IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza : Ibisigarira vy’abaguye mu bwicanyi bwo mu Kivyuka vyahinduriwe (...)

Bubanza : Ibisigarira vy’abaguye mu bwicanyi bwo mu Kivyuka vyahinduriwe ikibanza

mardi 9 Mukakaro 2013

Ku munsi w’ejo niho ibisigarira vy’abaguye mu bwicanyi bwabereye mu Kivyuka, mu ntara ya Bubanza vyahurwa kugira bihindurirwe ikibanza, kugira ibikorwa vyo kwubaka ibarabara rya Bubanza vyari vyahagaze kuva mu mwaka uheze bishobore kubandanya ukuri kwamye.

Amasandagu yari ahari akaba yaharurwa muri cumi, bikaba kandi vyari bitegekanwa ko ivyo bisigarira bica bijanwa gushingurwa mu kindi kibanza.

Ibikorwa vyo kwimba ikinogo ca mbere muri ivyo vyari vyahambwemwo abantu mu kivunga vyatanguye bihagarikiwe n’abarongoye intara ya Bubanza hamwe n’inzego z’umutekano.

Makoto Charles, aserikira ishirahamwe ry’imiryango yacitse kw’icumu n’iyababuze ababo muri ubwo bwicanyi amenyesha ko ivyo bikorwa vyatunganijwe gihutihuti mu gihe ishirahamwe CICR ryari ryemeye guterera agacumu k’ubumwe mu ntumbero y’uko ivyo bisigarira vyoshinguranwa iteka mu kindi kibanza.

Twobibutsa ko ubwo bwicanyi bwabaye ku genekerezo rya 3 Rusama umwaka w’1996, kw’isoko ya Kivyuka, mu ntara ya Bubanza.

JPEG - 55.8 ko
Photo : Isanganiro

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.