IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bukeye : Basaba ko umusirikare yahumanije akana k’imyaka 12 yohanwa (...)

Bukeye : Basaba ko umusirikare yahumanije akana k’imyaka 12 yohanwa vy’akarorero

lundi 17 Ntwarante 2014

Umusirikare afise ipete rya Sergent Major ari mu gasho ka komine ya Bukeye, aho yafashwe yagirizwa icaha co gufata ku nguvu umwana w’umwigeme afise imyaka 12 y’amavuko.

Uwo musirikare wo muri batayo ya 312, akaba yashurashuje ako kana abanje kugatwara terefone yako ngendanwa, ako kigeme nako, kamukurikira kuyimwaka, ari naho, uyo musoda yaca agafata aragahumira. Ivyo bikaba vyabaye inyuma y’aho uyo musoda asohokeye ubunywero, aho yariko yivuna akanyota hamwe n’abandi bantu.

Uyo mwigeme w’imyaka 12 yahumanijwe n’uwo mugabo akuze wo mu rwego rw’igisirikare, akaba ariko aravurirwa kwa muganga aho mu Bukeye, mu ntara ya Muramvya. Ababanyi b’uyo mwigeme, bagasaba ubutungane guhasha uwo yagirizwa gushurashuza ako kigeme, n’abandi bose bakora ivyo, bahanwe bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.