IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Akarwi k’abakobwa harimwo n’umunya Omani umwe kahagaritswe

Akarwi k’abakobwa harimwo n’umunya Omani umwe kahagaritswe

mercredi 11 Kigarama 2013

Hari akarwi k’abigeme, abenshi boba bava muri komine ya Kinindo bari kumwe n’umunya Omani bahagaritswe n’igiporisi mw’ijoro ryo kuwa 10 Kigarama 2013.
Abo bakobwa bariko badodora, mw’ijoro ku nzu iri mu Kinindo isanzwe ikoswe n’umunya Omani, uwo nawe akaba iyo nzu ayimazemwo iminsi umunani. Nk’uko bivugwa n’abo bigeme, benshi muribo biga muri kaminuza.

Igiporisi kikaba camaze gutangura amatohoza kugira kirabe ko rwoba ari rwa rudandazwa rw’abantu rusigaye ruvugwa mu Burundi. Mu kugira bafatwe, igiporisi cahamagawe na nyene urupangu, kuko ababanyi bari bamaze iminsi bidoga ko barara badasinziriye kuko haguma hari uruja n’uruza umwanya wose.

Tubamenyeshe ko ivyo bibaye mu gihe mu Burundi hamaze iminsi havugwa abana bato bajanwa mu mahanga mu bikorwa vy’ibiterasoni (ubushurashuzi), abandi nabo bakabatwara kubakuramwo ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri. Imbere y’aho, mu kwezi kw’icenda hari akana k’akigeme k’imyaka 16 kagarukanywe kari katwawe mu gihugu ca Oman mu bikorwa vy’ubushurashuzi, kakaba kashoboye kugaruka mu gihugu kabifashijwemwo n’ishirahamwe Justice et Equité riharanira agateka k’abana.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.