IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ariyamiriza indahiro ya (...)

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ariyamiriza indahiro ya gatatu y’umukuru w’igihugu

jeudi 27 Myandagaro 2015

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahuriye mu murwi « Halte au troisième mandat » urwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,amenyesha ko atemera indahiro ya gatatu y’umukuru w’igihugu kuko ihonyanga ingingo y’96 y’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Abicishije mw’itangazo,ayo mashirahamwe amenyesha ko ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu gihonyanga amabwirizwa ngenderwako y’intwaro rusangi amenyesha ko abantu bategerezwa gukurakuranwa ku butegetsi,kandi gihungabanya amahoro n’umutekano vy’Uburundi n’akarere.

Muri iryo tangazo,ayo mashirahamwe ariyamiriza ubwicanyi bumaze guhitana abantu batari bake,harimwo Lt Gen Adolphe Nshimirimana na Colonel Jean Bikomagu,ubwo nabwo bukerekana ko guhonyanga amasezerano ya Arusha bishobora gusubiza igihugu mu bihe bigoye cane.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahurikiye mu murwi « Halte au troisième mandat » amenyesha ko yagize uruhara mw’ishingwa ry’Urunani CNARED rwishinze gukingira ibwirizwa nshingiro,amasezerano ya Arusha na Reta ishingiye ku mategeko,kandi ari muri urwo runani biciye ku bayaserukira muri urwo runani CNARED.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahamagarira abafasha Uburundi kutemera inzego kuko zavuye mu matora adatunganijwe neza,ariko bashigikire urunani CNARED,ahamagarira kandi amakungu gufasha kwumvisha abo vyega bose gusubira mu biganiro vyobera ahantu hizewe ko hari umutekano bigatuma haba kwumvikana kw’ingene hotunganywa amatora yitabwe na bose.

Iryo tangazo ryateweko umukono na Vital Nshimirimana arongoye FORSC,Janvier Bigirimana yaserukiye FOCODE,Audace Bizabishaka aserukira SYGECO,Justine Nkurunziza aserukira COSOME na Sindakira Bernardine aserukira SPPDF.


Van Naris Mugisha

Messages

  • mwebwe numunwagusa iterabwobagusa.uburundi muzobutwarira hanze yimbibe mubishore?nimwaba mwiyemera nimuze mugihugu tubabone niho tucatwemerako ivyomuvuga atari iteraboba!

  • Mbebash mwiberey iburayi ngomuriyamij 3eme mandat?muraza mubivugire mugihugu turabeko murabagabo mbemusaba bafash cnared ntibafash igihu cabibaruc ntiwumvako muharanir izonyabareg zanyu ngo ninda?muragow harigih muzory ivyomutany mwantozomwe!!!ntiyaruzwa muzoyibon Iman niyocabon ntantambwe muzoduteran abanyagihug twarabahinyuy

  • Komera bene Data tubari inyuma. kandi turabashigikiye kuvyiyunviro vyanyu. IMANA ibahezagire.

  • Uko niko bigenda iyo abantu bataye ivyo bashoboye bakaja mu vyo badashoboye. Vital yarakwiye gusubira mu bacamanza aho kuja muri FORSC kuko kuva agiyeyo ntaco yigeze akora atari uguhangana na Leta ya CNDD FDD. Iciza ni uko, nimba FORSC yubahiriza amategeko yayo, Vital agiye gusubirizwa kuko imyaka yiwe ibiri isa n’iyaheze, araba yarateguye aho azogirira repli nka kumwe kwa Pacifique yaciye asubira muri FOCODE, sinon, ntanuwuzosubira ku mwibuka.

  • EMWE NIMUTABAZE AMAKUNGU KUKO MU BURUNDI DUTUNZE INTUMVA.NTIMUZIKO UGUTWE KWIHENE KUMVA KWOKEJE?

  • AYOMASHIRAMWE HAMWENA CNARED,JEWE NDABASHIGIKIYE KUKO AMASEZERANO YA ARUSHA AVUGAKO,ATAMUKURUWIGIHUGU WUBURUNDI YORENZA,IBIRINGO BIBIRI.NONE JEWE ICONOSABA UMUKURUWIGIHUGU,NUKO YOREKERA BANDI BAGATWARA KUKO SIWAZIGUTWARANEZA WENYENE.NAMWE MWESE MUMWIYAMIRIZA MURAKWIYE KWEGERA ABANYAGIHUGU NABANDI BIPFUZAKO,IBINTUBIHINDUKA BAKAGIRA ICOBATERA.

