IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cassam Uteem yagenwe kuba intumwa idasanzwe ya Ban Ki Moon mu (...)

Cassam Uteem yagenwe kuba intumwa idasanzwe ya Ban Ki Moon mu Burundi

mardi 11 Munyonyo 2014

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon yagenye nk’intumwa idasanzwe yiwe mu Burundi, Cassam Uteem, yigeze kuba ari umukuru w’igihugu ca Ile Maurice.

Cassam Uteem niwe kandi agiye kurongora igisata ca ONU mu Burundi gikurikirana amatora, MENUB (Chef de la Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi.). Icegera ca Cassam Uteem ni Issaka Souna, wo mu gihugu ca Niger, akaba yarigeze kuba umushikiranganji w’ubutungane wa Niger.

Mu gihe ibikorwa vya BNUB mu Burundi bizohagarara ku genekerezo rya 31 Kigarama 2014, bitegekanijwe ko ico gisata ca ONU mu Burundi kije gukurikirana amatora kizoca gitangura gukora ku genekerezo rya mbere Nzero 2015, ubwo nyene BNUB igiheza kwugara.

Cassam Uteem, uwugiye kuba intuma idasanzwe ya Ban Ki Moon mu Burundi, akaba n’umukuru w’igisata ca ONU mu Burundi gikurikirana amatora, MENUB (Chef de la Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi) aboneka nk’uwuzoba afise ububasha bukomeye, bushobora kuba buruta n’ubwo Parfait Onanga Anyanga yahora afise, ugereranije n’amabanga yahawe yo kuba intumwa idasanzwe ya Ban Ki Moon mu Burundi, akongera akaba umukuru w’igisata ca ONU mu Burundi gikurikirana amatora, MENUB (Chef de la Mission d’observation électorale des Nations Unies au Burundi).

Muri kahise ka Cassam Uteem, yaratwaye igihugu ca Ile Maurice imyaka cumi yose kuva mu mwaka w’1992 gushika mu 2002. Imbere y’aho, yarabaye umushikiranganji w’abakozi n’akazi (1982-1983), icegera c’umushikiranganji wa mbere, akaba kandi yarabaye umushikiranganji w’amahinguriro (1990-1992).

JPEG - 12.1 ko
Cassam Uteem, uwugiye kuba intuma idasanzwe ya Ban Ki Moon mu Burundi, akaba n’umukuru w’igisata ca ONU mu Burundi gikurikirana amatora, MENUB (Chef de la Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi)

Umwanya yamaze ku butegetsi nk’umukuru w’igihugu ca Ile Maurice, Cassam Uteem azwi nk’uwashoboye gushiraho umugambi w’igihugu w’ubwiyunge mu butandukane, akaba yarashoboye gushiraho intwaro rusangi itekanye hagati y’abadasangiye ubwoko n’ukwemera.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mazeneza iwacu mu Burindi maze tureke ba OLUCOM nabandi bamezenkabo biyemeje kurwakubiti namabuye ngompaka amatora ntazobe, ahabandibariko baritegurira kuzojamumatora nabobirirwa barahamagarana nabari Bulaya, Amerika, nahandi babwirana ivyobakwiye gukora ngokuhira amatora ntazobabane! Ariko Sinduhije numuhatari’ mwibuke ivyouakoreye umugambwe mumatora 2010 ariko kubera aba PRONA bamuzi kwarimurwarudubi bacabamuvinyuma, eregaburya mumyakayaheze uwo Alexis Sinduhije yarigeze kwiha amazina yaki Islam made a umwemubarongoye ishirahamwe ryab’Islam ngaha mu Burundi’ nimwabamugirandabahenda murazombaza ndabahenamazina yaki slam yakoresha, ubirero amazinisi abwira abomimigambwe namashirahamwe yigenga ngwarimwo arakora iyobwabaye yumbisha abazungu bi Bulaya ngubibi bwa leta irihomuburundi uyumusi ngokandibariko baravyemera ngorero ndabasaba mukomeze namwe banyamigambwe namashirahamweyigenga murimuburundi mwisabishe ibintuvyamananiza kugira muburundi hagume ibintuvyurwamogusa,ngokandindasaba abantubomumashirahamwe yigenga kuzararungika abauaserukira hinomu Buraya nahandi kugirabanyunganire kuvyonkomeje kuviga nimurubwoburyo umukuru wishirahamwe FOCODE yaciyapanganawe kuzoja Bulaya. Barundi barundikazi namwe rwarika mukomeze kuzamuratandukanya icatsi nururo kukohariho abakomeje kubadandaza kubwiyunguzabo, ivyishi muribimvuze nabirose ndabihawe numugwnzi wanje wumunyarwanda asanzwe yibera Buraya asanzwenawe atiyumvamwo ubutegetsi bwa Kigali ubworero yambwiyeko akunzwekuganiracane nabatavugarumwe na leta yumurundi basanzwenabo bibera Buraya ngwariko yabahishijekowe ukwabona uburibdibutwawe kobitandukanye cane nukurwanda rutwawe ahubwo agakomeza kuvigako ibihugubyacu bitwawe nabicanyi murivyishiyambwiye yaravuzati:ngubirundi burafise abagabo bitwa Sinduhije Nanyangoma ngobaravugabagakavya pee!

  • Ego naze yibonere aba DD ingene bigenza kuko bagutse batazi igihugu bazokivako mu gukumira iyindi migambwe ngo ntishikirize ivyiyumviro vyabo.Mbega babonye aba prona batwaye imyaka myinshi batahavuye?nabo bagabe abanyagihugu turarushe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.