IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika iragabisha ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

Amerika iragabisha ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

vendredi 2 Nzero 2015

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cagabishije umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku kiringo ca gatatu. Amerika yasavye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko yokwubahiriza ibwirizwa shingiro rivuga ata mukuru w’iigihugu arenza ibiringo bibiri ayobora Uburundi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Russ Feingold, intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini, yamenyesheje ko igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kidashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza nk’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Muri ico kiganiro, intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini, Russ Feingold, yamenyesheje ko ukwitoza mu kiringo ca gatatu kwa Petero Nkurunziza kwobangamira inzira y’amahoro Uburundi bwafashe, hamwe n’intwaro rusangi mu Burundi. Russ Feingold yagarutse kugusaba ko amasezerano y’Arusha yokwubahirizwa, cane cane mu bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu. Kubwa Russ Feingold, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubiriye kwitoza mu kiringo ca gatatu yoba avuguruje amasezerano ya Arusha, kuko atomora neza ko ata mukuru w’igihugu n’umwe ukwiye kurenza ibiringo bibiri bitegekanijwe mw’ibwirizwa shingiro. Yagize ati : "Now although there is a constitutional provision that could be interpreted as permitting a third-term for the current President, this would run counter to the unambiguous language of the Arusha Accords, which states that no one may serve more than two Presidential terms."

Tubibutse ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza adatomora namba yoba amaze gutwara Uburundi ikiringo kimwe canke bibiri. Mu kiganiro n’abavugizi bose b’inzego za Reta, cabereye mu ntara ya Ruyigi kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2014, abamenyeshamakuru bagarutse ku kibazo kimaze umwanya munini mu mpari, ku bijanye n’ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu kiringo ca gatatu mu mwaka w’2015, bamubaza namba azokwitoza canke umugambwe wiwe CNDD FDD uzoserukirwa n’uwundi mu matora y’umukuru w’igihugu. Mu nyishu yatanze muri ico kiganiro, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko uko yama abivuga, uwitoza kugira aserukire umugambwe, ategerezwa gutangwa n’umugambwe akomokamwo. Petero Nkurunziza ati : "Si umuntu ahaguruka akavuga ko akeneye kwitoza aserukira umugambwe."

JPEG - 36.3 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu kiganiro mu ntara ya Ruyigi

Ariko rero muri ico kiganiro, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyatomora namba yoba amaze gutwara ikiringo kimwe canke bibiri, akamenyesha ahubwo ko ico kibazo ari ic’amategeko, agasaba ko abakeneye umuco kuri ico kibazo borindira inyishu ya sentare yubahirizwa ibwirizwa shingiro, kuko ari ikibazo c’amategeko cokwishurwa n’inzego zibijejwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Manda yiwe harangiye nabise abandi batware,kuko siwe mugabo wenyene ari mugihugu!
    Abazungu bati,no one is obove the law.everyone must follow the law.

  • j’apprecie bcp notr président , il etait doué, il sait compter je panse ko atayobewe gutandukanya rimwe na kabiri. nawe arazi incuro amaze gutwara. kandi yarabajijwe nkumuntu mukuru sentare rero siyo yishura numva yari gutanga inyishu itomoye kuko intumbero ya kirya kiganiro nugutanga umuco

  • Hahave nturende kunga nkababandi bagize imisi. Warushe bisa abagifise akabagu kugutwara ww gendagukurikirana imirima yawe yivyamwa. Mugabo abanya kayanza ntubakira kuduhera twabo urabarariye baribakwizeye .

  • ABA DD BASHAKA KURENGA KU MATEGEKO NGO BAKORESHE PETER AMENYEREYE GUHENDA ABARUNDI BATARACA URWEVU BASANGIRA IBIKORANE N INDYA KU MITOTO NGO NIKO KWEGERA ABENEGIHUGU???ABAGORE ABA PYASANS BOSE BARAHENZWE ARIKO UBU BARABIBONA.NTA PROGRAMME YIWE NIMWE IBA YATEGUWE EKA ATA MU RUDUBI VYOOSE ..BUNYONI ,ADOPLHE,NDUWIMANA N ABANDI NIBABE BARAHUNGA ..ARACUNA BUNYONI RUCITSE YAMBUTSE ..EWE BURUNDI !!!!!!

