IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon ashobora kwishikira i Bujumbura

Ban Ki Moon ashobora kwishikira i Bujumbura

mardi 2 Ruhuhuma 2016, par egide

Inyuma y’urugendo ruheruka gukorwa mu Burundi n’abagize inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ashobora kwishikira i Bujumbura imbere y’impera z’uku kwezi kwa Ruhuhuma. Intumbero y’urugendo rwiwe akaba azoba ari ukudondoza Reta y’i Bujumbura yemere irungikwa ry’inteko mvamakungu, hamwe n’ugusubira mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo.

Mu gihe mu nama igira iya 26 y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta agize umuryango w’ubumwe bwa Afrika batashoboye guhuriza kw’irungikwa ry’inteko mvamakungu, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura hamwe na bamwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamenyesheje ko bisa nk’aho abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa Afrika babwiye abarundi ko bokwibako.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari ryiteze ko abakuru b’ibihugu vya Afrika bemeza ko harungikwa inteko mvamakungu zigera ku bihumbi bitanu kugarukana umutekano mu Burundi, n’ugukingira abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Ariko ingingo yafashwe akaba ari uko izo nteko zitorungikwa mu Burundi, kiretse ari uko gusa Reta y’Uburundi ibisavye, izo nteko zikaronka ubutumire buvuye mu Burundi.

Ban Ki Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yari yabwiye abakuru b’ibihugu ba Afrika ko ashigikiye iciyumviro co kurungika abasirikare kugarukana amahoro mu Burundi. Muri urwo rugendo ashobora kugira mu Burundi, akaba azoba ari ukugondoza Reta yemere umuzo w’izo nteko, hamwe n’ugusubira mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo.


IGIHE

Messages

  • MON yashaje ubwenge bwamujanye. asigaye akorera mukwaha kwa bangushi .arakoze nakokenge kuba kagarutse ahubwo nanyaruke nyene yirebere ukuntu uburundi butekanye

  • Uwumuzehe Avuga Ko Azoza Kugondoza Reta Ngo Yemere Abasoda Mvamakungu Muramurabaneza Guko Aboneka Nkaho Asuzugura Umukuru Wigihugu Cacu Natwebwe Abenegiugu Twitoreye Indongozi. Ntimwemere Agasuzuguro Ivyo Yahora Atugaburira Arabigumya .HAko Yoturungikamwo Intambara Kuko Agomba Kwugurura Inzira Yabatera Igihugu Aratuma Aza Turwane Nawe Tumenye Ko Ariwe Yaduteye

  • Mnanishangaza kabisa, kweda burundi havitasaidiya kitu kwa Nkurunziza kwasababu naona nikama michezo ya mupira mko munacheza. Mkutano wa maraisi uriyisha birakubariyana Jeee wewe utaweza? nakumbuka kuna matangazo uriyotangaza ya kushauri Nkurunziza nasirikare yake hakuna badiriko riribadirika. wa riendereza kuuwa watu mpaka sasa, hajasimamisha ukatiri wake wa kuuwa wa naichi, wewe nedatu hutabarisha kitu kwahao watu,wa kipanga kuuwa ni razima wawuwe hakuna wakuwaziwiya. kwa sababu masikiyo yao hayasikii,kuona hawawoni,kichwa chao kigumu, kitu ambacho naona ni kutafuta madokita wa hari yajuu wa kuwapima ugojwa wao ujurikane. wa naonekana kama niwazima,rakini wamesha kufa zani. nikutafuta njia zote zagusadi wa gojwa. see you tomorrow.

  • AHUBWO NAGIRA AZOBA AJE GUSHIKIRIZA CENAHED IGIHUGU ASHITSE UMUGAMBI WA POWER MUGABO UMENGA NAWENYE VYARANSE YAHISHIKIYE

  • AHUBWO NAGIRA AZOBA AJE GUSHIKIRIZA CENAHED IGIHUGU ASHITSE UMUGAMBI WA POWER MUGABO UMENGA NAWENYE VYARANSE YAHISHIKIYE

  • Nubwo yoba Imana ntabwo Nkurunziza axova kwizima keretse avuye kwisi.

