IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amakungu ararajwe ishinga n’ibikorwa vya rumwe mu rwaruka ruri mu (...)

Amakungu ararajwe ishinga n’ibikorwa vya rumwe mu rwaruka ruri mu migambwe

mercredi 30 Gitugutu 2013

Inyuma yaho abatari bake baneguriye inyifato ya rumwe mu rwaruka ruri mu migambwe usanga kenshi ruhungabanya umutekano w’abanyagihugu, abandi nabo ugasanga batihanganiranira mu vya politike, amakungu nayo nyene ararajwe ishinga nivyo bibazo ndetse agasaba ko Leta yobivira hasi.

Mu mubonano umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yahaye Paul Seger intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi kuri uyu wa 29 Gitugutu uyu mwaka, abo bategetsi bompi bayaze ku nama y’abafsha Uburundi iriko irabera ngaha mu gisagara ca Bujumbura ndetse na bimwe mu bibazo vya politike bikomeye mu Burundi.

Muri uyo mubonano kandi, Paul Seger yasavye ko Leta y’Uburundi yokora ukwo ishoboye igakura mu nzira icuka kibi kivurwa muri politike, ndetse hagatunganywa n’ibiganiro hagati y’abanyepolitike mu ntumbero yo gushira ku murongo urwaruka rwabo usanga rukoreshwa mu bikorwa vy’ukutihanganiranira mu vya politike. Ku bwa Seger rero, ivyo biyago biri mu vyotuma iki kiringo c’imbere y’amatora kigenda neza.

Umushikiranganji Laurent Kavakure ahiwe akaba yamenyesheje ko Uburundi bwiteguriye kuyaga n’uwariwe wese ariko ivyo bigakurikiza amategeko.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.