IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Audifax Ndabitoreye aridegemvya inyuma yo gupfungirwa mw’igendereza

Audifax Ndabitoreye aridegemvya inyuma yo gupfungirwa mw’igendereza

jeudi 7 Rusama 2015

Audifax Ndabitoreye arongoye Imbono Charisma akaba no mu badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yarahagaritswe n’igipolisi ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 rusama, hanyuma ararekurwa mu masaha y’ijoro.

Audifax Ndabitoreye yafashwe nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba,ku nyubakwa z’ihoteli Panoramique hagati mu gisagara ca Bujumbura,ahariko habera inama y’abashikiranganji b’imigenderanire mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Bamwe mu bakora mu biro bikuru vy’igendereza bari kumwe n’abapolisi nibo bamufashe baca bamujana mu biro bikuru vy’iperereza aho yapfungiwe gushika nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, hanyuma ararekurwa.

Audifax Ndabitoreye yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko bamaze kumubwira ko ashobora kurekurwa mu mwanya muto,bamusavye kurondera umwizigirwa yomutahana gushika muhira,aca asaba ko uwuserukira ingoma y’Ubuhorande ariwe yomutahana gushika muhira.

Kuva isaha zitatu z’ijoro kuri uno wa gatatu Audifax Ndabitoreye ari mu muryango wiwe,aridegemvya.

Audifax Ndabitoreye yafashwe ku munsi ugira umunani w’imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Mugisha Van Naris

Messages

  • Abategetsi barihehe,abashingantahe bo muburundi bagiye hehe???munama yaba ministres ba EAC, uwatumiwe wese aba afise immunite,kandi kugira ntibigayishe(abagabo/abashingantahe),bari kumureka inama igahera ashitse iwiwe akaba ariho bamufata.UMUNTU ARI MU BURUNDI ATAHA IBUJUMBURA!!!batarinze kwereka amakungu ko nta wudategeka/nta wutegeka bari kubuza inama ko iba ngo reka babanze bamufate!!!Burundi warakubititse!!!

  • ni nisoni biteye gusa Imana ikunda abarundi buriya yashatse kwerekana ukuri imbere ya ambassaderi wa pay bas ni inkunga iha igipolice buriya babonye akamaro k inyigisho babaha n ibikoresho Imana ikoresha inzira zayo

  • Ntaho vyakabonets ivyo bintu...komera imbono kandi nabandi bakuru bari bakwiy kuza barabafasha mukajana mwese lacrimogene siw woguma uyota wenyene...

  • Ivy’iburundi birateye isoni aho umuntu afatwa devant les diplomates en plus arimunama.ariko bigiye kurangira vuba twikureko intwaro z’agahotoro.courage Audifax turi inyuma yaw

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.