IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ambas Alexis Ntukamazina asaba abarundi bahungiye mu Rwanda gutaha mu (...)

Ambas Alexis Ntukamazina asaba abarundi bahungiye mu Rwanda gutaha mu gihugu

dimanche 27 Nyakanga 2015

Ambas Alexis Ntukamazina,aserukira Uburundi mu Rwanda avuga ko Abarundi bahunze mu gihe c’ amatora bavuga ko batizeye umutekano wabo bakurikiye ibihuha,avuga ko ubu mu Burundi hari umutekano ukwiye ko bakwiye gusubira mu Burundi.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Amb. Ntukamazina yavuze ko amatora bisunga mu kwerekana izo mpungenge zijanye n’umutekano yamaze guhera ,kandi inzego zatowe zamaze gutangura ibikorwa.

Yavuze ko hari Abarundi bataye igihugu baja kurondera ubuhungiro mu gihugu c’Urwanda kubera impamvu zitandukanye, cane cane bakavuga ikibazo c’umutekano wabo.Avuga ko yibaza ko benshi babonye ko bakurikiye ibihuha, ata mutekano wabo mu vy’ ukuri wari ubangamiwe.

Uwo aserukira Uburundi mu gihugu c’Urwanda yavuze ko umukuru w’ Igihugu yatowe kandi yashikirijwe amabanga ku mugaragararo, inzego zashizweho mu matora ziriko zirakora. Yavuze ko umutekano mu gihugu ku Barundi bose uhari, aca asaba uwutavyemera kwishikira mu Burundi akavyirabira.

Ambas Alexis Ntukamazina yamenyesheje ko ata bantu biruka ku bandi canke bariko bahiga abandi,ko rero kuba hari ikibazo iki canke kiriya, ivyo ari ibisanzwe biba, kandi biba ahantu hose.

Hakenewe ugufashanya kugira abari mu makambi batahe

Ambas Ntukamazina Alexis avuga ko abarundi benshi bari mu Rwanda cane cane abahungiye mu bisagara no mu miryango yabo bamaze gutaha, ariko ikibazo gisigaye ku bahungiye mu makambi asanzwe.

Yavuze ko benshi bamaze gusubira inyuma cane cane abari basigaye mu bisagara no mu miryango mu bice bitandukanye. Amenyesha ko aho bikigoranye cane ari ku bari mu makambi y’ impunzi.

Kubwa ambas Alexis Ntukamazina, kugira abari mu makambi batahe, yibaza ko bizoca hagati y’Urwanda nk’igihugu cabakiriye kandi Uburundi bwashimiye cane, HCR yafashanije na Reta y’Urwanda kubakira no kubashira mu makambi barimwo,hamwe na Reta y’Uburundi.

Ambas Ntukamazina avuga ko ikibazo c’ impunzi kiraje ishinga igihugu c’Uburundi, aho basaba ko bakwiye gutaha kuko amahoro ahari mu Burundi.

Mu Rwanda haharurwa impunzi z’ abarundi zishika ku bihumbi 75 mu makambi y’impunzi n’abandi bari mu miryango yabo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Iyo uravye abiyita ngo baserukira uburundi uratangara cane,ugiye guharura ibitigiri vyimpunzi uburundi bufise uno munsi benshi bahungiye kandi babandanya guhungira Tanzaniya,mbega atari kwakwigira intore u rwanda nirwo rwakiriye benshi gusumvya Tanzania?Iyi ni strategie yo kurondera abotaha kugira babarondereko amakuru ubona ko bakomeje kwagiraza u Rwanda ngo rubitse les Putchistes.Abahunze bahunze amatora?Mbega bigeze aho President araraguza umuntu wohasi nawe?

  • Ibintu muvuga ntibigira manayake. Abo muriko murica bamaze kubaboreza erega amaraso ntawe yereye. Aho muri ni Gihugu muhamagarira abantu ngo batahe ntanisoni. Batahe mubamese nkabandi? Imvugo yanyu irazwi ntituzoyibagira!

  • @ndikuriyo
    Ivyo uvuga harimwo bimwe arivyo,mbega wumva aduhamagarira abo bagesera ngo baze gukoriki bagiye bahejeje guturira abahutu mu ma pine,nibagumeyo quelques années babaronderere ama sheeting akomeye nyabuna ,uyo mu ambassaderi wumva ashaka kubajana he,babura kubandanya baduga hama ngo bagaruke,ahubwo n’abandi babasangeyo riko!!!!!

