IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Ubusuma bw’amasaho y’abakenyezi bwabaye ndanse

Bujumbura: Ubusuma bw’amasaho y’abakenyezi bwabaye ndanse

samedi 8 Ruheshi 2013

Amapikipiki atembera mu gisagara ca Bujumbura mw’ijoro, aratera amasanganya atandukanye, ivyo rero bikica amasezerano abo bagendesha amapikipiki basezeranye na Leta, kandi bigahungabanye n’umutekano w’abanyagihugu, harimwo ubusuma bw’amasaho y’abakenyezi.

Abatwara amapikipiki bakaba bagirizwa ko iyo bwije hari abikika mu kiza bagasahura amasaho abagore co kimwe n’ugutera akajagari n’amasanganya mw’ibarabara.
Abagendesha izo pikipiki bari barumvikanye na Leta ko bazoza barahagarika akazi igihe c’isaha 12 z’umugoroba, kandi barumvikana ko batazoshika mu gisagara ca Bujumbura hagati.

Ariko muri iyi minsi biribonekeza ko amasezerano ariko ararengwa na cane cane ko mu masaha yo mw’ijoro izo pikipiki zigenda ukuri kwamye mu makaratiye atandukanye y’igisagara ca Bujumbura ndetse harimwo no hagati mu gisagara. Ikibabaje n’uko baheza bakagenda nabi, batera akajagari kuko muri ayo masaha baba bariko barihisha abajejwe umutekano ngo ntibabafate, bigatuma amasanganya aba menshi na cane cane ko umuvuduko uba ari munini kuri izo pikipiki.

Abagendesha izo pikipiki twashoboye kuvugana, bemeza ko bagendesha mw’ijoro gushika mu gisagara ca Bujumbura kubera ubukene, bakamenyesha ko amasezerano bayahonyanga kugire baronke amafaranga, baremeza ko amasezerano arengwa kandi babibona, bavuga ko iyo batwaye umuntu gushika mu gisagara ca Bujumbura, aheza akariha menshi kuruta uwuba yashikanywe inyuma y’igisagara, kuko n’ababashorera barazi ko kizira gushika mu gisagara hagati. Abo bagendesha izo pikipiki baremeza ko ku murango, bibagora gukwiza amafaranga basabwa na banyene i pikipiki, kugira bayakwize bisabwa ko baja hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Kuri ivyo rero, abanyagihugu baridoga ko abagendesha amapikipiki mu masaha yo mw’ijoro, benshi ari abasuma basahura za terefone ngendanwa, hamwe n’amasakoshe y’abakenyezi tutibagiye imiringa hamwe n’imigufu y’agaciro, usanga ikozwe mu butare. Hari n’ikindi gihe uwugendesha ipikipiki yumvikana n’uwo ahetse ko boba barazunguruka hagati mw’ikaratiye kugira barabe uko bosahura abanyagihugu nk’uko vyashikiye abasore babiri muri komine bwiza mu ndwi iheze, aho bambuwe urukombamazi n’abasuma, mu gihe hari hahejeje kurengana ipikipiki.

Abajejwe umutekano rero basabwa kwama barikanuye kugira bahashe ako kageso ko kurenga amategeko kuri abo bagendesha amapikipiki, kuko ubusuma bwabaye ndanse, kandi bugakorwa n’abo baba bariko baragendesha amapikipiki mw’ijoro.


Aristide Nizigire

Messages

  • ivyo vyabagendesha amapikipiki bugorovye biba amatelephone n’amasakoshi n’ukuri kuko jewe vyarashikiye umugenzi dutashe tuvuye kw’ishule hari mu Ngagara.Usanga n’itara ryerekana plaque ritaka.y

  • ivyo vyabagendesha amapikipiki bugorovye biba amatelephone n’amasakoshi n’ukuri kuko jewe vyarashikiye umugenzi dutashe tuvuye kw’ishule hari mu Ngagara.Usanga n’itara ryerekana plaque ritaka.y

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.