IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amaritiro hafi ibihumbi bine y’inzoga zo mu bumwanya yafashwe ashowe i (...)

Amaritiro hafi ibihumbi bine y’inzoga zo mu bumwanya yafashwe ashowe i Tanzaniya

jeudi 27 Ntwarante 2014

Inyuma y’aho inzoga zo mu bumwanya ziburijwe kudandarizwa mu Burundi, izo nzoga zoba zisigaye zishorwa mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko hari iziherutse gufatwa bivugwa ko ariyo zari ziroye.

Ikamyo ipakiye amaritiro hafi ibihumbi bine ikaba ariyo yafashwe igihe c’isaha zitandatu z’ijoro kuri uyu wa 25 Ntwarante, ipakiye izo nzoga zo mu bumwanya zitemewe kudandarizwa ku gataka k’Uburundi, bivugwa ko zari zishowe mu gihugu ca Tanzaniya. Audace Ndayizeye ajejwe amatohoza no kurwanya urudandazwa rwa magendo mu kigo cegeranya amatagisi ya Reta OBR avyemeza, iyo kamyo yarafashwe, izo nzoga nazo umurwi ujejwe kurwanya ibiyayura mutwe ukaba ariwo uzomenya ico ukoresha izo nzoga.

Audace Ndayizeye rero akaba avuga ko urudandazwa rwa magendo urwarirwo rwose ruhanwa n’amategeko ari naco gituma n’abariko barashora izo nzoga nabo nyene bazohanwa. Tukabamenyesha ko izo nzoga zabujijwe kudandazwa mu Burundi ku va inama nkuru y’umutekano, mu gihe izo nzoga bivugwa ko zonona amagara y’abantu eka ndetse nabazihereje bakaba ataco bibanga.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.