IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amategeko ajanye no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi akwiye kuja mu (...)

Amategeko ajanye no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi akwiye kuja mu ngiro

jeudi 6 Ntwarante 2014

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu Denise Bucumi Nkurunziza arasaba ishirwa mu ngiro ry’amategeko ajanye no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi kugira ihohoterwa rikorwa riranduranwe n’imizi, uwakoze icaha agihanirwe.

Naho amategeko atari make yashizweho mu ntumbero yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, umupfasoni w’umukuru w’igihugu Denise Bucumi Nkurunziza amenyesha ko amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme acibonekeza ari menshi gushika n’ubu.

Denise Nkurunziza yakebuye abakenyezi n’abigeme bo mu Burundi, abasaba ko bakwiye kugira inyifato ijanye n’uruhara rwabo mu gukomeza amahoro, hamwe no gutera intambwe mw’iterambere mu ngo n’imiryango zabo. Denise Nkurunziza, umupfasoni w’umukuru w’igihugu atera akamo abigeme n’abakenyezi kwirinda inzoga zobakwegera mu mpanuka zo gufatwa ku nguvu, kandi bakaza baranataha amasaha ya kare kugira birinde ifatwa ku nguvu. Umupfasoni Denise Nkurunziza asaba ishirwa mu ngiro ry’amategeko ajanye no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.

Ivyo yabishikirije mu kiganiro ku nsamirizi n’imboneshakure y’igihugu RTNB, tukabibutsa ko iyi ndwi yahariwe umukenyezi, ikaba itegura umunsi mukuru wahariwe umukenyezi, ukazohimbazwa kw’isi nzima kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante. Uwo munsi mukuru ushitse mu karere k’ibiyaga binini hacibonekeza amabi akorerwa abakenyezi.


Floxella Karire

Messages

  • This is meaningless, senseless, no sense message. Kuberiki utavuze igihe abakenyezi bo muri Uprona bakubitiwe ku mugumya abandi bakiruka bakubitwa ku mugongo??? kuki utavuze igihe umwigeme w’umututsi afatwa ku nguvu(raped ) n’imbonerakure i murwi mu ntara ya cibitoke??? So please keep silent for u are saying lies. Otherwise this is demagogy(ariko wewe ntiwotegeka igihugu because u have a poor edicational background) Go to school first, then u’ll comeback with something in your head. utwaye nk’uko umugabo wawe atwaye bwoca busha ndetse bukazigira, ndavuga u burundi

  • Yaco uba wiyorobeka uhenda Abarundi w’iyorobeka imbere y’Uhoraho, Uwo we azokwibariza ariko imbere yaho uzobanza kubona ibimenyetso.
    Mbega aho uhagurutse ubu igihe ba bapfasoni bakubitiwe n’aba polici ugira nti wari ngaho uriko rya amakori yabo ? Reka kuba wigira intama kandi uri ibingira ! Ariko umenye neza amarira yraize abakenyezi bakubiswe kubera utwo bariko baratarataza ngo ibibondo vyabo barabe ko ryo renga! ico gihe abawe bariko bararya amakori yabo! ko utasokoritse ngo wamire uti nyabuna hagarika babanze babumvirize, bumve ingorane bafise hanyuma babatorere inyishu, batarinze kubavunira igufa ! Ahubwo warukwiye guhora ukamaramara ukigumira mu birimba bikuru umwanya Imana ikigutije , kuko umunsi yatiruye ha haraho uwosanga uri munsi yabo nka YOBU . Menya abababaye utarinze kuraba Hutu-Tutsi, canke CNDD-FDD gusa, ivyo niwabimenya ukabigendera bizogufasha.

  • Mupfasoni w’umukuru w’igihugu c’uburundi, tugutumya guhanura urya muntu mwubatse hamwe, yigarure, areke guta igihugu mu kaga mu kurondera kwitpza irindi, uzoba ufashije igihugu kuko imyaka cumi amaze yaturuhishije, ntayindi tugomba ko yongerako, igihugu boca bakidandaza.

