IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Benjamin Mkapa umuhuza mu biganiro vy’Abarundi ni nde?

Benjamin Mkapa umuhuza mu biganiro vy’Abarundi ni nde?

jeudi 3 Ntwarante 2016, par egide

Benjamin Mkapa, umuhuza mushasha mu biganiro vy’abarundi yabaye umukuru w’igihugu wa Tanzaniya agira gatatu kuva mu mwaka w’1995 gushika mu mwaka w’2005. Benjamin Mkapa azwi nk’uwagize uruhara mw’ishirwaho ry’amasezerano y’i Arusha.

Benjamin Mkapa w’imyaka 77 yavutse kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 1938, akaba yararongoye umugambwe CCM (Chama Cha Mapinduzi) uri ku butegetsi muri Tanzaniya, ari nawo mugambwe ukomokamwo umukuru w’igihugu wa Tanzaniya John MAGUFULI hamwe n’uwahora aramutswa ico gihugu Mrisho Jakaya Kikwete.

JPEG - 112.8 ko
Benjamin Mkapa w’imyaka 77

Ku biringo bibiri gusa yamaze ku butegetsi, Benjamin Mkaba azwi nk’uwadugije ku rugero ruboneka ubutunzi bwa Tanzaniya, akaba yaranabaye kabiri kose umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’ibindi bihugu, imbere y’uko atorwa kuba umukuru w’igihugu.

Mu bijanye n’ibibazo vya poritike Uburundi burimwo, Benjamin Mkapa azwi nk’uwagize uruhara rukomeye mu mwaka w’2000 mw’ishirwaho ry’amasezerano ya Arusha, akaba yarafashanije mu buhuza, hamwe na Nelson Mandela.

Benjamin Mkapa yatowe mu nama isanzwe igira 17 y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko yabereye mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya kuri uwu wa gatatu.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo nanyarutse abarundi twarushe kandi turizigiye ko azobishobora kuko arafise umwanya uhagije kandi wewe yarubahirije ibiringo urumva kwico azobwira nkurunziza azogitahura kuko azokwifatirako mukumwereka akarorero ntigaruka zihari iyo umuntu ahonyanze amategeko natumire ibiganiro bidakumira Atari bimwe vyinkina mico kandi uwutazovyitaba bizoba bigararagaye kwari umwasi wamahoro abarundi nakarere ekambere namakungu yose nuguca bahagurukira rimwe bakamurwanya kuko azoba ariwe mwasi wamahoro yabarundi nakarere burya aba DD baragoye igihe cose bama arintovyi ndibokako nambere baribase guhanvya abandi mugushira ikigukumu kumasezerano yamahoro iyo akarere kadahagura ngokabatere igitsure mukubabwira ko bagiye gushirwa mumirwi yiterabwoba ntibari gupfa basinye nuburero akarere muraba mutibagiye iyo nkebuzo

  • Benjamin Mkapa Jewe Ndamuzi Cane Kubarusha! Numugabo Yitonda Ivyaguhanuye Ubikoze Bigenda Neza Cane Naho Bokwanka Cane: Kandi Niwe Yahanuye NKURUNZIZA Karekuriwe 3éme Mandant.

  • uyo wewe azokora icazi nka mwalimu ndabasavye tumwunvirize kandi tumwunvire

  • Benjam Mkapa Turamwemera Yaragize Uruhara Runini Muguhuza Abari Bashamiranye Muburundi Natangure Ningoga Ahuz Abarundi Gisor

  • Mbuwo avuga ngo aba dd baragoye intumva nibande abadashima nibande?sabo bagasahuye kuva kera nubu bashaka ubutegetsi kunguvu nibitonde igihugu kiri mwabagabo ntikizongera kugwa mwisanganya nkarimwe ryi 1988

  • Reka Turindire.Bizomugor Kubera Leta Yananye Kuko Ishaka Kuganira Nabo Basanzwe Bacuditse.

  • Natngur Hakr Kare,nizre Ko Azkumvgwa

  • Imana ikor’ivyayo hamwe hoboneka amahoro muburundi abarundi twoshima bamwe twarataye igihugu camavuka tuzahanzetura

  • ndashimye cane kowomuhuza wabarundi nakomeze ahanura.

  • Barundi twese,tubanze dutahure kandi tunemereko turi Abanyavyah maze twisabire Imbabaze kuko Ibidashobokera Abana babantu imbere y’Uhoraho birashoboka ! Ivyo mbona n’aho tugeze,n’ukuri Inyishu y’Imana y’Abagororotsi iriko iraboneka ! Abasenga n’abizera Ibidambidambi Igihe cacu cari iki ngo Duhinduke.Yezu Kristu ngo: "Uwunyizera naho azoba yarapfuye azongerakuba muzima." Yezu Mwiza,Umuco Wawe niwigaragarize muri uyo Muhuza,Amaraso y’Abarundi ntabandanye aseseka.Ninahazwa Mwami.

  • NUKURI TWIBERE MUMAHORO NIVYO VIZA PE.

  • NUKURI TWIBERE MUMAHORO NIVYO VIZA PE.

  • Abarundi twarasubiye inyuma mu vyerekeye démocratie nk’imyaka hafi 100. Abami bagitwara twari dufise démocratie gusumba iyo dufise uyu musi.Mbega twoba twarateye imbere muri politique na démocratie tukaba abarundi twama turiko turahekurwa ryaka kandi abatwicira bari mu butegetsi BWITWA KO BWATOWE hama abarundi b’imburakimazi bagasasira ubwo bwicanyi , ukamengo ntakiriko kiraba!!! Uwubahutse kuvuga ngo n’umwansi w’igihugu! Abansi b’igihugu murabaza n’uwo wese yubahuka ubuzima bw’umuntu akabuzimanganya atacamira yitwaje ngo arahambaye! Murazobaza mubabaririkrize aho hambere ntawashobora kwiha uburenganzira bwo kwica umuntu agatako akamuherana nk’uko tubibona kubitwa ba Ndakugarika , ba Rwembe ,ba Kazungu , ba Adolphe ,eka n’abandi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.