IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amafaranga y’agaciro yabaye umuzi w’ibuye i Bujumbura

Amafaranga y’agaciro yabaye umuzi w’ibuye i Bujumbura

lundi 4 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Haraheze iminsi hibonekeza mu Burundi ubukene bw’amafaranga y’agaciro. Ivyo vyemezwa na bamwe mu bakora umwuga wo kuvunja amafaranga, abadandaza barangurira ibidandazwa mu mahanga hamwe n’abahinga mu bijanye n’ubutunzi. Mw’ibanki nkuru y’igihugu ku ruhande rwabo bemeza ko amafaranga y’agaciro yo kwinjiza ivya nkenerwa mu gihugu ariho.

Ahibonekeza ubwa mbere ubukene bw’amafaranga y’agaciro nk’amadorare canke amafaranga y’abanyaburaya, ni ku biro bikoreramwo abarangura bakongera bakagurisha ayo mafaranga. Abo bita abavunjayi mu rurimi rw’igiswahiri bemeza ko ayo mafaranga y’agaciro ubu ameze nk’umuzi w’ibuye.

Abo badandaza bavuga ko mu mezi abiri aheze ariho ibintu vyunyutse. Idorare ry’abanyamerika ryavuye ku bihumbi bibiri vy’amarundi, ubu rikaba rivunjwa ayarenga. Mu mpera z’ino ndwi twaraye turangije, idorare ryaranageze ku mafaranga 2375 nk’uko abo bakora umwuga wo kuvunja babivuga.

Euphreme Niyongabo, umuhanuzi mu biro vy’uwurongoye ibanki nkuru y’igihugu ntiyemeza canke ngo ahakane ko hari ubukene bw’amafaranga y’agaciro. Avuga ariko ko bishika ko haba igihe agaciro k’amafaranga muri buri gihugu kagabanuka. Euphreme Niyongabo asigura ko Uburundi bufise amafaranga y’agaciro yo kwinjiza ivyankenerwa mu gihugu.

N’aho uwo mutegetsi atemeza ikena ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi, umuhinga mu vy’ubutunzi Charles Nihangaza aravyemeza.

Uwo muhinga aremeza ko ikena ry’amafaranga y’agaciro mu gihugu rigira ingaruka mbi. Atanga uburorera ku badandaza bakura ivya nkenerwa hanze y’igihugu, n’igihugu ubwaco kitaba kikironse amatagisi yinjira mu kigega c’igihugu. Uwo muhinga asaba mbere Reta y’Uburundi kwegera ibanki y’isi yose canke ikigega mpuzamakungu FMI, kugira ivyo bigega rutura kw’isi bifashe gutorera umuti iyo ngorane, nk’uko vyakozwe inyuma y’ibihano vyari vyafatiwe Uburundi mu mwaka w’1996.

Yaba abadandaza canke abakora umwuga wo kuvunja amafaranga y’agaciro bavuga ko amazi yarenze inkombe, ko akazi gasa n’akahagaze. Basaba Reta gutorera umuti iryo kena ry’amafaranga y’agaciro kugira n’ivyahuha ntibihuhuke.


IGIHE

Messages

  • Ego Kweri Nibintu Vyazimvye Nukura Ababijejwe Babikurikiranire Hafi

  • Nabado ninzembe ntimurazibura(cfr nkurumbi akimuhana kaza imvura ihise)

  • JEW NOVUGAKO ATARAKENA ICONSAB’IMANA NIBANDANY IDUHEZAGIRIRA AGATAKA TURIME TWIMBUR TWOROR TUGWIZ TWIRONKER ICOKURYA NYAMA DOLLAR YAKENEGWA NABATEGETSI BAFATINGENDO ZOHANZ RIRASHAKA RIZIMB JEW NOVUGAKO ATARAKENA ICONSAB’IMANA NIBANDANY IDUHEZAGIRIRA AGATAKA TURIME TWIMBUR TWOROR TUGWIZ TWIRONKER ICOKURYA NYAMA DOLLAR YAKENEGWA NABATEGETSI BAFATINGENDO ZOHANZ RIRASHAKA RIZIMB BIRARISHA

  • Rindire basha nkurumbi arabahenda ngo "akimuhana kaza imvura ihise"NI PANTALON ZANYU ZIZOJAKO INTOBORO.

  • Reka mubandanye murote k umurango! Mwibaza ngo abazungu barafyina? Abanyagihugu ubuzima buzobagora gushika mumwirukanye mwebwe nyene. Umva ico kijuju kivuze ko kidakeney ama dollars? Imiti igugwa iki? Engrais igugwa iki? Ivyo mwimbura bishika kw isoko Nta essence? Igugwa iki? Impuzu mwambara zigugwa iki? Uniformes z abasoda n abapolisi zigugwa iki? Amabati, imisumari, biva he? Erega nivyo duhingura mu Burundi ivyo bivamwo (matieres premieres) ziva hanze kandi zigugwa ama dollars. Wokina n ibindi mugabo ntiwokina n ubutunzi bw igihugu! Mbe twikwij mu biki? Bandanya tujujuta shauli yetu!!!!!

  • Imbere niheza ntacomwihebura.none izo zamujeri kwarizo zasavye amakungu NGO yahagarike imfashanyo !

  • Ibijuju biragwira kweli. Ngo ntidukeneye ama dollars?

  • ndavye,ino mucankuzo ibintuvyunyutse,amashiringi 10.000fr bisigaye bivunjwa namafranga, 11500fr Yamarundi,nivyahuha,bigiye Guhuhuka Reta Mwarimukwi Kubiraba, Niyongingo Yafashwe Yokubuza Imodoka Ziza Gupakira Umuceri Canke Ikijanju Murarabe Abanyagihugu.Iyongingo Ntiboroheza Kukonagafranga Karakenewe Muryango.Murakoze.

  • ndavye,ino mucankuzo ibintuvyunyutse,amashiringi 10.000fr bisigaye bivunjwa namafranga, 11500fr Yamarundi,nivyahuha,bigiye Guhuhuka Reta Mwarimukwi Kubiraba, Niyongingo Yafashwe Yokubuza Imodoka Ziza Gupakira Umuceri Canke Ikijanju Murarabe Abanyagihugu.Iyongingo Ntiboroheza Kukonagafranga Karakenewe Muryango.Murakoze.

  • Bandanya imbere niheza abo bavuga ivyo nibobagiye kuvuga ngobazibire infashanyo.Nibihorere.

  • Simuburundigusa Ryaduze Agaciro,jewemperuka Muri Soudan Yepfo Kwa Saruvakir Kuva Le16.06.2014.Nasanze Idor Rivunzwa Paund 400 Navuyeyorigeze 5800 Paund Muri Le3.05.2016 Kndinomubindibihu Ryaraduze,murarabe Iyoriva.

  • Ohooo!!! Uburundi Buragowe!

  • Jewe nshaka kumenya amadorare ageze kurangahe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.