IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasoko atemewe n’amategeko arabujijwe kuva ku munsi wa gatandatu

Amasoko atemewe n’amategeko arabujijwe kuva ku munsi wa gatandatu

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu arabujije amasoko yiyadukije kuva aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye, mu kurindira ko baheza gutegura ikibanza co kuri COTEBU.

Mw’itangazo ryo kuri uwu wa mbere Ruhuhuma, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busaba abadandaza bashinze amasoko mashasha mu bibanza bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura kuyakuraho kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 02/02/2013.

Kubw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Nduwimana Edouard, ayo masoko y’ivyaduka kandi atazwi n’amategeko aribonekeza imbere y’amamangazini no mu bibanza bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.

Nduwimana Edouard akamenyesha ko ayo masoko atuma umwanda ukwiragira mu gisagara. Mu ntumbero yo kugumana igisagara gisukuye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu asaba abadandaza kuba barakorera ku masoko yemewe n’amategeko mu kurindira kw’ikibanza c’imfatakibanza ca COTEBU giheza gutegurwa.
Umushikiranganji Nduwimana Edouard amenyesha abarundi n’amakungu ko amasoko ashingwa kandi agakurwaho n’itegeko nshikiranganji.

Muri iryo tangazo, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aheraheza asaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe n’igiporisi gukora ibishoboka kugirango iyo ngingo yubahirizwe.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.