IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Ibiyayura mutwe binyobwa ku mugaragaro

Bujumbura : Ibiyayura mutwe binyobwa ku mugaragaro

mercredi 19 Ruheshi 2013

Ibiyayura mutwe mu gisagara ca Bujumbura si agaseseshwa rumuri biriho, kandi biranyobwa ukuri kwamye, mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura atandukanye urwaruka rutari ruke rurihereza ubwo bumara ukuri kwamye atagutinya, ndetse bamwe bamwe usanga batemberana umusogoto w’urumogi mw’ibarabara.

Abarongoye amakaratiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, barazi tudakekeranya amabarabara anywererwamwo ubwo bugesera, kuko abo bana ndetse harimwo n’abakuze ntibinyegeza. Abanyagihugu twavuganye bo mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko Leta yatanye n’akabando umugambi wo guhasha abantu biyicisha ubwo bumara na cane cane ko igisagara ca Bujumbura cari gikwiriye kubera akarorero izindi ntara bakarwanya bimwe biboneka iyo ngeso y’abantu biyicisha ubwo bumara.

Ubumara bw’urumogi buva mu biterwa vy’urumogi, ubwo bwoko bw’amababi rero akaba aribwo bunyobwa n’abantu benshi cane. Ivyo biyayura mutwe rero bifise ingaruka mbi cane ku magara y’abantu nk’uko tubishikirizwa n’abajejwe amagara y’abantu, uretse ko bishika y’aho umuntu agera aho ubwenge buhera, n’izina ryavyo birabiranga, kuko biyayura umutwe, umuntu ugasanga afashwe n’indwara zo mu mutwe.

Amabarabara asigaye yarabaye iciro ry’umugani mu kwihereza ibiyayura mutwe ni amabarabara yo muri komine Ngagara mu makaratiye ya gatanu na gatandatu muri iyo komine, hakaba kugituro ca gare du Nord, mu mabarabara amwe amwe yo muri komine Rohero, aha twotanga akarorero k’ibarabara riva muri komine Nyakabiga ryinjira muri Rohero uciye aho bita ku kiraro ca Mao, ahandi naho hakaba ari muri karatiye Asiatique munsi y’ubunywero bw’ahitwa kwa Teranse, n’iruhande y’inyubakwa y’amareresi ( ciné Cameo) ukabandanya iryo barabara gushika kuri kaminuza yitwa Université Sagesse d’Afrique.

Aho muri iyo karatiye , birateye agahinda kuko uhasanga abana bari hagati y’imyaka 7 na 27, bicaye hamwe bariko barasangira ivyo biyayura mutwe, eka ndetse n’ubusuma bukorwa mu makaratiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, ngo bwoba bukorwa n’abo bana, aho amasaho y’abakenyezi yo yahahoneye.
Abanyagihugu basaba abajejwe umutekano guhagurukira abo bihereza ubwo bumara amazi atararenga inkombe, kuko izija guhona zihera mu ruhongore, iyo ngeso idatujijwe yoheva mu minsi ikwega ingorane mu gisata c’imibano.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbe kusanga na bamwe mu bajejw’umutekano nka ba polisi bari mu banywa ivyo biyayura mutwe ni hatari kweri Leta ikwiriy guhaguruka nayahandi je ndabon’uburundi bw’aba sazi gusa mumyaka iri mbere!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.