IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahora batwara imiduga ya Leta bakwiye kuronswa ingurane

Abahora batwara imiduga ya Leta bakwiye kuronswa ingurane

samedi 4 Rusama 2013

Nkuko igihugu c’Uburundi cafashe ingingo yo gushira mu ngiro politike ya sharoi zero, bamwe bamwe mu bahora bagendesha imiduga ya Leta bazoca bataha.

Kubwa Burariya Nibizi icegera c’uwurongoye amashirahamwe mpuzamasendika COSYBU, yasavye ko Leta yofatira ku karorero k’Urwanda, kuko ico gihugu cafashe ingendo y’iyo politikwe ariko bagaca bafata ko umuntu wese azotaha, yoronswa ingurane kugire bace bigurira imiduga yabo baze barayikoresha mu kwunguruza abantu n’ibintu, akaba kandi yasavye ko ibiganiro hagati ya Leta n’abo bashoferi buca bataha vyobandanya kugire ntihaze habemwo ukwutumvikana.

Kuri ako karorero k’Urwanda, umupfasoni Burariya Nibizi avuga ko abo abaronkejwe ingurane aho muri ico gihugu, kiri mu Buraruko bw’Uburundi, bahejeje kwishura ideni ubu izo modokari zikaba zaramaze ku begukira, ubu rero abo bashoferi bakaba bafise uburaro ni uburamuko. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe mpuzamasendika Cosybu igihe hariko harahimbazwa umunsi mukuru w’abakozi n’akazi


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.