  • Ubu ibintu vyagiye ahabona nagire agende turarushe n’intwaro yumukazo. Tuzomwibukira kubintu vyiza yakoze nko gutera amavoka, kubaka ama stades, ibikorwa rusangi nibindi nibindi

  • Petero Nkurunziza Muntwaro Zose Ntawagiye Kwibuga Ngo Bahiganwe None Nihagire Abnd Bajamwo Bahiganwe

  • Over the last two years, the Office of the Burundian President has been heavily engaged in a nasty propaganda aimed at convincing the international community that the Burundian Constitution is ambiguous as to whether or not the incumbent President is allowed to run for a third mandate in 2015. The propaganda went so well that many misled Western countries, including those from EU and USA, often allude to some potential constitutional ambiguity on that matter, witness Russ Fiengold’s statement above on an alleged “constitutional provision that could be interpreted as permitting a third-term for the current President†. Yet, from a purely legal perspective, the Burundian Constitution as it stands today is crystal clear: the current President is not allowed to run in 2015 Presidential election or beyond. Put it differently, the Arusha Agreement is not needed to prove that Nkurunziza must exit in 2015. We shall keep an eye on him in this matter.

  • Barundi, barundikazi, namwe rwaruka, kugira tuzoterimbere vyukuri nukwihatira kuzaturasoma twongera tubaza ibintunyamukuru bijanye nivyigihugu cacu navyomukabamuziko hadakwiye guharamwo ibijanye nibwirizwashingiro ryu bBurundi. Ndazimurambaza muti kuki? Muvyukuri turazi ko America arigihugu gikize giteyimbere mugushigikira ivyiza nibibi kandibarafise vyishi botwigisha vyiza, ariko birababaje kubona bavuga ibintu bijanye nibwirizwashingiro ryuburundi canke bakavuga ibintu bihushanye nibwirizwashingiro ryu Burundi tukihutira gukomamashi kanditwaridukwiye kubanzagusoma ibwirizwashingiro ryacu kugiraturebeko muvyobavuga batashatse kuturengera imbere yogukomamashi. Iyorero dusomye ibwirizwashingiro ryigihugu cacu tugasanga ivyobavuze ntacobahinduye kirimwibwirizwa shingiroryacu turavugaduti nivyiza barikobaratwunganira nkigihugu dufitaniye umubanomwiza ariko sinokwemeranya nabo nimvugo yitwango turangabisha nkubuhagize ikintu u Burundi butemeranya n’America bwokoresha iyindimvugo ariko ntibwokoresha iryojamborivugango turagabisha. Ariko bihenze kubijanye nibwirizwashingiro ryu Burundi twoheza tukavuga nkabarundi tuti ivyomuvuze sikwo ibwirizwashingiro ryigihugu cacu cu Burundi rivuga. Burya ivyobihugu mwumvavyateyimbere ntibiteyimbere kuberakugiraneza gusa mubibafasha gukomeza biterimbere harimwo nokuza barahenda ubunyagihugu bwomubihugu bitandukanye bubabutitaho kumenya amategeko yibihugu vyabo. Rekandabahe akarorero’ nimurabe ababantu banditse ngaha ama commants beshibanditse bavugako America yavuze ukuri kandi na barundi! Ivyovyose biterwa nokutamenya amategeko yigihugucabo. Arikoreka ndababwire muncamake ibijanye nibwirizwashingiri ryu Burundi namasezerano yi Arusha icobivuga kuruwowese ashaka kwitoreza kuzobumukuru wigihugu cu Burundi.

    INGINGO ZI 7 NA 186 ZIVUGAKO UMUKURU W’IGIHUGU ATORWA N’ABANYAGIHUGU RIMWE RISHOBORA KWISUBIRIZA RINDIRIMWE GUSA.

    ARIKO INGINGO YA 302 IVUGA IGIHE KIDASANZWE C’INYUMA Y’INTWARO MFATAKIBANZA KO ATORWA N’ABASHINGAMATEKA. KURIKIRANANEZA IVYOVYOSE MAZEKUVUGA NIBIHE BIBIRI BIDASA.

    ARIKO AMASEZERANO YI ARUSHA, MUGACE KA 3 K’INGINGO YA 7, UMUKURU W’IGIHUGU ATOGWA N’ABANYAGIHUGU IKIRINGO KIMWE GISHOBORA KWISUBIRIZA IRINDIRIMWE GUSA.

