IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amahoro, iterambere n’umutekano biritaweho mu karere k’ibiyaga (...)

Amahoro, iterambere n’umutekano biritaweho mu karere k’ibiyaga binini

mercredi 10 Mukakaro 2013

Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ivy’ururimi rw’igifaransa Yamina Benguigui yakiriwe n’umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 Mukakaro uyu mwaka aho bavuganye ku bijanye n’iterambere ry’abakenyezi mu karere k’ibiyaga binini na cane cane n’ibikorwa bijanye n’ivyo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu arangura mw’iterambere ry’umukenyezi n’abana.

Umupfasoni Benguigui akaba yamenyesheje ko bayaze n’umukuru w’igihugu c’Uburundi ku bijanye n’amahoro, umutekano n’iterambere. Eka ndetse uyo mupfasoni akaba yavuze ko bavuganye kandi, ku rugamba rw’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi mu bijanye n’ukubaho neza kw’umukenyezi n’abana. Uyo mushikiranganji wo mu gihugu c’Ubufaransa akaba avuga ko iyo hari ingorane z’intambara, ko abagore n’abana aribo barwa mu mporero.

Yamina Benguigui akaba ari i Bujumbura aho yaje gukurikirana inama y’akarere y’abakenyezi, amahoro n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini iriko ibere mw’ihoteri Royal Palace kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 Mukakaro, aho iyo nama yitabwe n’abantu benshi harimwo n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa umupfasoni Valerie Trierweiler.

Iyo nama rero ikaba izofasha cane mu bijanye n’ukurwanya amabi akorerwa abantu ashingiye ku bitsina mu karere k’ibiyaga binini hamwe n’itsimbataza ry’amahoro, umutekano, n’iterambere.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.