  • MUGABO VITAL uwokunviriz amajambo wavuze kuva 2010 nay uvugunomusi nuwobayabuz enyina yotwenga,!!!! wahora wirigusigura kumaradiyo ngwemama ngo ntuharanir ivyicaro vyaporitike nabo murikumwe. ,imisiheze ngo nkurunziza ngonabis abandi unomusi mwashinzereta yiwanyu kuryimigumuko yabananiye simbabesha muzosh irankifu yimijira,kuko inkona ntiyaruzwa,kandikindi naco nkurunziza si ndadaye canke ntibantunganya mwatey amazirantoke

  • MUSHINGANTAHE IVYIZA VYAWE UVUGA YUBICISHA MUMATORA,KUKO VITAL DUVA KURI,MURUNAN GWA NYANGOMA YATWAYE AMATONGO YACU MURUMONGE,UBU AHOTUGEZE TURAKENEYE UKURI,ATARINYUNGU ZABAMWE-BAMWE,REKE IVY’IMANA KUBISHIRA MUMITIMA YANY KAND MUTAVYAKIRIYE,YOYO IRAKUZ NURUSHATSI GWAWE IRARUZI,

  • Komera mutama vital ibi binywamaraso vya CNDD-FDD bitebe bitebuke tuzovyomora.

  • Komera mutama vital ibi binywamaraso vya CNDD-FDD bitebe bitebuke tuzovyomora.

  • twarabahinyuye murabanya politike murakagwa iyo mwahungiye mwabipfumwe ntaco mumariye abarundi nuburundi uretse gushaka kudusubiza mwihumbi no kudutera amacakubiri yubwoko.

  • twarabahinyuye murabanya politike murakagwa iyo mwahungiye mwabipfumwe ntaco mumariye abarundi nuburundi uretse gushaka kudusubiza mwihumbi no kudutera amacakubiri yubwoko.

  • Mugabo naha mwanditse ntimwavuze ko yahamagariye abanyagihugu ku gumuka.Raba muri communiqué yabo ico bise "désobéissance civile"

  • Nezaneza Vital arantwengeje! Ngo ahamagarira amakugu kudafasha reta Yu Burundi ngwari yikonereze kwifashiriza urunani CNARED! murimubibazo bikoneye birenze bimwetwita kwikunda!.

  • None mwebwe mukanwa kanyu huzuye ibitutsi ,ubushirasoni,kugayana,gusuzugura abo mutangana; vital avugira ishirahamwe rizwi n’amategeko nimba rifise amakosa ntaco bimaze kwifatira mugahanga abantu Reka gushigikira ivyavuze ,akneye kubishigikira bariho ureke ubwo bushirasoni , ut’umunwa utazi ivy’ejo hazaza !! iyo s’imico y’iburundi

  • Sha mwaraye mutumaramaje gute mwemeye kuja muri kirya kintu ngo ni cnrad ndavyumvuko,kandi twari twabashigikiye kuko twari tuzi ko muri societe civile nonemwaruguyemwo muriyerekana ko murabanyapolitique sha ivyuvuga nta valeur bigifise twamenye kurumunyepolitique kandi ntaho tugiue gushika kuko abo murikumwe bambayubucafu bwinshi.Uyo mukuru wanyu yuzuye amacakubiri yubwoko acanze nayintara ntaho tuvuye kandi ntahotugiye isabirubuhungiro ntakundi abo mwahenze reka bishure Nahimana.