    AHOHO HAVURWA IBIRINGO BIBIRI "Mandat" nul ne peut execer plus de deux mandats presidentiels."

    America rero iyo ivuga nukuyitondera kukoyoyo iravuga ibintubibiri icarimwe utavyitondeyerero wozogiraguti ugasanga wakurikiranye inzira itariyo kandiyoyo ukazosangantahoyihenze, mutigute? Amerika iravuganeza ko umukuru wigihugu nkurunziza adakwiye kwitoreza kubumukuru wigihugu mukiringo cagatatu ngocanke ngwarenze ibiringo bibiri nkuko ibwirizwashingiro ryuburundi ribivuga. Okay, Muvyukuri uharuye wibereye mwibararabara usanga Nkurunziza atwaye ibiringo bibiri ariko wihenze ukareka ivyokuvuga wibereye hiryagusa ukinjira mu bureau ugasoma icibwirizwashingiro rivuga ucusanga murivyobiringo bibiri dusanga aribintu bibiri bidasa.

    Reka ndabibatandukanirizeneza kandi nubahirije namategeko.
    IKIRINGOCAMBERE COKUVA MUMWAKA WA 2005 AMATEGEKO ARABIVUGANEZA KO YATWAYE MUBIHE BIDASANZWE MURIVYO BIHEBIDASANZWE UMUKURU WIGIHUGU NTATORWA NABENE GIHUGU AHUBWO ATORWA NABASHINGAMATEKA IVYORERO VYARAKOZWE KUKO NKURUNZIZA YATOWE NABASHINGAMATEKA KUGIRA ASHOBORE GUTWARA IMYAKA 5 IYOMYAKA ITANU NAYO YARAYITWAYE IKABAYARAHEZE MUMWAKA WA 2010 NIHOBITEGEREZA BAGASANGA IVYOGUTWARA BISUNZE IBIHEBIDASANZWE BIKWIYE KURANGIRANA NUWOMWAKA WA 2010 NIKO KUCAHATEGURWA AMATORA BAGAHEZA BAGAHABAGARA ABENEGIHUGU NGO NIMUNYEGURUKE MUZEMWITORERE UMUKURUWIGIHUGU UBWAMBERE BARAHEZA ABENEGIHUGU BARASOKOROKA BARITORERA UMUKURU WIGIHUGU UBWAMBERE UWOMUBONA UYUMUSI KUNTEBE YUMUKURU WIGIHUGU CU BURUNDI’ PIERRE NKURUNZIZA. REKANDABABWIRE UGIYE MU BURUNDI BUZIMA UKAVUGANGO ABARI ABASHINGAMATEKA MUMWAKA WA 2005 BIGIREYO HANYUMA UGACUHAMAGAZA ABENEGIHUGU BOSE BAKWIJE IBISABWAVYOSE KUGIRA BAJE KWITORERA ABAZOBARONGORA UKABABAZA UTI MWOBAMUMAZE GUTORA UYUMUKURU WIGIHUGU NKURUNZIZA KANGAYE BOSE BOKUBWIRAKO ARIRIMWE GUSA.

    IVYOBINTU ABABIKOZE NIBOBABIKOZENABI NAYUBUNDI MWOGERAGEZA MUGAHAMAHORO NKURUNZIZA SIWEYATUMYE BAREKAKUVUGAKO YABA UWUZOBATWAYE MUBIHE BIDASANZWE KO VYOSE BIZOHARURWA COKIMWE NOKWITORERWA NABENEGIHUGU. ARIKO ABABIKOZEBOBO BARABITANDUKANIJE BONGERA BARABISIGURA BARABINOGEREZA NGO UMUKURU W’IGIHUGU YEMEREWE KWIROZA KABIRI YITORERWA NABENEGIHUGU.

    NOBASABAKO UYUMWANYA MURIKOMURATA MWIYAMIRIZA NKURUNZIZA NYABUNEKA NIMUWUSHIRE MUGUKOSORA IBIBINTU VYAKOZWE UKOKONEJO VYOZOSUBIRA.
    NKIBIBINTU UWOBIHA UMUNYAMATEGEKO UWARIWEWESE NDAZIKO YOBABWIRAKO ATABONA MWIBWIRIZWASHINGIRO RYU Burundi ICOBUZA NKURUNZIZA KWITOZA MURAYAMATORA YIMIRIJE KUBA.