  • UWOWE BIRAMUNANIYE NAZE AZOSUBIRINYUMA NKUKO YAJE IYO SURA YIWE ARABONAKO ITEY UBWOBA ARAZANEZA ATAZA GUTANG AMATEGEKO AZOZE ASABA KUKO NTASUMBA PITA KUKO UMUSI HOKWADUKA ABAMUGWANYA NKABAGWANYA PITA WOBA UMUS UMWE AGATI GATERETSWE N IMANA NTIGAHENUGWA N UMUYAGA)

  • EWE NUBUSAZA NINGWARA MISIYOSE YAMA AFISIMPUNGENGE ARIKO ARATUBESHA NTAZAFISE IYABA YARAZIFISE ZIBA ZARAMUHENUYE AKAGWIRAMAZURU MISIYOSE YAMA ARIKOYISUKA MUVYUBURUNDI NIMBARIDENI UBURUNDI BUMUFITIYE ARAVUGA BAMURIHE NIMBA NAHO ARIMURIBABANDI BIYITA BASINDUMUKA ARIMBA YIGERA KUKO INKONA NTIYARUZWA IRASHSHIMA WE MUZEHEWE REKANA NANKURUNZIZA UZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA

  • Abo basoda boba bagiye gukora iki mu Burundi ?

  • MBEGA, YAGIYE MU RWANDA , AGAHA GASOPO KAGAME, KO ALIWE UBUZA AMAHORO MULI BINO BIHUGU BYOSE BYO MUBIYAGA BIGALI. ARUMA AHUHA GUSA!

  • Ubu Uburundi bw’ikigihe ntibugiterwa ubwoba n’abitwaza igikenye n’Iterabwoba. Ukundi kuzokwama gutsinda ikibi? Uwo mutegetsi n’icubahiro ciwe ntiyokwisuzuguza mugushigikira ababeshi babicanyi baca bashaka gukwegera akarambaraye Igihugu mumwaka bakubita coup d’etat aba unaishi bakama mumarira n’amaganya. Hamwe yoja kukinyoma arazoza abanze yumve inkomezi z’Imana y’Uburundi. Mpwemu yararonse azomucakira Imana yaciye Ntifyina. Azoze kugira Mpwemu yera imutahuze ukuri azosubire inyuma aza kudufatira biragenda bimenja vyirirwa birayerera mubazungu bibabesha.

  • Ikikinyamakuru kiramubesheye ntabwo azobaje ngokwemeza reta ngiyemere abasirikare mpuzamakungu kuza mu Burundi, azobaje gusezera nyenicubahiro igihangange muba prezida bakoneye kandi bakoranyeneza H.E Petero Nkurunziza kuko Ban Ki Moon ikiringociwe giherana nuyumwaka.

  • Mbe Kagame niwe yazanye 3eme mandat. Ni mureke kurota, kuko ivyanyu birazwi, si Ban Ki MOON ayobewe ivy’aba DDnn. Kananira abagabo ntiyimye.
    Imisi irasa ntingana.

  • Cyecyeka se?nkawe nguravuze!icyobikoze urarutse,ese umusaza kagame ubona aribwa nkawe wamiza mwako kanwa kawe?uzewitondera amagambo usohora atazahava aguhitana.

  • Barundi Barundika Icombona Nugusegera Abanyagihugu Nigihugu Birabaje Kubo Umuntu Apfa Ataco Anzira!! Birateye Agahinda Mwambaragunira Turabeko Imana Yotwibuka Abasenzi Muhaguruke Merc

  • Ego uburundi ni nyabagendwa arazoza.

  • Arakaza neza kuko aba touristes nkawe bakenewe. Amadovize muri office y’ibukerarugenda ari munzira.

