IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Komedi > Bagore muragabe!!

Bagore muragabe!!

samedi 13 Ndamukiza 2013

Hari umushingantahe atigera atwenga na rimwe ashitse muhira,umugore ahirahiriye ngo aravuga yamusamira hejuru ati:”Hora ndiko niyumviririza amakuru”,eka uwo mugabo ntiyigera yipfuza ko umugore yugurura umunwa.

Ariko uwo mugore agatangazwa n’ukuntu abantu bose bahayagiza uwo mugabo,haba kukazi, mubabanyi,incuti n’abagenzi bose baremeza ko ari umuntu azi guteramisha abandi.

Umunsi umwe ari kuwa gatandatu nk’aya mango, bajana murubanza rw’ubugeni,wa mupfasoni ngira yari yagize akazi kenshi ,yibagira gucisha umujigiti mukanwa nkuko yama, igishishwa c’igiharage gica cifatira ikibanza kuryinyo ry’imbere.Baraganda bashitse aho urubanza rubera,bati kaze bashitsi bahire nabo bati murakoze cane.

Yamara wa mukenyezi n’ifyeri ryinshi, akanyamuneza kamusya,aguma araba hejuru kubw’umunezero,atangura kuyagisha wa mugabo wiwe nkuko yabona abandi bariko baragira,wa mugabo aroye kumwishura, aja abona igishishwa c’ igiharage catse indaro kuryinyo ry’umutambukanyi,buno nyene aca amwishura kwakundi ati :”Hora”.Wa mugore arumirwa ,batashe niko guca abwira umwe mubagenzi biwe baraho,ati jewe naragowe, umugabo wanje ntashaka ko n’ugurura umunwa ngo ndavuze, ayo ngowe ntavurwa.

Wa mugenzi wiwe ati,burya abagabo bakura hagufi, usanga uyu munsi yaguhoye igishishwa c’igiharage mbona kuryinyo, kandi ga mugenzi no mukanwa ntumota neza, uragenda ugure umujigiti uhanagure amenyo. Uzoce uhengera ejo umugabo agira ave kukazi,asange woze,utugohe wasokoje neza,wasize utuvuta kumunwa,wambaye amahereni ajanye n’impuzu,inzu yose yogeje,igitanda gishashe,kumeza hateguye neza,amenyo asukuye,wisize utuvuta tumota neza hanyuma umutegere ashitse
uti:
”Karibu mutware wanje uje murwawe”,umutwengera cane kugira umwereke hamwe mukanwa hawe yahora yanka ,ko uyu munsi hateguye neza.Umushingantahe ashitse muhira,wa mugore aca agira kwakundi nyene,umugabo ngabibone arahimbarwa cane aca aramuterura ati mwamikazi wanje, niwe usa uko ingo ndagutamike,ati kumugoroba ugire uku nyene tuze kujana mubandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • umugore ni ishurwe rimotera umugabo nico gituma umugore yokwama yibuka kwitunganya igihe cose ,kandi ntamugore aba mubi imbere y’umugabo wiwe aba yabuze uburyo(ubukene) canke uwumuhanura.
    Ariko ubwiza canke ububi bw’umugore buva ku mugabo:umwambitse neza,ukamugurira utuvuta tumota,ukamusumira neza,ukamuha amahora mu rugo,ukamuyagisha,ukamukebuza utujajuro dutwenza ntareka kuguma ari mwiza!"ninavyo biha urukundo abagore ,bikanabavyibusha"

  • Emma ndagushimiyecane.Nukuri wavuz’ukuri.Umugore bisabakumwitwararikacane kandukamuhicubahiromubandi.Ikindi,ukamuhumwanyawokuganira mugatwenga,akamwitahomurivyose.Ibisigayebirizana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.