  • ngo bahunze ibihuha . birababaje kumva hali umuntu ukivuga ngo bahunze ibihuha birababaje. aliko ntawamurenganya atavuze nki byashebuja aliya majigo ntiyabona ibyo ayashyiramo. ateye iseseme ninda mbi. urebye ukuntu baliya bantu bababaye ubona ko kiliya kigabo ali ikigome kibi.

  • Mbega kwagaramye mkimboregwa ? aborewe amaraso?

  • Mbega Komuvuga Ngo Batahe Muzi Ibirwanisho Birara Biravuga?Ntimubahende Abantu Barasiba Gupfa?Uwumva Karisawa Araza.

  • Muzokwihende bazobarya muri babisi

  • amakuru ga ambss ubu wibaza ngo twaribagiye ivyo wagiriye Kadege? ntaco wongera ikibi mukindi inda ntihaga. umuntu nuworwanira ubuntu.ariko ntaco naho kucicaro turashikayo ck kwishure erega video n abana bawe barakwiye kumenya se wabo bakamenya ivyo babona mumasorori iyo biva.noguhanura kubandanya ukoza agatoke muntozi.

  • Nyakubahwa ambasade kuvuga kumutekano ukwiye kuwagatanu niwewagombuduhekure umukuruwigihugu kombonayahunze agezigitega vugishukuri ntamahoro ahari

  • Urwanda nyene nirworubifisemwo uruhara ivyovyibihuha mbese rwanagiriyeko mukuzarurakora utuntu twokwereka abarundi Ko ibivurwa arukuri muguteza ingorane uburundi rukoresheje uburyo bu tandukanye harimwo namahera. Arikorero ndashaka kubwira abakiribatoko kizirakikaziririzwako harikintu gishobora kubamuburundi ngokizogende kitabaye mu Rwanda ntahovyabaye, uwonogirinama yofatako ivyovuze arukuri akazonyita umubeshi nyuma yimyaka itanu ibibibaye Burundi bibaye ndabasezeraniyenko hatazogera mumwaka wa 2020 bitaraba mu Rwanda kandibizoba aribihuhabifise ubukana burenze ubwabaye ku Burundi kuko ivyomurwanda biteguwe igihe kirekire kuburyo bwitondewecane nabantu bakaruhariwe itwirwatwanyuma twukuntu bizokorwa barimwo baratunonosorera kubibaye ngaha Burundi. Hanyumabarundi mwitegure kuzofataneza abanyarwanda nakare abanyarwanda bagiye baduteza ingorane ntibanakwiye na 0.0000009% abeshibarababazwa nibimazimisi bikorerwa abarundi kugezanaho bateshwa ivyabo bakajakuba muma sheeting umuyaga ugurura bagasigara batunye nkinkoko ivuye kumagi irariye, ibibazo icogihe coguhunga ibihuhabikaze kubanyarwanda bizokomera kuko akarwi ka Kagame kazokomeza kabasanga iyobahungiye Congo, Buganda, Burundi, na Tanzaniya ivyobihugu nivyobizobabifise abanyarwanda babihingiyemwobeshi arikohariho abazogenda nomubindibihugu ariko iciza ntibazomara igihekirekire badasubiye mugihugucabo ariko urwikekwekekwe ruzobarwagabanutse arikwabazobabafise freedom yokuvuha yohejuru hamwe uzobonamengo nabasazi kubera bazobabavuye mukaga baribamazemwo imyakamyishi, urwikekwe rwu Burundi nu Rwanda ruzocaruhera kuko nta Rwanda ruzobarukirukankamwo numuntu ashaka kubangamira inyungu numutekano wabarundi.

  • Ariko jewe abantu murantangaza none umuntu yitwa ntukamazina murumva yotumaririki pe atari kudutukisha nyene ariko avuze ko umutekano ukwiye kandi tuguma tubona ibiziga wumva uwo arumuntu atari idayimoni?

  • mbega ivyo ubivug uraz imbonerakur saguye gatete bni kdo? urabaz

  • nawewe uri mu butundi.ejo nzokwumva wahunze.

  • batahe mubamese muzoheza nabi basha, uburundi umutekano ntawo wosigura igituma abantu baguma bapfa ahantu hari umutekano, temba harageze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.