IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amakungu arashikiriza aho ahagaze ku biriko biraba mu Burundi

Amakungu arashikiriza aho ahagaze ku biriko biraba mu Burundi

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Inyuma y’iminsi itatu y’imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza,ibihugu bitandukanye n’amashirahamwe mpuzamakungu arabandanya kugira ico ashikirije.

Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban-Ki Moon asaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza yihuta ku bamaze gupfa bahitanywe n’imyiyerekano hamwe n’ababishe,hanyuma abokwagirwa n’ubwicanyi bagahanwa n’amategeko.
Ban-Ki Moon ahamagarira abarundi kubungabunga ubumwe n’intwaro rusangi baronse biciye kure,agasaba kandi abarundi guca mu nzira y’ibiganiro mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vyugarije Uburundi.

Ku ruhande rw’ingoma y’Ubwongereza,basaba Petero Nkurunziza gusokora akareka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuko bishobora gutuma umutekano w’igihugu uhungabana,abantu nabo bagatakaza ubuzima.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zihamagarira Leta y’Uburundi gutanguza ibiganiro n’abanyepolitike batavuga rumwe na Leta, abamenyesha makuru eka n’amashirahamwe adaharanira inyungu za leta gurtyo ntihagire intureka zisubira kwaduka mu gihugu, amahoro n’ituze abe arivyo birangwa mu gihugu. Leta Zunze Ubumwe za Amerika zihamagarira kandi aberwa bose n’ikibazo c’amatora kuja mw’ihiganwa mu matora yimirije y’abashingamateka, yo gutora ababaserukira mu ma komine eka nayo gutora umukuru w’Igihugu.

Ingoma y’Ubuhorande baratera ivyatsi ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu bamenyesha koi co kiringo gishobora gutuma umutekano muke mu gihugu kigasubira mu biringo nk’ivya kahise.

Messages

  • NUBURENGANZIRABWABO,KUGIRAICOBASHIKIRIJE,ARIKONTIBAKEUBWIGENGEBWABANTUKURONGOGWANUWOBIFUZA,UWAMBARAIKOTINABEARAYAMBARAT.TUZOTORAUWODUSHAKA,KANDINAYAMAHANGAAZOVYUBAHIRIZE,NIBOBEYEKUDUHAINTAHEYOKWIKUKIRANIBATUREKETWINGENGE,NTIBITWABURYABUTETEBWIBIGORI,UBUTUZOVYIRIMIRA

  • ibihugu byinshi byarikukiye ntibikigendera kumabwiriza avuye iyo za buraya, ahubwo amanyamerika n’abanyaburaya bareba inyungu zayo,impamvu batahise baza mubyuburundi nuko ntanyungu bahabona,kandi bafite ubwoba ko Peter yongeye gutwara yahita akorana byahafi n’abarusia n’ubushinwa bityo bagatakaza inguvu mukarere. barikubanza kubaza KIKWETE na KAGAME kandi bose bashyigikiye Peter kubera impamvu zitandukanye,AU nayo irinyuma ya Peter byose biterwa nuko muri opposition ntamuntu babonamo uzi diplomacie international. kandi ubu ariwe ukenewe cyane.

  • Bavandomwe Barundi mwitonde mwo kwisenyera igihugu! Kandi nimukurikiza ibyo abatuku b’i burayi bavuga muzogwa mumwobo mubi! None ko Gnassimbé wa Togo yatorewe mandat ya gatatu Togo irahomba cg irunguka? Ese kuki abanyaburayi ntacyo bavuze kuri iryo torwa rye? Kandi Se yarashaje amaze imyaka 40 kubutegetsi! Mushatse mwakwitonda Barundi mwe! Ushaka gusenya urwe umutiza umuhoro! Abazungu bababwira demokarasi nk’umuhoro namwe mukayisamira hejuru! Petero uwo ayoboye indi mandat, agakuraho abo basore bareba kure bavangavanga, hakaba umutekano mubanyagihugu, Abarundi ntibingere guhunga igihugu, aho ntabwo U Burundi bwotera indi ntambwe mumajambere? ni inama y’abakuru. Ahasigaye birabareba.

  • Nibaje hariya aho batwiciye abahutu kuva mu mirongo indwi nakabiri ko atamakungu yahagurutse ngo agire icavuze,ubu rero akataraza kari munyuma batavuye mwibarabara kuneza barakurwayo ninguvu bamenyeko imyaka twarwanye atakirwanisho nakimwe baduterereye nubu tuzorurwana kandi tuzorutsinda.

  • Nimurekeguteranya abenegihugu twebwe abarundi nitwe tuzicira urubanza,ese komufise ubwoba?mumubuzankabandekwitoza?twebwe abarundi turamukeneye.esehari umugabo ashoborakuzagushinga amategeko munzu yuwundi mugabo?.NTANZU YINJIRA MUYINDI.

  • jwembona.bomureka.ikitwarrakko.ntacobamuburaburiza...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.