IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Basaba kuronswa amategeko abagenga

Basaba kuronswa amategeko abagenga

lundi 10 Ruheshi 2013

Uriko uratembera hagati mu gisagara ca Bujumbura canke mu ma Karatiye asanzwe akigize uhura n’abantu batemberana ibidandazwa bitandukanye nk’ibirato, impuzu, ibikoresho bimwe bimwe vyo mu nzu, imisipi, ibiribwa n’ibindi.

Abo badandaza wokwibaza ko badandariza aho mw’ibarabara, kubera ariho baronka ababashorera vyihuta canke boba bunguka gusumba, ariko si ko biri. bamwe muri bo twaganiriye baratubwiye igituma bakorera aho mw’ibarabara. Bavuga ko atari uko bunguka cane canke bashorerwa vyihuta ahubwo n’ukubura aho bakorera kubera ibibanza bisanzwe bizimvye bakabura amahera yo gutanga.

Ikigoye kuruta ibindi n’ikizuba birirwa baragendako, ugaca usanga umunsi urarangiye bashorewe nk’impuzu imwe canke zibiri gusa. Ikindi bidogera, n’abaporisi rimwe na rimwe babafata bakabaka amahera, bayabura bakagumya ibidandazwa vyabo, bakabibasubiza ari uko bayaronse. Twashatse kumenya ivyo badandaza ko arivyabo, batumenyesheje ko ari rwabo ko bagenda mw’isoko yo mu Ruvumera bakarangura, kwunguka rero ngo ntivyihuta kubera bashobora kumara nk’ukwezi kwose batagurishije.

Aho bagarukira bariko baradandaza naho, igisagara barakimara barondera ababashorera. Ntibibagiye kugira ico basaba Leta: ’’Basaba ko boronswa ibibanza nabo mw’isoko nshasha iriko irubakwa hariya ku kibuga ca COTEBU kugira bashobore kuronka aho bakorera, basaba kandi ko Leta yoraba ikazogabanya amahera y’ibibanza mw’isoko nshasha, kugira baze bashobore kuriha ivyo bibanza.

Basaba kandi ko boronka n’abo amategeko abagenga kugira ihohoterwa bavuga ko bagirirwa n’abapolisi bamwe bamwe bakibaza ko ryogabanuka. Bavuga kandi ko hamwe baronse uruhusha rwo kudandaza ruzwi n’amategeko ko agatima kabo koruhuka.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.