IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki-moon ahamagarira abategetsi kw’isi gukurikiza akarorero ka (...)

Ban Ki-moon ahamagarira abategetsi kw’isi gukurikiza akarorero ka Mandela

mardi 17 Kigarama 2013

Inyuma y’urupfu rya nyakwigendera Nelson Mandela, abatari bake kw’isi uhereye ku muryango wiwe, ababanyi n’abagenzi eka n’abategetsi bakomakomeye kw’isi baragarutse kuvyaranze ubuzikma bwiwe.

Ban Ki- Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umwe mu bategetsi bakomakomeye kw’isi, yaragarutse kuvyaranze nyakwigendera Nelson Mandela. Bimwe muri ivyo, akaba ari ishaka ridasanzwe yarafise ryo kurondera amahoro arama kuri bose, ata vangura ry’amoko, ry’urukoba canke ry’agatumba rihabaye.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 Kigarama 2013, mu kiganiro ca nyuma c’umwaka w’i 2013 ku banditsi n’abamenyeshamakuru, akaba yahamagariye abategetsi bose bo kw’isi gukurikiza akarorero ka Mandela mw’ishaka ryamuranze mu gutsimbataza amahoro arama kuri bose.

Ban ki-moon ati: “2013 uzoguma uri umwaka isi itazigera yibagira ku mubabaro udasanzwe yagize bivuye ku rupfu rwa Nelson Mandela”. “ Ntakizonezera nko kubona mu mwaka w’i 2014, abategetsi bose bo kw’isi bakurikiye akarorero ka Madiba mu kwubahiriza ivyo biyemeje”.

Mwomenya ko uwo mutegetsi adasanzwe, yari yishikiye mu gihugu ca Afrika y’Epfo ku munsi bunamira ubwa nyuma umuhisi Nelson Mandela.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.