IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon : Ubwicanyi bwa Hafsa Mossi buzana ugucanishamwo (...)

Ban Ki Moon : Ubwicanyi bwa Hafsa Mossi buzana ugucanishamwo Abarundi

jeudi 14 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon yateye ivyatsi iyicwa rya Hafsa Mossi yahoze ari umushikiranganji w’Uburundi, ubu akaba yari umushingamateka aserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afirika y’Ubuseruko.

Mw’itangazo yasohoye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, yahojeje umuryango wa Hafsa Mosso. Yamenyesheje ko ubwo bwicanyi ata kindi buzana atari ugucanishamwo Abarundi, gukomeza ukwinubana hamwe no guhungabanya ibihugu.

JPEG - 135.4 ko
Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Ban Ki Moon amenyesha ari ngombwa ko hoshirwa inguvu mu kurondera umvumvikano uciye mu biganiro, agasaba kandi impande zose kubishiramwo ishaka riboneka.

Iryo tangazo rya Ban Ki Moon risozera rimenyesha ko ONU izobandanya gutanga ivya nkenerwa kugira habandanye ivyo biganiro bihagarikiwe n’ishirahamwe ry’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, bifashijwemwo na Benjamin William Mkapa yahoze arongoye Tanzaniya.

Umushingamateka Hafsa Mossi yashinguranwe iteka ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, inyuma y’amasaha make agandaguwe.

Amwe mu masanamu y’ishingurwa ryiwe


IGIHE

Messages

  • ntakubandanya tuyaga nabicanyi kuk hama abonabo bavuga ko tumaranye ahubwo nibo batumaze izomujeri

  • EWE BAN KI MOON NAWE BUZA PACIFIQUE,KAGAME, VITAL ,SINDUHIJE NA BA SINDUMUJA BOSE BAREKE GUHEKURA IGIHUGU KUKO MURABAZI NEZA KO ARIBO BAHAMANA NUMUNTU WESE YITWA UMU DD AKIRA KUBA ARI UMU CADRE GUSA!!!NI BAGEZE AHO NTA GIHUGU TUZOBAHA NAHO BOTUMARA TWESE

  • simwe muriko murabikora abobazungu barajwe ishinga nuko tuguma mungorane ariko murihenda ivyomushaka turabizi ntavyo muzoronka ndabarahiye! IMANA yomwijuru ntimugire ngo iratwanka ahubwo niyo idukingira,raba ukuntu mwazanye Almel na pacifike abicanyi batwiciye abantu ngo mubazanye mubiganiro ariko tugir’Imana leta yacu yarungitse abagabo babushitse baratweretse ko ivyotwabatumye babikoze,namwe ngo mube muradutamba kumuvyimba ntaco

  • simwe muriko murabikora abobazungu barajwe ishinga nuko tuguma mungorane ariko murihenda ivyomushaka turabizi ntavyo muzoronka ndabarahiye! IMANA yomwijuru ntimugire ngo iratwanka ahubwo niyo idukingira,raba ukuntu mwazanye Almel na pacifike abicanyi batwiciye abantu ngo mubazanye mubiganiro ariko tugir’Imana leta yacu yarungitse abagabo babushitse baratweretse ko ivyotwabatumye babikoze,namwe ngo mube muradutamba kumuvyimba ntaco

  • baki moon wagatama !!! aho wavugiye wabuze icukora kugira muboneko ibintu bitagenda neza ...Imana ikababarire ni shetani gusa mukorera

  • Ntakund Yakirw Mubwami Bwayo Birababaj Cn.

  • ivyovyose biri kugatwe ka nkurunziza niwe atuma abicanyi biwe kwica abobifatanije hano muburundi, kosa ubane akantu katamuhezagira ubusezeye isi. mwibuke nigangahe babagumyabanga bahunze mbere bari akadasohoka kwa Nkurunziza,Nkurunziza ntabugenzi, abamuzi baramuzi. abaramumenya bazomumenya aruko abugururiyeko umuriro wa masoro.

  • NTAGITANJE NTANAGISHASHA KURI BAN KI MOON IZINGORANE ZOSE ABARUNDU BARIMWO NUKUBERA BAN KI MOON NA KAGAME ARIKO BITEBE BITEBUKE BAZOMARAMARA KUKO IYO DUSENGA IRABABONA NTAKINDI BAROTA ATARI GUCANISHAMWO ABARUNDI BIPFUZA KUBONA AMARASO YABARUNDI YIRIRWA ARATEMBA MUMIGEZI DUSENGE IMANA YACU IZE IBAMARAMAZE BAZE BAMERE NKA GAHINI KO BANSE GUHINDUKA

  • Ewe Banki Hamwe Nabazungu Muraduteranya Arikoimananiyonkuru Twe Aba D D Ntimuzotumara Ewe Banki Hamwe Nabazungu Muraduteranya Arikoimananiyonkuru Twe Aba D D Ntimuzotumara Turiumusenyi

  • Jendatangazwa Ningene Abanyepolitique Batanakimfane Kumvo Yinyungu za Politique Zabo! Amakuru Yavuzwe Na Rpa Nitanganzo Ryumugambw Yavamwo Yokwerekana Gut Borondera Abobagizibanabi? Ahubwo Nohanura Cndd-fdd Kobokwicarana Nabo Bitavuga Rumwe Hama Bakumvikana Bakagwanirizumwansihamwe Nayahandi Bazomarana Abanyagihugu Tumarane Duhorwa Ababipfa.

  • Aba DD murantangaza, ibibazo Uburundi bufise nimwe kdi Imana muvuga igira ibamaramaze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.