IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bob RUGURIKA yatumweko mu butungane

Bob RUGURIKA yatumweko mu butungane

lundi 19 Nzero 2015

Umuyobozi w’insamirizi RPA, Bob RUGURIKA yarungikiwe umutahe w’ukuzokwitaba ubutungane kuri uwu wa kabiri muri parake ikukira igisagara ca Bujumbura.

Inyuma y’urukurikirane rw’amatohoza amaze iminsi ashirwa ahabona na RPA (Radio Publique Africaine) ku bijanye n’ubwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’abatariyanokazi batatu Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75 mu Kamenge, umuyobozi wa RPA, akaba ari nawe ariko akora ayo matohoza, yarungikiwe umutahe w’ukwitaba ubutungane kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 20 Nzero 2015, igihe c’isaha zitatu zo mu gatondo kuri parake ikukira igisagara ca Bujumbura.

JPEG - 127.4 ko
Bob RUGURIKA, umuyobozi wa RPA

Kuri uwo mutahe, handitse ko Bob RUGURIKA atumweko kugira atange umuco ku makuru RPA imaze iminsi ishikiriza kuri bwa bwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’abatariyanokozi, yongere atange n’umuntu yiyemerera ko ari mubakoreshejwe muri ubwo bwicanyi. Tubibutse ko uwo munyagihugu avyiyemerera aho ari mu kinyegero, avuga ko inama zibiri zagizwe mu gutegura ubwicanyi bwahitanye ababikira zabereye mu bunywero bita Iwabo w’abantu bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza. Uwo munyagihugu akavuga ko mu nama ya mbere yarimwo nawe, harimwo kandi n’abandi bantu nka Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza, umuporisi yitwa Ayubu, na Major Joseph Niyonziza batazira Kazungu, Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge n’abandi.

Uwo Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge akaba kuri uwu wa mbere yitwariye insamirizi RPA mu rwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru, agasaba ko urwo rwego rwobwiriza RPA ikabeshuza ayo makuru, kuko avuga ko yakorewe inteba ishushe. Naho biri uko, mu ruganda rw’itohozamakuru rwa RPA bamenyesha ko batahengeshanije kurondera uwo Guillaume Harushimana kugira agire ico ashikiza kuvyo yagirizwa, ariko akaba yagumye abaha isango atigeze yubahiriza.

Bob RUGURIKA, umuyobozi wa RPA atumweko mu butungane mu gihe hari amakuru avugwa ko hoba hari umugambi w’ukumugandagura uriko urategurwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nyemerera ngire ico mbarira abasomyi b’igihe.Murazi neza ko mu Burundi buri gihe iyo hari uwo badomyeko urutoki kubijanye n’ubwicanyi kanaka akaba ari umutegetsi canke akaba ari umwishikira k’umutegetsi kanaka,incuro nyinshi uwabivuze niwe ahinduka umunyamakosa ndetse kenshi no kwicwa amera nk’amazi amenetse mu mucanga............MWARABU kwariwe yarazi ibanga rya bapfiriye mu Gatumba ubu arihe? amaze kuburigwa irengero ninde yosubiriye kuvuga kuvyabapfiriye Mugatumba?Senga Imana naho ubundi Bob Rugurika ntariho,mbe iyo mubona abantu bapfa ntihagire umutegetse avuga muba mwibaza ko bishwe nande?Guillome niba bamubeshera yabuzijwe n’iki kubinyomoza kandi RPA yaramurondeye ntayitabe?kuki yatanga isango ntaryitabe? Yarakivugana n’ umutegetsi mubo bafatanije kugi ngo ntahave yitaba abanyamakuru ngwamene ibanga,kuko abonye ko vyose amaze kubitunganya ati reka niture CNC nibo bazonkingira,Rekeraho kukoukuri kugiye kuja ahabona.

  • MUZE DUSENGE ABA BASAZI ATACO BATINYA , ATA TEGEKO BAZI GUKURIKIZA,BIFUZA GUKORA IKIBI GUSA KUKO UMUNTU YICA ABASAZA NKABARYA BABIKIRA BAKOREYE IGIHUGU CACU NTA KINDI BOTINYA ..EREGA ABICA NKA ADOLPHE ,BUNYONI,PETER ,AGRICOLE,N ABANDI BAMENJA BAGUMA BIYUMVIRA GUHITANA ABANTU KUKO NIBAVA KU BUTEGETSI NABO BAZOBAZWA AHO NDAREMYE...

  • Ntibabe bamupimye ko nka mutama
    Pierre clever kugira ngo bace bamupfunga
    Kandi yababwiye akanabereka ivyazi
    Ntiribe aritotezwa rigire risubire ritangure kubanyamakuru
    Turiyamirije abo base boba bashaka kugandagura umuyobozi wa RPA Bob Rugurika iyongendo yo kwicana ntakibanza igifise mugihu cacu.

