IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB yaneguye ingingo Reta y’Uburundi yihutiye gufata

BNUB yaneguye ingingo Reta y’Uburundi yihutiye gufata

jeudi 5 Ruheshi 2014

Mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bamenyesha ko ivyashikiye umukozi wabo Abednego Mutua agafatanwa amasasu ku kibuga c’indege ca Bujumbura ari isanganya ryatumwe n’ukwibagira. Muri BNUB bavuga ko Reta y’Uburundi itari kwihutira kumwirukana, kuko ico kibazo impande zompi zari kugitorera inyishu zisunze amasezerano ahuza ONU n’Uburundi.

Mu rwandiko rwasohowe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, umuvugizi wa BNUB, Vladimir Monteiro yibutsa ko Abednego Mutua yahora ajejwe umutekano wa hafi (Sécurité rapprochée) wa Parfait Onanga Anyanga arekuriwe kugendana ibirwanisho, kuko n’amasezerano hagati y’Uburundi na ONU yo kuwa 28 Kigarama 2011, mu gace kayo ka 36, arekurira Abednego Mutua, nk’umuhinga muvy’umutekano, kugendana ibirwanisho.

Mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) barabeshuza ivyo Reta y’Uburundi yamenyesheje ko Abednego Mutua yafatanwe ikirwanisho, kandi yari afise amasasu gusa yibagiriye mu bintu yari atwaye mu karuhuko yari agiyemwo mu gihugu ca Kenya asanzwe avukamwo, nk’uko mbere nawe nyene yavyiyemereye mu rupapuro rwemeza ivyo yari ahejeje gufatanwa (procès verbal) yateyeko umukono. Nk’uko Vladimir Monteiro umuvugizi wa BNUB abimenyesha, kuba Abednego Mutua yaribagiriye ayo masasu mu bintu yari afise, ntivyari bikwiranye n’uko muri Reta bari guca banyarukira kumwirukana, bakamenyesha ko hari izindi nzira zari gukoreshwa zijanye n’amasezerano Uburundi bwagiranye n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

JPEG - 2.8 Mo
Vladimir Monteiro, umuvugizi wa BNUB

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bumenyesha ko mu kwirukana uwo mukozi, Reta yahonyanze amasezerano y’i Vienne ajanye n’imigenderanire, kuko iyo ngingo y’ukwirukana (Doctrine de persona non grata) ikoreshwa ku bakozi ba ONU baba barungitswe n’ibihugu vyabo mu yandi ma Reta, ariko itigera ikoreshwa ku bahinga canke abandi nk’abajejwe umutekano.

Muri ubwo buserukizi bwa ONU mu Burundi basaba ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ko bwokura ico gihano c’ukwirukanwa kuri uwo mukozi yahora ajejwe umutekano wa hafi (Sécurité rapprochée) wa Parfait Onanga Anyanga, gutyo akurikiranwe hisunzwe izindi ngingo ziri mu masezerano ahuza ONU n’Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Erega iyo Reta ntaco igitinya basigaye bubahuka nabajejwe umutekano rurangiranwa kandi ba ONU!!! Hahaaa yewe kutiga ngumenye biragatsindwa ntibazi nivyo bakora nuwuraye arararota ingingo afata aca ayifata ntacobacibanga ahubwo nakamaraza izombonerakure zitabirekuriwe kubitwara ntibazifata muga bagafata ababirekuriwe

  • Ahubwo bari kumwirukana uyo musi nyene bamufatira ku kibuga c’indege muca mwitwaza ko ari isanganya yo kugira amasasu murarinda basha!! Reta irabubahuka nyene kuko namwe muri nk’abandi

  • ahubwo kuberiki batabanje kumuta mumunyororo ! nigiki cerekana ko arisanganya ? ONU ntabwo ariyo itegeka igihugu cuburundi, muze muvana agasuzuguro hiyo. Azogende kugirira isanganya iwabo. Ninde yokora amanyanga akemera ko yayakoze nibigirankana!

  • NDATAHURA KO ONU BATAYUBAHIRIJE ARI NDASHIMA UKO RETA IYIFATA NKIVYATSI KUKO IRIGAYISHA KO ATACO ISHOBOY IMBONERAKURE IMBERE YA PRESIDENT ZIGENZA UKO ZISHATSE ONU IBONA BAKOZI IKI REKA BASHIKIRWE.

  • Mbega ko mwiyibagiza Nkuruziza ivyo yakoze mubudagi frankuft aho yabujije indege kuguruka kubera ubugugu yinjirana inkoho nabamucuze bose baka nababoha gushika bamenye ko ari umukuruwiguhugu yaaa? Kiretse umuntu yiheze bamuzi? Rekaaaaaaaa DD

  • ONU nincuti yu Burundi kandi abarundi natwe turi ONU umuntu wumukozi wa ONU akozenabi arahanywa kugatwekiwe ariko ntihahanwa ONU, ninacogituma hahawe amasaha 48 uwonyene yafatanywe ayomasasu ntabworero hahawe amasaha 48 BNUB.

  • ahubwo l’État yagize nabi iyobabanza kumufunga Hama nweri nawe urikijuju.kwatibagiye gufungura?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.