  • Ngira ntazi ivyo muburundi , bazomwereke inzu zari zubakiwe MAPROBU Hama nawe yiyuzurize muciyumviro.iyo umusore yubatse inzu abafise umugambi wo gushinga ugwiwe,abatanguye no kuza araraba umwigeme bazokubakana . Nono nibabaze uwubatse inzu Maprobu yarigushikiramwo yariyakoranye uwomugambi nande? Kubaka amazu niveau maprobu bitaravurwa ,Barundi tuve ibuzimu dusubire ibuntu uwomuntu yagirije ko ariwe yetaje akajagari mugihugu bobaba bamubesheye.nimurindere mwene ayomazu yarikwakira maprobu kuko arazi nicaricinyegeje inyuma ya maprobu uhaye indaro igisuma nawe uba urigisuma.

  • Mbe Ko Ikibazo Co Mu Burundi Kibaraje Ishinga ,mu Rwanda Ho Bibaza Ko Ari Amahoro?

  • Ebagabo! Araz Ntawamufash Ariko!!! Umengo Haragoy Kutemberer!

  • Abo bazungu iyo babonye ko hari uwabonye inabi yabo yo kwama barondera gusesa amaraso baciye ku mburakimazi z’ibihugu, ntibahemuka, ntibasinzira.

    Ubona Ban Kee Moon nawe azoba aje gukora iki? Ntibipfuza uwu ba défia muri plan zabo zo gupfukama Afrika mu nda.

    Abarundi mugabe aho ko plan ya ba Louis-Michel, Kagame, Buyoya ...yanse bariko biyumvira iyindi, mutaryama umukondorazosi. Kandi jenocide bazoyikora kugira bagire ngo ntitwari twabivuze.

    Abo bacuruza b’imivyimba y’abanyafrika, ni basume barenga, bazoje kugira urwo rudandazwa rugayitse ahandi.Imana ikingire Uburundi n’Abarundi

  • jewe suko ndabibona twebwe abarundi nitwe vyega nibahore twikemurire ikibazo c’uburundi

  • NTACOZOBAZIZEGUKORA AHUBWO RETA NABAYIRWANYA BOGANIRA

  • Abarundi mube maso no mu Rwanda niko byari bimeze. Icyambere barashaka kwica Nkurunziza. Nkurunziza niyemera iriya Maprobu muzamenya ko ibyanyu byarangiye. Bazamukubita missile nkuko bishe Habyarimana na Ntaryamira. Ikindi bashaka kuzica abantu bose bari kubabuza umugambi wo gushinga Hima Tutsi empire mukarere(Nyamitwe, Nyabenda, Bunyoni,...) kuko abatutsi nibo babafasha kwib Diamant, colta,....kuko bo niyo les bantus bashira ntakibazo.ubu ikibazo gihari nuko Nkurunziza atemera ibyabazungu byo kwica les bantus mukarere cyne cyane muri Kingo.Niyo mpamvu bashakz kumwica bahimba ibinyoma n’amafoto ya Biko haramu ngo muburundi byacitse. Imana iburundi mufite nuko Nkurunziza azi ubwenge si Nka Habyalimana wacu babeshye akemera inkotanyi zikajyanwa i Kigali.

  • icondo ndokunganira kwiyonkuru twebwe abarudi intekontazodukeneye nubwo Back moon ahayeazakugondoza uburundibwemerekuzakwizonteko twebwenkabarudi ntitwivuguruza kuvyotwase. murakoze,

  • Ntakamaro Kokwirigwa Atumwanya Ngo Aza Kugondoza Leta Yuburundi.Ntimuzokwirigwe Muramurekurira.Nagende Azobanze Asabe Ikigongwe Kuko Yarabaye Gateranya,mubarundi.Ban Kimoon Niyahabwa Ikigongwe N’uburundi,azoheze Atembere Tuganire.

  • ABARUNDI BARAVYANSE NAHAZOZA NTAGISHASHA AZOSANGA KIRIMWO INGINGO YIFATIWE NABANYAGIHUGU UBWABO

  • ABARUNDI BARAVYANSE NAHAZOZA NTAGISHASHA AZOSANGA KIRIMWO INGINGO YIFATIWE NABANYAGIHUGU UBWABO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.