IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yigenga arasabwa gushikiriza icegeranyo c’ingene (...)

Amashirahamwe yigenga arasabwa gushikiriza icegeranyo c’ingene bakora

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike arasabwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko gushikiriza icegeranyo c’ingene bakora, ivyo barangura ,uburyo bakoresha n’ingene bakoresha amafaranga.

Ayo mashirahamwe akaba yarerekanye amakenga bafise kubijanye n’ingene ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu bushaka kugenzura ivyo bakora kandi bahora bashikiriza Reta icegeranyo c’ivyo bakoze uko umwaka utashe. Ndetse ngo bagatanga n’intererano zabo mwitunganywa ry’ubuzima bw’igihugu ryogenda ku neza yabose.

Ariko rero umushikiranganji akaba yababwiye ko bategerezwa gutanga ivyo vyegeranyo muntumbero yo gutsimbataza intwaro ibereye, ngo kuko intwaro ibereye ibwirizwa kuba mugihugu cose.


Grace Irimbere

Messages

  • ewe Burundi waragowe imana ikugarukire.mbe ntibokwiherako abo nyene ahubwo bakerekana imitungo bafise aho bayikura??tubona aba dd aribo bariko baduza amazu bafise ama entreprise hirya nohino tutibagiye nayo babika hanze??je numva mukwerekana akarorero keza yari kwiherako hama ba Bunyoni nabandi benshi tuzi!!ew Mana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.