe agiye kuharwa ndakagoka.

  • None Azova Kubutegetsiryari Ntiyobisa Abandibarye Erega Izara Idufatakuberawe ? Nakiveko Ahubwo Yananiranye Abobanya Nabo Nibagire Indero

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.