  • abo bagabo bazohimba amaraso yabantu ryari?reka ndabibutse ko amaraso yabantu ahuma,mutama Bob uze witabe ubemeze intahe ibokere,barahumba bazobibazwa,imbwa irapfa ntibura shebuja,RPA komeza amatohoza wirambire numunyagihugu yahora abura aho aritoborera umuha micro akikora mugahogo

  • bobo komera ntukagwe kandi nuwaguhaye amakuru,ntumuvuge kuko niwe,bashaka kugira,bamwice bihere emera,ufugwe uzofugugwa ntukangwe nizojavyi kukwica ntibishoboka wewe bakagufuga,ntaco kazima ukuri uzoba wagushize ahabona komera nkumuziga ariko gamana,izijavyi ntiwozidukurako zaba dd ababicanyi badahaga amaraso

  • Je nibazako atamakosa arimwo kubona arengukishwa, ukuri kuje ahabona.Hose kw’isi personne n’est au dessus de la loi. Et tte personne, citoyen ou étranger, doit coopérer avec la justice quand I’ll s’agit d’eclairer la justice ou de fournir les preuves en d’une investigation judiciaire. Iwacu I Bdi kurengukishwa kuri parake umengo n’ukwambikwa ibara canke iceyi!!! Ariko birimvikana kuko ubutungane bwakora neza cane ku ntwaro za cami.

  • Biragaragara ko ata freedom muri Media IBurundi!!Justice yaho n’umugambwe utwara nta tandukaniro rihari!!Birarenze pe!!BURUNDI#MANYANGA TU!!

  • MANA TURAGUSAVYE ABAKOZE UBWICANYI BWABARYA BABIKIRA BABA ITALIANO BAMENYEKANE .NICO BABAHOYE HAMA BAHANWE CANKE BAGIRIGWE IKIGONGWE.KANDI VYARATUBABAJE.

  • Ariko jewe murantangaza! Kugerubu ntimurabonako ngaha mu Burundi hariho umurwi wabarundi wankurunuka uwowese yitwa umusirikare canke umu polisi bigihugu cu Burundi!? Ndashaka kubereka uwomurwi mwumva wankurunuka abajejwe umutekano wu Burundi igihewatanguriye. Mugihe camasezerano canke igihe cibiganiro vy’Arush TZ, abaribarikuruhande rwa leta yakera twita yubwokobumwe bamwemuribo arikobakecane ntibashaka Ko habaho ibiganiro nabarwanya iyontwaro yubwokobumwe, ariko bishitse mubaribashinzwe umutekano wuburundi (abasirika) bobakabonako ibiganiro ninyeshamba bikwiyekuba bakabihurizako cane nuwari perezida Buyoya, icogiherero abarundi bamwe barimuburundi nabanwebamwe babamubindibihugu bitandukanye vyokw’Isi batanguye kwishiramwonabi abajejwe umutekano abasirikare buburundi ngokuko bashigikira ibiganiro ngokandi bagifise ibirwanisho, murahavamumbaza muti none koharibamwe bankurunuka igisirikare (abajejwe umutekano) kandi kiriyavihe barimwishamba? Ego nivyo mubahoze bashigikiye abarwanya intwaro yubwoko bumwe nabonyene harimwo abankurunuka ikigisirikare kuko nabonyene igihahatangura ivyimishikirano bamwemuribo harimwo abavugako arugutumwanya wubusa ngokuko vyasebikunze nukuzogifatacose nkakurya kw’Inkotanyi mu Rwanda. Abobantuboserero ndababwiye kubera igitigiricabo carigito vyatumye ibiganiro bibandanya ukurikwamye, ariko akabagumye mumitwe yabokiriyagiye ntitwakamenye ariko abarimugisirikare cubwokobumwe mu Burundi baratebwubwoba Ko nibabacanga nabavuyemwishamba bazobagiriranabi ivyobabibabwira kugirabarebeko kwabasirikare bovugako bobobazorwana kugeza babayimva. REKANDANGIZE NDABABWIRA KO ABOBANTU BATASHAKA KO HABIMISHIKIRANO BARI KUMPANDEZOSE CANECANE MUBA CIVIL ARIKO KUBAHURIRA KURUGAMBABOBO BABONAKO IMISHIKIRANO ARIMYIZA NICOGITUMA ABARIBASANZWE MUGISIRIKARE CIGIHUGU CAKERA NABARIBAVUYE MUMIRWI YAKIRWANYA BITAGORANYE KUGIRABABANE MURABONAKO NUNOMUSI BIBANIYEBO MUMAHORO KUBARERO BABANYENYE MUMAHONO NUMUBABARO UDASANZWE KURIBAMWE NABABWIRA BARIKUMPANDEZOSE BATASHAKAKO HABIMISHIKIRANO, NINAYOMPAVU UGIRAGUTI UKUMVA IGIBAYE HADUTSE UMUNTURUNAKA AKAVUGANGO IBIBINTUVYABAYE NGOVYATEWE NA GENERAL RUNAKA, CORNEL RUNAKA, MAJOR,COMANDAT, UMUSIRIKARE, UMU POLISI RUNAKA. NINAHOKANDI MUZOBINA ABOBAJEJWE UMUTEKANO BAKORA IBIKORIKA MUGUCUNGERA IGIHUGU MUKURWANYA ABITWANJE IBIRWANISHI KAKARWI KABANKA URUNUKA AHOKUBASHIMIRA AHUBWO GATANGURA KUBASOMERA IVYAMATEGEKO YIVYINTAMBARA. KURIVYOVYOSERERO AMAKUNGU BIRAYAGORA KUMENYAKO AKOKARWIKANKURUNUKA ABAJEJWE UMUTEKANO WUBURUNDI KOBAGAKORESHA INZIGO YAKAZIKIRA YATANGUYE MWABIRIYABIHE NABASOBANURIYE ABOVE. MURAZOKURIKIRANANEZA KW’ISI NZIMA NIHAKE UZOKWUMVA UMUMENYESHAMAKURU UMU CIVIL CANKUYUNDI AGENDA MUKINYAMAKURU KWI RADIO NGWAVUGENGO" MUMATOHOZA TUMAZEMWO IMISI AREMEZAKO" GENERAL, COLONEL, MAJOR, NIWEYAGIZIBINIBI AFATIKANIJE NABARIYA KUGIRABICE UWONYAKWIGENDERA!!!.

