IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Ku mugoroba abantu barahagarara n’amaguru akuma

Bujumbura: Ku mugoroba abantu barahagarara n’amaguru akuma

lundi 2 Nyakanga 2013

Ingorane zibonekeza mu biyunguruza n‘amabisi mu masaha yo ku mugoroba, n’ ayi saha zitandatu, aho abantu bahagarara amasaha n ‘amasaha barindiriye ikibunguruza, vyoba biva ku bituma bikurikira: ubwinshi bw ‘abantu biyongereye, amakaritiye mashasha aguma avuka atagitegekanywa hamwe n ‘ubukene bwabaye ndanse, butuma abo bafise imiduga yo kwunguruza abantu bataronka uburyo bwo kugura imiduga yo gusubiriza iyishaje kuko nyishi baguma bazikura mw ‘ibarabara.

Mu gihe abandi batanga insiguro y’uko ayo ma bisi abura ku mpamvu y’uko ziba zahuriye mw’ibarabara ari nyishi (embouteillage ) bikananirana ko zigaruka gutora abandi, akajagari kibonekeza ku ma bisi haba ku gituro c ‘amabisi aja mu Buraruko bw ’igisagara ca Bujumbura haba no muzija mu Bumanuko bw ‘ igisagara, mw ’ ishirahamwe ATRABU ryo gutwara abantu n‘ibintu bakaba babona ko ibituma nya mukuru ari ubwinshi bw ‘abantu n‘amakaritiye avuka atacategekanijwe hamwe n ‘ ubukene bw’amabisi bwibonekeza kuva hafashwe ingingo y’uko atamodoka mains gauche izosubira kwinjira mu Burundi.

Mugabo Sefu icegera c ‘uwurongoye ATRABU, amenyesha ko kuva mu mwaka wa 2005, hashizweho ingingo y ’uko atamodoka mains gauche izosubira kwinjira mu gihugu c‘Uburundi ku mvo z’uko zitera amasanganya menshi. Mains droite zimwe imiryango iri mu buryo, arizo Leta ibasaba zikaba zizimvye cane.kuva rero iyo ngingo ifashwe baciye bakoresha izahahora benshi ntibazisubiriza. Imodoka zirazimvye hamwe n ‘ibisanzwe bisabwa kugira uyitunge bisaba uburyo bwinshi mu 1985 imodoka y ‘i coaster yagurwa imiriyoni 3 ubu iri ku miriyoni 150. Muri 2005 kuriha, dedouanement yari imiriyoni 3, ubu bigeze ku miriyoni 18. ku bwiwe igiciro ca bus carigikwiye kuduga.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, yavuze ko iyindi mvo nyamukuru muri ayo masaha abantu baba ari benshi . Ati : abantu baguma biyongera ndetse ni igisagara kiguma caguka Leta yari kwiye gutegekanya uko ibintu bigenda. Na cane cane muri kino gihe twinijiye mu karere ka Afrika y ‘Ubuseruko dutegerezwa guhiganwa n ‘abandi, ico gisata cari gikwiye kwitabwaho bihagije. Mw ‘ ishirahamwe ATRABU bagasaba Leta ko yobaha uturusho ntibarihe amakori mu kwijiza iyo miduga, kanatsinda ngo iba ije guteza imbere igihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.