IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Ubushomeri bwugarije urwaruka

Bujumbura: Ubushomeri bwugarije urwaruka

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Mu gihugu c’Uburundi, haraboneka ubukene bw’akazi mu mice myinshi, bigeze ku rwaruka bikunyuka kuko n’uwumvise aho kariko karatangwa ahenshi basaba uburambe mu kazi. Bamwe mu rwaruka, harimwo n’abafise impapuro z’umutsindo batagize amahirwe yo kukaronka bazindukira muvyo bita « kwiyungunganya »,abandi bakavyita « guheza umwanya ».

JPEG - 48.6 ko

Ugeze mu gisagara ca Bujumbura, aho benshi bita kuri BATA, uhasanga isinzi ry’abantu, ku maso basa n’abihebuye, ariko umwe wese ariko akora ivyiwe. Benshi muribo ni abaranzi(commissionaire), abandi ni abafundi, bose bakavuga ko biruta kwicara. Aho ntawokwirengagiza abasuma baca bikika mu kiza bakagenzwa na tubiri.

JPEG - 46.7 ko

Akenshi igipolisi kirabashwiragiza kuko baba basa n’abahagaritse uruja n’uruza rw’abari mu gisagara. Abafise imirimo baba bariko barakora baragwa mu mporera bagafatwa hamwe n’abo bandi, bakajanwa gufungwa, ari naco gituma bidogera igipolisi. Bivugira ko ata kazoza k’abo babona kuko basa n’ababayeho ku musi ku musi, batabona ejo.

Ku kibazo c’ukwo boja hamwe bagashinga amashirahamwe, bagakorera hamwe mw’iterambere, biragaragara ko hagati yabo nyene batizeranye.
Saleh Niyonzima ni umwe mubakorera aho kuri BATA kandi ahamaze imyaka irenga cumi. Avuga ko muri duke aronka, agerageza gutunga umuryango wiwe ugizwe n’umugore n’abana batatu, ariko akanegura ko atabona kazoza kiwe n’umuryango.

JPEG - 48.7 ko

Yipfuza ko we na bagenzi biwe bojijuka bakiga gukorera hamwe, bagashira hamwe inguvu mu kurwiza umwimbu, kuko udufaranga baronka ku musi ku musi ata terambere twobashikanako. Asaba Leta ko mu migambi yayo yokwibuka ubukene urwaruka rwo mu Burundi bw’ejo rurimwo, bafashwe bashobore kwiteza imbere no guteza imbere igihugu.

Mu gihe abona ko bose batoshobora kuronka akazi ka Leta, asaba ko hoshingwa ikigega kijejwe gufasha no gushigikira utwigoro tw’urwaruka rwagiye hamwe rugatanga integuro itomoye y’umugambi w’iterambere.

JPEG - 42.6 ko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.