    HARIHUMUNYAMATEGEKO WUMUNYARWANDA ARIKO AFIS’UBWENEGIHUGU BW’AMERICA YITWA KARORI KAMBANDA,NUMUNTUNYENE ASHIRIRIYE ATABOGAMA UMUHAYE GUSORONGORA IBINTUNKIBI YOBIGUSIGURIRA MUMWANYA KANDAKANGUSIGURIRANEZA AHOHOSE UFISE AMAKENGA.

  • Haranditswe ngo <<Nta mukuru w’igihugu ategerezwa kurenza ibiringo bibiri.>> None ga yemye ,hari icemeza ko utowe n’abashingamateka bidaharugwa ko ari mandat? Bazotwereke basi ahantu havuga ko umukuru w’igihugu ashobora gutwara mandat 3.

  • Ndashimiye uyumuntu yitwa Twaje .

  • @Twaje:
    Iyo raisonnement yawe si iyo umuntu yize amategeko. Igihe nicagera tuzokwerekana ko Constitution y,Uburundi itarekurira Nkurunziza kwitoza nk,umukuru w,igihugu muri 2015. Constitution yanditse nabi mu mitwe yanyu gusa... canke n,ukwigirisha... canke vyose hamwe. Ni ibara kumva umukuru w,igihugu abwira amakungu ko atazi ko amategeko amurekuriye canke atamurekuriye kwitoza kandi. None atabizi bizi nde?

  • Muziko uyumuntu yiyise Twaje, atumyemenya ivyontarinzi! Nibavyukuri ayomategeko yavuze yanditse nkuko abivuze wa Nkurunziza arafise uburenganzira bwokwitoza, gusavyobabibabaje mugihe abobatuserukira mumashirahamwe yigenga nomumigambwe bobabazi kwayamategeko avugaguti ariko bakigirishankana ntibayakurikize ngobongere bayafoborero abantu bagakomezakuvuga ko uyumukuru wigihugu yitoje yobanyuranije nibwirizwa shingiro ryu Burundi! Kandibitweretswe nuyumuntu bikababirikoko mwibwirizwashingiro bituma twibaza niba abavugako Petero Nkurunziza atemerewe kuzokwitoza mumatora yomuruyumwaka wa 2015 bobabatigeze basoba ibwirizwanshingiro, canke arukubigirankana!.

  • ibi bibaza ko ari uguhiganwa muvyo kurondera ubutegetsi biciye mukwigira abanyabwenge mumategeko,ntibizokunda kuko itegeko rigwamya n’irindi.mubisanzwe manda yiwe yaheze naho yoba umwana yoharuza intoke akabitora.ahubwo nakinjure.

  • @ Load, jewe nabishize imbere yabakunzi canke abasomyi bikikinyamakuru, nawe shiraho ngaha badukosore kukosivyiza kugumaduhishahisha ibiri muriyo constitution wavuze kukojewe nsinshaka kukugumura abenegihugu nkoresheje kuvuga ivyomubirere ngo ibwirizwanshingiro ryu Burundi ntiryemerera uyunuyu kwitoza kandimuvyukuri atarikwo rivuga, nuzenawerero umpinyuze ukoresheje kwandikangaha nkukonabikoze.

  • Nageze aho twarashimye

  • Turasaba Nyimba Dusenga Twubahe Imana. Kirakurwa Nukuvunika

  • ntabw ivy yob yarakoz vyob ar ikireng ahubw nagez ah

  • NIHAKORE AMA TEGEKO! NIMWASANGA AMWEMERERA,KWITOZA, MUVYEMERE, KUKO HABURANA BABIRI HAGATSINDA UMWEEE!

  • none ko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro koyaciye urubanza ibindi nibiki?.

  • MUGIHE AMERIKA ITABISHIGIKIYE BAVYIFASHEMWO GUTE ? BAKORESHE INGUVU

  • PETERO NKURUNZIZA ARIYEMERA KUBER IKI ATWARA WENYENE EREGA NIVYISI NTAHO AZOBITWARA

  • Nkurunzinza Ni Mwiza Ahubwo Abamutwarira Nibo Ba Mukorera Nabi.

  • PIÉRE NKURUNZIZA ATWARA NEZA ABAMUTWARIRA NIBO BABI?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.