  • bob rugurika komera imana irakubona mbega ivyobinywaraso vyababishe bibahoriki barya bari abakozi bimana ivyabo ntibizijana rindira gato murabe imperanimperuka ababigize bizobagarukako nagombakandi gusaba radio rpa kubandanya amatohoza muzotubarire ikintu catunyebicwa icarico kuberandumva harivyinyegej inyuma.

  • Yoooooo Mana ushobora vyose ,turamusengeye Bob Imana imurinde aba bicanyi ..abo bagesera abace kumaziiiiii...............jewe nkunda RPA ..ndazi ararusimba ewe Adolphe umusi baguciye I clane nzorara muri soiree

  • Ikintu kiriko gituma uburubdi budakira ni ukubakira ku kinyoma. Uyu mugambi wo kwankanisha abantu n’ubutegetsi ntimwibaze ko ari jeu du hasard; ababikora barazi neza aho bagomba gushika. Ku musomyi ari avisé nagomba yiyumvire: Ni kuki igihe cose hatumweko umuntu adashigikiye ubutegetsi ngo aje gutanga umuco ku vyo yavuze rica ryitwa itoteza ariko iyo hagize umuntu adasanzwe ari muri uwo mugwi mpejeje kuvuga ahamagarwa ata b’iradiyo ibivuga? Ndabizi ko amashirahamwe make mu yari mu Burundi yavutse inyuma y’uko twinjiye muri démocratie. Iyo ubiravye neza ayo mashirahamwe intumbero afise n’uko twosubira muri za ntwaro za kera, niyo mpamvu mubona bakora ibishoboka vyose ngo berekane ko vyose vyirabura abatabizi nabo bagapfa gukurikira, ikibabaje nuko bazokwicuza ataco bakivuna. Mwibuke Micombero yavuze ngo:" Uwushaka akayabu agatuma akandi". Uwuri n’ugutwi kwumva niyumve!!!!!

  • @twaje wewe utegerezwa kuba uri umujecuru yahorayandika ngaha mama niwewe wahinduye amazina kura izo bibiriya,ngaha wandika ja,murusengero kwigisha abo benewenyu nayo ngaha ntanumwe ushobora kwigisha baza urabe umutwe,wawe !!!!?

  • Bob ntugira ubwoba Imana iri kumwe nawe.ivyo I radio urongoye yadushikirije ntivyakorotse biva mwijuru kuko namatohoza yakozwe,rero naho ngaho iwacu uwuvuze ukuri aca akuzira ,rya umutima amenyo uhangane nabo bicanyi Imana irakubona.ubutungane bwo urazi ko arubwa leta ataciza cabwo atari gushira abantu bahirahiriye bagashira ahabona amanyanga akorwa nubutegetsi mu buroko .ariko vyose bizohinduka.

  • UYU MUNTU YIYISE TWAJE NTACO AVUZE ADUTESHA UMWANYA YANDIKA VYINSHI NTA BWENGE BURI MWO ARASAMAZA ABANTU NGIRA ARAZI IGITUMA ...ANDIKA BIKE BISUKUYE

  • mana turagusavye udukureko ABATWARE BABICANYI,babasambanyi,BABASUMA,bamaze itunga ryigihugi, (ABA DD°)UDUHE UMUSHINGANTAHE W’IJUNJA NIJAMBO .AKORA ISHAKA RYAWE.HAMA ABARUNDI DUTERIMBERE ABASUMA NA BAMBUZI BABURE IJAMBO.

  • @ Nwari, abobantu uvugako bandika ugazanga ukwiye kubita kwarijewe Mr. Twaje, ahosinokwagirizako arigitutsi ukoze kukondaziko harihisinzi ryabantu duhuje ivyiyumviro, ariko Igihe hazogira uwuvugako kojewe nihinduye nkiyita izina Nwari nzomwiyamiriza arikontabirwanisho nzofata. Hanyuma nawe Mukobwanjana, gusoma iciyumbiro cumuntuyanditse canke ukakireka nuburengazirabwawe kandi ntakosha ubukoze ivyorero ntitwobipfa tugiramahoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.