IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Basaba gufashwa kuko imvura ibarembeje aho bahungiye

Basaba gufashwa kuko imvura ibarembeje aho bahungiye

lundi 20 Gitugutu 2014

Inzara, imvura ku mugongo nivyo bibangamiye abanyagihugu bavuye ku Mutambara muri komine ya Rumonge, ubu basanzwe bahungiye ku biro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara.

Abo banyagihugu bakaba bataye izabo baza i Bujumbura, inyuma y’abo bamenyeshereje ko hari umurwi w’abantu bahawe amabati,nabo barabima kandi yari agenewe abo bahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya. Abo banyagihugu rero basaba amabati n’amatongo,bakavuga ko batacizeye umushikiranganji w’ugufatana munda Korotirida Niragira,kuko ivyo ababwira adaheza ngo abishire mu ngiro.

Basaba umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara kubafasha ikibazo cabo kigatorerwa umuti. Umwe mubaserukira abo banyagihugu bari ku biro vy’umuhuza akaba asaba abagiraneza ko bobagarukirako, kuko ikigoyi kibarembeje, imibu eka na zimwe mu ndwara z’ugucibwamwo zikaba zatanguye gufata abana bakiri bato.


Aristide Nizigire

Messages

  • ab bant ntibarir busema nibabatunganiriz umunt mukur nkumudhkiranganj yoshobor kwibeshr?oya nibz kwatrukwikawush n’impamv z’akz

  • Nagira nsabe leta yubururundi na nyeneicubahiro Peter NKURIZIZA ko borekakuja barabwira ibihugu vyyaduhaye indaro Ngo bitwirukane muburundi amahoro. Yariraye kandi nabahhungutse mudashobora kubaha aho baba please please we beg you don’t dare to say it is shame to you. Thanks

  • nonesi baba fasha gute retayahagarikimvuranangwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.