IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Inama y’abarongoye Abasirikare bo mu muryango wa Afirika (...)

Bujumbura: Inama y’abarongoye Abasirikare bo mu muryango wa Afirika y’ubuseruko

mardi 15 Nzero 2013

Abisirikare bo mu bihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko baratunganije inama y’iminsi itanu kugira mu ntumbero yo kwungurana ubumenyi kuvyerekeye kurwanya iterabwoba n’ayandi mabi.Iyo nama ikaba yatanguye kuri uyu wambere igenekerezo rya 14 Nzero umwaka wa 2013 ,i Bujumbura.

Kubw’intwazangabo général de brigade Audace Nduwumusi yari arongoye intwazangabo z’u Burundi muri urwo ruganda,yamenyesheje ko intumbero yarwo ari ugutegura izo ntwazangabo zo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko,mu kubigisha ingene bokora ibikorwa vyo kurwanya iterabwoba, n’ubundi bukozi bw’ikibi bushobora kwaduka mu gihugu icarico cose kiri muri uwo muryango.Inyigisho zikaba zitangwa n’abagenywe bava muri ivyo bihugu.

Yaramenyesheje kandi ko intwazangabo z’uburundi zizohungukira ubumenyi n’ububangutsi muri izo nyigisho kugira bagwanye iterabwoba n’ubusuma bukorerwa mu biyaga vyo muri kano karere .

Ku kibazo c’uko u Burundi bwatowe ngo abe aribwo buberamwo iyo nama ,Audace Nduwumusi avuga ko ari ikurakurana ry’ibihugu kuko mu mwaka uheze inama nk’iyo yari yabereye mu gihugu c’u Rwanda.

Abamenyeshamakuru barabajije igituma abasirikare bato bato (hommes de troupes) batatumiwe muri izo nyigisho ,général de brigade Audace Nduwumusi akaba yishuye ko bazoronswa inyigisho n’abo bazoba bazironse,yaramenyesheje ko abitavye iyo nama ari abari barigeze kuronka izindi nyigisho zijanye n’ivyo,ko bazoca baja kuvyigisha abandi basirikare.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.