IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Fostino Ndikumana: Amategeko agenga abamenyeshamakuru yokosorwa

Fostino Ndikumana: Amategeko agenga abamenyeshamakuru yokosorwa

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike yarungikiye urwandiko inama nkenguzamateka.

Mu gihe aho bukera inama nkenguzamateka izokwihweza integuro y’itegeko rizogenga umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi, amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike mu gisata c’intwaro ibereye, yarungikiye urwandiko inama nkenguzamateka kuri uyu wa 17 Ndamukiza 2013, kugira basabe ntibemeze iryo tegeko rikirimwo utunenge.

Kubwa Fostino Ndikumana asanzwe arongoye ishirahamwe PARCEM, mu kiganiro yahaye abanyamakuru kuri uyu wa 18 Ndamukiza, yamenyesheje ko hamwe iryo tegeko ryoja mu ngiro, igiturire be n’ukudahana ivyaha bizoca vyaka indaro mu gihugu. Ati ba kaboko ntibatazosubira kumenyekana, eka n’amabi akorerwa abantu ntazosubira azoba umurengera.

Abandanya asigura ko hamwe iryo tegeko ryo mu mwaka w’2013 ryotorwa vyomutangaza cane kuko ryateye impari kuruta iryo bipfuza gusubiriza ryo mu mwaka w’2003.

Tubibutse ko amashirahamwe yateye umukono kuri urwo rwandiko ari 15.


Aristide Nizigire

Messages

  • kubijanye nabamenyesha makuru numva nabonyene numva bageramiwe kuko mbona babafata nkabanyeshure biga . kuko mbona namategeko yabo bahereye kuyahonyanga kera kuko bariko babona bamwe muribo baf=pfugwa bagira ubwoba nico gitumakandi nabonyene bamanzakwiyumvira .gusa RETE yoraba ikazotora ayo mategeko inyuma yamatora kandi na BEMENYESHA MAKURU mukabaha ikiganiro kwiradiyo mukumva ivyiyumviro vyabo kuko ngo <IBIGIYE INAMA BIGIRA IMANA>OK

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.