IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB yasozereye imirimo yayo mu Burundi

BNUB yasozereye imirimo yayo mu Burundi

mercredi 31 Kigarama 2014

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi burarangiza ikiringo cabwo burundu kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 31 Kigarama 2014, nkuko biri mu masezerano 2137 y’inama nkuru y’umutekano, aho basaba Umunyamabanga mukuru gutegura isubirizwa rya BNUB n’umugwi muto (équipe pays).

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi(BNUB) bwatanguye ibikogwa vyabo mu Burundi kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2011, aho bwari bufise uruhara mu gushigikira inzego z’igihugu c’Uburundi, mu gutsimbataza inzego z’igihugu, gushira imbere ibiganiro mu gihugu, gufasha mu kugwanya ukudahana vyari vyabaye ndanse mu Burundi, gukingira agateka ka zina muntu no gutunganya imigambi y’iterembere n’ubutunzi cane cane mu gutsimbataza amahoro.

JPEG - 53.6 ko
Parfait Onanga Anyanga, yahora aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Ubwo buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bukaba burangiza ikiringo cabwo burundu kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 31 Kigarama 2014, nkuko bari babisabwe n’Inama Nkuru y’umutekano ya ONU, aho izoca isubirizwa n’umugwi muto (équipe pays).

Kubwa Parfairt Onanga Anyanga aserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, arashima intambwe bari bagezeko mu gukorana n’inzego zitandukanye z’igihugu. Aho akavuga nko kuba barashoboye gufasha mu gushira imbere ibiganiro hagati y’abanyepolitike batandukanye, agatanga akarorero k’urupapuro rw’inzira (feuille de route), hamwe n’ivyo BNUB yaranguye mu gutsimbataza intwaro ibereye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Parfait Onanga Anyanga amenyesha ko aravye ubwira n’ishaka abategetsi b’Uburundi berekana, arizera ko amatora yo muri 2015 azoba meza kuri bose.


Alida SABITEKA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.