  • Abarundi mwarataye umutwe anti amashirahamwe ataharanira ivyicaro vya poritic ? Uwundi many a nawo ngo mwashinze umugwi wokubahiriza amasezerano ya arusha habwo vuge uti muramashihamwe around era ubutegetsi biciye mubiganiro nayubundi mwashinzi akagwi kabagwanyi ntawutabizi reta yuburundi ikwiye gufata abobose bigira ngo barongoye amashirahamwe ayigwanya bagashigwa mugasho nibo bansi bigihungu bakokeza intambara abarundi turimararamje mumakungu

  • Uuuw!Ew Vital,abagamba nacanecan abanyakibzi bahora baciyubweng,arko weho,urikigugu.So GOMBEYE yaratay umwanya,akwgisha.igih cos akanwa kaw kazokwama kavamw ibinuka?ayomashirahamw yiyita ngontahara ivyicaro vyapolitik,naho aribabatutsi ba BUYOYA,bamy banohoker ubutegtsi.mwari mwigiz sociéte civile kgira musubiz mubuja abarundi?twarabahinyuy basha!tubabajw nivyovyico vyabahutu ba Nyangoma bashaka kugurisha Uburundi nka Bizimungu Yagurishij Urwanda.

  • Tubarize Nyangoma Ivyavuga Igiheazobishiriramungiro.Arikotwebweturamwemera Caaaaaaaaane.

  • @Vital: Y-a-t-il encore des juristes au Burundi? Qu’est-ce que l,opposition (CNARED ou Uprona légitime) attend pour saisir la Cour de l,EAC pour inconstitutitonalitE du 3eme mandat de Nkurunziza? Contrairement a ceux qui croient a tort que les decisions de la cour constitutionnelle ne sont susceptibles d,aucun recours, cette saisine est bel et bien recevable a l,EAC (il y a des precedents a cela) et son objet est different de la plainte déposée par la SC avant les elections. Ouvrez votre canal de communication si vous avez besoin d,aide juridique sur ce dossier.

  • NDUGU WAPENDA AMANI BURUND,HIVI MNAFAHAMU KUWA MADUI WETU BADO WAPO PALE PALE,VITA YA 72 YA MICOMBERO NDIYO INAENDELEZWA NA WAASISI,WALILIMBIKIZA MALI KW MAKOLONI YAO YA KIZUNGU,NAKUOZA WATOTO KWAO,KAMA UBILGIJI,UFARANSA,ULAYA,AMERCA,HATA UJEREMANI,MALENGO YAO KUWA NA HIMAYA (BAHIMA,UA UTUSI}HIV WAMESHA PATA NCHI,YA ELITREA,SUDAN KUSIN,UGANDA,RWANDA BURUND, DRC,NAWANAHITAJ BANDARI TZ,SASA VITAL UNASEMAJE,MAPINDUZ YENU,YA KURUBUNI NYANGOMA,MUWE KITU KIMOJA KWA LIPI,BUSOKOZA,KAUA NDADAYE,BUYOYA,BADO UNAHADAA ULIMWENGU KUWA NKURUNZIZA NIMUAJI,?WEWE NA MAKUNDI YENU MMECHOCHEA MAPINDUZ,MMECHOMA WATU MOTO,JE SHERIA HAIWEZI KUWACHUKULIA HATUA,?HIYO DEMOCRASIA?KWA WATUSI NA WAHUTU? MUNGU AWATANGURIE,

  • uhoraho nyeningabo niwe gusa ashobora gutunganya uburundi bukamera neza nta wundi numwe.

  • nimukomre can tubarinyuma.

  • Ntawobafata Mumugongo Amarimirimi Gusa Yanyu Niyagisije.

  • Mbega karashizingani isahani NKURUNZIZA agaburirako aba DD,ice bose ibahindura ibijuje?Ahubwo iyo bisimbiza hejuru mukurwanya mutama Vital bibaza ko ivyo bariko barakorera abarundi tutabibona.Tubahanze ijisho basha,nayo ivyamoko,intara canke ubwenegihugu mwitwaza umengo nico kiyago musigaye mwitwaza mutware mutamena,abariko batotezwa turi benshi namwe murabizi,muzisinga mwiruka kuri barya ba maso ngo nibo baroberi,musange uwo so wanyu muriko murwanira yabataye yigiriye kuko we arabona ko ageramiwe mweho ntaho mutaniye n ibihuramutwe.Murabizi ivyo yavugiye mugikorane ko kuva yavutse atari bwabone ibisa n ivyo ariko abona.Iyo rero n intango ibikomeye biri inyuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.