  • Message nziza ku gihugu na beneco bose. Ukuri nk’ijambo ry’Uhoraho

  • Karikurubu, ivyo umutambukanyi wanyecubahiro nyakwubahwa umukuru wigihugu cacu cu Burundi Denise Bucumi Nkurunziza yazuze birasiguritse 100% uwomuvyeyirero intumberoyiwe nambawamukurikiranye vyukuri imvugoyakoresheje ntiyariyo kuvugira abomuntara iriya cank’iyi, yavuze murirusangi kubakenyezi nabakobwa babarundikazi, biryayavuze ugiye ugakuramwo izina ryigihugu ushobora kubizungurukana kw’Isi yosenzima bikanguma bifise ya sense(intumbero) yumvikana. wavuzengo ntiyotegeka igihugu ngokuko afise ubukene bwubumenyi, nagiranubundi niwe? Hanyuma niwashaka kwandika uzokwisubireko uhitemwo kwandika mururimirumwe kukomwenibi wanditse nivyo wavuzeko ari meaningless (bitagira epfonaruguru canke sensengless kitagira umutwe namaguru, kuko ubihaye umwongereza ntacoyotoramwo ubihayumurundi nawentacoyotoramwo jewe narigishijwe nabarimu batandukanye babarundi, aba Congomani, abanyarwanda, ndetse nabazungu sinigeze mbona umwalimu yigishako umuntuyemerewe kwandika uruvangavange nkururwawe, ariko birashoboka bikaba arubwishime, ubwirasi arinabwo buvyara kutubaha, kudasonera nkuko vyahejeje kwigaragaza muvyuhejeje kwandika ubeyaguzwa nogusuzugura uwutagututse umutambukanyi wumukuru w’igihugu, ndakubwire nubwowovuga indimi zisiyose ariko utagirurukundo vyose biba ipfagusa, abantu batakuzi bakubona urikurasama isazi bagatangura kuvugango nukubera ubujuju bwo kutiga, abakuzibagaheba bakababwirango uryari mubafise educational nziza maze bakisekera, utagirurukundo baramuhakazi akakanka bifatanye nabwabwishima nagasuzuro nokutubaha akavugago baryabose ntibompakazi ngokuko ndabasumvya ubumenyi ngosinshoboragukora ngokandi ntakoze ibintu bizoyangara, abobantunabo ubajije uyumusi ngaho mu Burundi bariho bataribake. Mberebiciye binyibutsa nyakwubahwa Bamvuginyumvira igiheyavuga ngo ntakazi agira ngo ntana account agira birya ntakindi bivako kumuntuwigihangange nkurya atari bimwemwivyo navuze ahoharuguru nibindi nzobigarukako. Jewe nirata kwubaha sogusonera abahambaye naboroshe nabitanguye nkirimuto none ndabisazanye,nivyogushimira Imana.

  • Wewe mama, nimba utazi indimi kuki wiha akazi ko kuzisobanura ukanazisobanura nabi? Wewe zurasoma abandika ikirundi gusa. Kandi nkubaze,kuki utavuze ivyo abandi banditse ko nabo biyamirije amabi ya denise bu10 ??? U are ignorant

  • Madame denise , hier j’ai suivi avec interet et attention votre message sur RTNB.
    J’ai ete trés crispé par votre message qui etait vraiment riche et interessant.je vous demande une chose que tu fait de meme avec ton mari.partout:au salon , a table, au lit ,.................. et puis donné des message du genre dans des moments trés durs.au moment ou les policiers ont volé les pagnes des vendeuses de chez sion,oa moment ou l’ex-mistre de du commerce et secraitare du Frodebu, avec malina barampama.ont ete traité comme des cochon alors qu’elles exercé leurs droits.mais avec votre temoignage si réellement ça vient du coeur. Dieu va faire une chose importante au burundi.

  • wew mama naho usobanura indimi z’abandi biraboneka ko wize ntuheze!Ubwo uwo muzungu warumva ivya avuga?Uteba uhinyuka ko ataco wize!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.