Accueil > Amakuru > u Burundi > Amahoro, iterambere n’umutekano biritaweho mu karere k’ibiyaga (...)
Amahoro, iterambere n’umutekano biritaweho mu karere k’ibiyaga binini
mercredi 10 Mukakaro 2013
Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ivy’ururimi rw’igifaransa Yamina Benguigui yakiriwe n’umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 Mukakaro uyu mwaka aho bavuganye ku bijanye n’iterambere ry’abakenyezi mu karere k’ibiyaga binini na cane cane n’ibikorwa bijanye n’ivyo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu arangura mw’iterambere ry’umukenyezi n’abana.
Umupfasoni Benguigui akaba yamenyesheje ko bayaze n’umukuru w’igihugu c’Uburundi ku bijanye n’amahoro, umutekano n’iterambere. Eka ndetse uyo mupfasoni akaba yavuze ko bavuganye kandi, ku rugamba rw’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi mu bijanye n’ukubaho neza kw’umukenyezi n’abana. Uyo mushikiranganji wo mu gihugu c’Ubufaransa akaba avuga ko iyo hari ingorane z’intambara, ko abagore n’abana aribo barwa mu mporero.
Yamina Benguigui akaba ari i Bujumbura aho yaje gukurikirana inama y’akarere y’abakenyezi, amahoro n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini iriko ibere mw’ihoteri Royal Palace kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 Mukakaro, aho iyo nama yitabwe n’abantu benshi harimwo n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa umupfasoni Valerie Trierweiler.
Iyo nama rero ikaba izofasha cane mu bijanye n’ukurwanya amabi akorerwa abantu ashingiye ku bitsina mu karere k’ibiyaga binini hamwe n’itsimbataza ry’amahoro, umutekano, n’iterambere.
Aristide Nizigire