IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amakara yo gucana yabaye umuzi w’ibuye mu gisagara ca Bujumbura

Amakara yo gucana yabaye umuzi w’ibuye mu gisagara ca Bujumbura

lundi 21 Nzero 2013

Haraheze indwi irenga amakara ataboneka mu gisagara ca Bujumbura,uko iminsi ihera akaba ariko ibintu vyunyuka kuko uretse ko asigaye azimvye cane ngo n’ abasanzwe bayadandaza basigaye bataronka aho bayarangurira.

Henshi mu bibanza twaciyemwo mu bibanza bitandukanye hasanzwe hadandarizwa amakara mu ngagara hagaragara,abanyagihugu rero bamwe baguma batonze imirongo biteze ko amakara ahava aboneka.

Uwusanzwe adandaza amakara muri quartier y’icenda mu Ngagara twavuganye yatubwiye ko bagiye kuyarangura aho bahora bayakura ngo basanga atayariho,abahorabayazana ku makinga ngo ubu abantu bafise amafaranga yo kugura umufuko wose baca babategerera mu nzira bakayabagurira kandi ku mafaranga menshi .

Umwe mu bo twasanze barindiriye amakara agira ati:« twahora tuvuga ko ubuzima buzimvye ubu hoho ntitukironka ico tuvuga,amakara y’igihumbi yahora ateka ijoro n’umurango kandi hagasigara ayo guteka icayi c’abana mu gitondo,none ubu iyo ugize amahigwe agahisha ivyo ku murango uca ushimira imana».

Abo banyagihugu bakaba basaba ko ico kibazo cotorerwa inyishu vuba kuko ngo ukubura kw’amakara kuje gusongera isibe kuko ngo ubu kubaho bisigaye bigoye.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.