IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 1065 asaba umuhuza kugondoza umukuru w’igihugu (...)

Amashirahamwe 1065 asaba umuhuza kugondoza umukuru w’igihugu kutitoza

jeudi 30 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Amashirahamwe 1065 asaba umuhuza w’abarundi kuva mu gacerere arimwo akabwira nyenicubahiro Petero Nkurunziza agaheba kwitoza ubugira gatatu, ibintu bitarayangara kurusha kuko imitwe y’abantu yamaze gushuha.

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME yavuze kw’izina ry’abateye igikumu, kuri urwo rwandiko bavuga ko babazwa n’ukungene abarundi bariko babuzwa uburenganzira bwabo, yaba ubujanye no kuronka inkuru, uburenganzira bwo kwiyerekana, uburenganzira bwo kwidengemvya, uburenganzira bwo gufungura, n’ibindi.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Ati :’’Birababaje kandi kubona kuva aho umukuru w’igihugu yitoje kuba umukuru w’igihugu ,umutekano wagiye utituka cane. Ati:’’ Ibibazo vy’umutekano dufise muri kino gihe nta kindi vyavuyeko atari inyota ya nyenicubahiro Petero Nkurunziza ashaka gutwara, ubugira gatatu hamwe n’akarwi k’abantu kakoze amabi muri kino gihugu gatinya gukurikiranwa n’ubutungane.’’

Ikindi ayo mashirahamwe avuga n’uko abaporisi bigenjeje nabi cane bakarasa n’insasu z’ukuri abari mu myiyerekano, kandi vyaboneka ko ata nguvu zakoreshejwe. Ikindi bavuga n’uko bibabaje kubona igiporisi, carubahutse kigasanga abantu mu mihana iwabo, ari navyo vyatumye habura ukwizerana hagati y’igiporisi n’abanyagihugu.

Gabriel Rufyiri yavugiye ayo mashirahamwe abandanya avuga ko gushika ubu abantu batanu aribo bamaze kumenyekana ko aribo bishwe n’Imbonerakure zifatanije n’igiporisi , abandi barenga amajana ane barakomeretse. Ku bwabo rero ivyononekaye vyose biri ku gatwe kigiporisi canse kureka abanyagihugu kwiyerekana, ayo mashirahamwe. Ati:’’ Dusaba kurekurirwa uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro n’imyiyerekano hamwe no kuronka amakuru’’. Ku ruhande rw’amashirahamwe hamwe n’abamenyeshamakuru abasaba gufatana mu nda.

Ayo mashirahamwe nayo akaba ahurikiye mu nani 10 n’amashirahamwe yigenga ay’urwaruka,abakenyezi, ayaharanira agateka ka muntu, n’ayandi, ayo nayo ni nka COSYBU, APRODH, OLUCOME,SPPDF,CPAJ,CSB.COSOME,Ligue ITEKA,ACAT, OTRAG,FORSC, FENADEB n’ayandi.

Floxella Karire

Messages

  • murabuza kwitoza umuntu afise igisoda nigipolisi muntoki ziwe , kandi nyamitwe yarababwiye ko atazovako kuvyo yavuze hhahhaahaaa

  • Whatever it is and after all, God have a good plan to Burundi

  • we rufyiri wifuza ande?MBEGA KO DATA WANJE ABANYAGIHUGU MUTAMWEMERA.....NI MUREKE TUZOBIRABIRE MU KAZU KITORA

  • nimba mushaka kubamuratwenga mugihe nkurunziza azoba ariko aramesa umuhuza,kukiringo ciwe ca 3 wotuma wica ntarekura yavyemeye 700% bisigura icobisigura

  • Abakunda amahoro na demokarasi mu Burundi niberekane aho bahagaze sans se lasser, quand bien même l’odieux serait porté par leurs idoles leaders propulsés àla tête du Pays. Ico kintu cogushigikira amakosa et entêtement de nos présidents ou leaders politiques, tubireke. Bakoze neza tubashime, bitwaye nabi kandi tuvyiyamirize igihe cose atakurindira igihe c’amatora gusa. Abitwaza nabo amoko, imigambwe, amadini canke intara bavukamwo mu gutsimbataza amahoro na demokarasi mu Burundi, mubace kure kuko ni nko kwubakira inzu hejujuru y’umusenyi, irateba igatembagara ata myaka ihaciye, donc éphémère et non durable, Nkurunziza en est présentement sous-épreuve namba atabizi. Le dénouement de ses agissements et attitudes, nous diront s’il a, bien ou mal, visé sa cible tant embitionnée, de Paix et de la Démocratie pour Tous, bivuga rero ko uwugwanya ububisha n’inkozi z’ikibi mu Burundi, aho yoba aherereye hose, canke mu vyo yoba akora vyose, nabikore ku nyungu ya bose na kazoza k’Uburundi n’abarundi bose, ataruko tuzokwama mu bwicanyi n’indyane entre antagonistes !!!

  • Je pense qu’il nous faut une logique minimale pour comprendre les réclamations des anti troisième mandat et donc des défenseurs chevronnés du respect de la constitution et de l’accord d’ Arusha. Tout le monde sait le processus de recrutement en cas d’embauche. Si les critères de présélection ne sont pas remplis, le candidat ne peut même pas se présenter pour la passation du test. Seuls les candidats préléctionnés sont acceptés pour passer le test. Pierre Nkurunziza, l’actuel président de la République du Burundi n’est pas éligible pour passer ce test comparable àla participation aux éléctions en tant que candidat àla présidence de la République. Il n’est donc pas présidentiable. Il est par conséquent inéligible. Les pro-troisième mandat, pensez-vous avoir appris quelque chose de nouveau? je pense non sauf qu’il ne s’agissait que d’un rappel. Murumva ko mutobandanya muvuga ko abanyaguhugu aribo boca urubanza. Bazoca urubanza kubari éligible.

  • Ko muvuga ubuzima buzimvye mumaze indwi zibiri mwibabarabara bwazimbutse ubu none

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.