IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Agahengwe kagiye kuboneka inyuma y’indwi irenga amakara (...)

Bujumbura: Agahengwe kagiye kuboneka inyuma y’indwi irenga amakara ataboneka

mardi 22 Nzero 2013

Imiduga ipakiye amakara iyazana mu gisagara ca Bujumbura yari yahagaritswe mu nzira yarekuwe, ubu rero abarangura amakara kuri abo bayakura mu gihugu hagati bakaba bamaze kuja kuyarangura kugira bayashikane mu bibanza basanzwe bayadandarizamwo.

Mu kiganiro umuvugizi w’igipolisi c’u Burundi Elie Bizindavyi yahaye abamenyeshamakuru mu gitondo c’uyu musi yabamenyesheje ko bafashe ingingo yo kurekura imiduga imanukana amakara mu gisagara ca Bujumbura.Ariko rero ngo abapakira amakara bararenga amategeko kuko bapakira menshi cane arengeye amatoni izo modoka zitegerezwa gutwara.

Iyo miduga ingana hafi 20 ikaba yariyugaraniwe n’igipolisi kw’ibarabara R7 muri komine Nyabiraba iri mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura rural,ikaba yagirizwa n’igipolisi kurenza urugero mu gupakira amakara.Bamwe muri bo bakaba bari bahamaze indwi irenga bahagaze muri ico kibanza abapolisi babasavye kugabanya imifuko ngo bayisige bazogaruke kuyitora nabo baranka kuyisiga mu gahinga.

Umuvugizi w’igipolisi akaba yavuze ko naho babarekuye uwu zosubira kurenga amategeko azotanga ihadabu y’amafaranga ibihumbi ijana vy’amafaranga y’amarundi(100 000 fbu),nk’uko itegeko rishasha rigenga uruja n’uruza mu mabarabara ribivuga.

Ariko abo barangura ayo makara bayakura mu gihugu hagati bobo bavuga ko bapakiye kushika ku rugero igipolisi kibasaba kutarenza bacabakora bahomba ngo baharuye amafaranga y’ibitoro n’ayo bakotesha iyo miduga.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.